OTAN mu nama mu gihe Putin na we yiteze kubonana n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani

Abbas Araghchi yiteze kubonana na Putin kuri uno wa mbere

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abbas Araghchi yiteze kubonana na Putin kuri uno wa mbere

Inyuma y'aho mu mpera z'idwi iheze Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangarije amakungu mu gutera ibigo vya nikleyeri vya Irani, hari vyinshi biriko biraba kuri uno musi mu bijanye n'imigenderanire hamwe na poritike ijanye n'umutekano.

Mu Buholande huguruwe inama y'urunani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe, kandi vyitezwe ko ikibazo c'umutekano mu Buseruko bwo Hagati kiganirwako.

Ku rundi ruhande, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire yashitse i Moscou kubonana na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya kugira ngo baganire ku "bibazo rusangi bibageramiye".

Umushikiranganji Abbas Araghchi avuga ko Irani iha ikibanza kidasanzwe ibiganiro hagati yayo n'Uburusiya ku "bijanye n'ingene ibintu bimeze ubu".

Yavugiye ku mboneshakure ya reta ya Irani ati: "Muri ibi bihe bishasha vy'akaga, mu gihe amategeko n'intunganyo y'isi bigeramiwe, kuganira n'Uburusiya birashobora kugira akamaro kadasanzwe".

Ku bwiwe, Tehran (ubutegetsi bwa Irani) na Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) "bariko baragerageza guhuza ivyiyumviro vyabo vy'abo bahagaze"; ibi bihugu "vyamye bisangiye impungenge n'abansi".

Uno mushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire yashimiye kandi Moscou kubona yiyamiriza ibitero vya Amerika ku bigo vya nikleyeri vya Irani.

Ati: "Igitero ca Amerika ni igitero kikaba n'agasomborotso bitegerezwa kwiyamirizwa ata guca iruhande".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu mubonano hagati ya Abbas Araghchi na Perezida Putin utegekanijwe kuri uno wa mbere, ibijanye no "guhangana n'ibibazo hamwe n'iterabwoba rusangi" biraganirwako.

Imbere y'uko afata urugendo aja i Moscou, umushikiranganji Araghchi yavuze ko Amerika yarenze umurongo utukura mu kurasa ibigo vya nikleyeri vya Irani.

Kubwiwe, Donald Trump ntiyahemukiye gusa Abanyamerika, ahubwo yanabatwaye mu nzira izimiza.

Hagati aho, intwazangabo nkuru nkuru z'igisirikare ca Irani zigabisha ko iki gihugu kizokwihora "bikomeye" kuri ibi bitero vyagomorewe ku bigo vya nikleyeri vyaco.

Ibinyamakuru vyo muri Irani vyasohoye videwo yerekana umukuru w'ingabo za Irani Amir Hatami ariko avugana n'abasirikare bagenziwe mu cumba gitegurirwamwo intambara.

Muri iyo videwo, avuga ko igihe cose Amerika yakoreye Irani "ivyaha" muri kahise, "yamye ibona inyishu ikomeye, kandi n'ubu niko bizogenda".

Hagati aho, umukuru w'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Irani, Abdulrahim Mousavi, yasohoye itangazo avuga ko Amerika yugururiye umuryango ingabo ziwe wo gufatira Washington "ingingo iyo ari yo yose", kandi ko Irani "itazokwigera isubira inyuma".

Ivyononekaye kuri Fordo ni vyinshi ariko ntibiramenyekana, IAEA

Amasanamu y'ibigendajuru yerekana ibinogo ku kigo ca nikleyeri ca Fordo muri Irani inyuma y'aho giterewe amabombe na Amerika

Ahavuye isanamu, Maxar

Insiguro y'isanamu, Amasanamu y'ibigendajuru yerekana ibinogo ku kigo ca nikleyeri ca Fordo muri Irani inyuma y'aho giterewe amabombe na Amerika

Ishirahamwe rijejwe kugenzura ibijanye n'inguvu za nikleyeri, International Atomic Energy Agency (IAEA) rirasaba agahengwe muri izi ntambara kugira ngo rishobore kugenzura ivyononekaye mu gitero ca Amerika ku bigo vya nikleyeri vya Irani.

Mu nama y'abayobozi bayo iriko ibera i Vienne muri Autriche, umukuru wa IAEA , Rafael Grossi, avuga ko ikigo ca Fordo kibonekako ibinogo, ibi bikerekana ko cononekaye cane inyuma y'ibi bitero.

Fordo ni co kigo nyamukuru ca Irani co gutunganirizamwo uranium ku rugero rwa 60%, urugero rwegereye urushobora kuba rwohingurwamwo ikirwanisho ruhonyanganda.

Grossi avuga ko nubwo bimeze uko ata n'umwe ashobora kumenya urugero rw'ivyononekaye mu kuzimu.

Ati: "Kumenya ukungene ibintu bimeze ni co kintu ca mbere nkenerwa kugira ngo habe amasezerano ayo ari yo yose, ibi na vyo nta kundi vyoshoboka atari uguha akaryo abagenzuzi ba IAEA.

"Ni ngombwa ko imishamirano ihagarara kugira ngo habe ituze n'umutekano, gutyo Irani ishobore guha umurwi wa IAEA akaryo ko gushika kuri ivyo bigo kugira ngo barabe ingene ibintu bimeze".

Hagati aho, Irani na Israel birabandanya birasana mu bitero vyabandanije no mu gatondo ko kuri uno wa mbere.

Abanyagihugu bababa 8000 mu bumanuko bwa Israel nta muyagankuba bafise, mu gihe ikigo ntanganguvu nyamukuru ca Israel kivuga ko inyubakwa yaco imwe yononekaye inyuma y'igitero c'ibisasu vya misire ca Irani.

Ku rundi ruhande, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Israel Katz, agabisha indongozi ya Irani ko "azohanwa bikomeye ari nka hamwe ibi bitero vyobandanya".

Hagati aho, hari ubwoba ko Irani ishobora gufata ingingo yo kwugara umuhora wa Hormuz (détroit d'Ormuz/ Strait of Hormuz ), inzira ikomeye icishwamwo igitoro, ibi bigashobora gutuma igiciro c'igitoro kw'isi kiduga cane.