Umukuru w'igisirikare ca OTAN: ‘Igitero c’Uburusiya i Kharkov ntaco kizoshikako’

Jenerali Christopher Cavoli

Ahavuye isanamu, Tom Williams/CQ-Roll Call, Inc

Umukuru w’ingabo z’ishirahamwe OTAN i Bulaya Jenerali Christopher Cavoli, avuga ko igitero c’Uburusiya mu ntara ya Kharkov ataco kizoshikako kubera igisirikare c’Uburusiya ata “buhinga n’ubushobozi” gifise bwo gukorera ku ntambwe iyo ari yo yose.

Uno mujenerali yavuze ibi igihe yari abajijwe n’umunyamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru rya Ukraine Ukrinform mu kiganiro n’abanyamakuru ku cicaro ca OTAN i Buruseri (Bruxelles/Brussles) inyuma y’inama ya komite ya gisirikare, nimba Uburusiya bufise ingabo zikwiye hafi ya Kharkov kugira ngo zikore igitero gikomeye.

Jenerali Cavoli yishuye ati: "Oya. Abarusiya nta ngabo zikwiye bafise zo gutera intambwe ikomeye. Ibi ntavyo tubona. Vyongeye, nta buhinga n’ubushobozi bafise bwo gukora igitero cagutse kugira ngo bifashishe intambwe bateye mu karere kugira ngo bashike ku kintu gikomeye”.

Uno mujenerali avuga ko ico Abarusiya bashoboye ari ibitero bimwe bimwe mu karere usanga bihitana abanyagihugu baho.

Cavoli ati: “Ndavugana cane na bagenzacu ba Ukraine kandi ndizeye neza ko bafise ibintu mu minwe”.

Nubwo Uburusiya buriko bukora ibitero muri ino ntara ya Kharkov, ino ntwazangabo ntizi nimba iki ari co gitero ceruye gitegekanijwe mu ci.

Ati: “Nta ngabo nyinshi tubona ziriko zirinjizwa ahantu na hamwe”.

Amakuru avuguruzanya ku bibera i Kharkov

Kharkov

Ni mu gihe impande zompi zitanga amakuru avuguruzanya ku kungene ibintu vyifashe ku rubuga rw’intambara mu ntara ya Kharkov.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu makuru bwama bushikiriza ku kungene ibintu bimeze, ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ingabo z’Uburusiya zirwanira mu buraruko zateye intambwe zikamenera mu birindiro vy’ingabo za Ukraine mu ntara ya Kharkov, kandi ko zibandanya zigarurira ibigwati.

Ku ruhande rwayo, ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine bitangaza ko ingabo za Ukraine zaburijemwo integuro z’Uburusiya zo kwinjira mu gisagara ca Volchansk.

Mu cegeranyo, ibi biro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine bivuga biti: “Kuva ingabo z’Uburusiya zitanguye iki gitero ku wa 10 Rusama (5) mu ntara ya Kharkov, ingabo za Ukraine zaratesheje bikomeye iz’Uburusiya”.

Hagati aho, uwurongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwa Ukraine, Igor Klimenko, yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Telegram buvuga ko igisirikare c’Uburusiya gifata abanyagihugu baba muri ako karere kikabagira impfungwa.

Klimenko yandika kandi ati: “Ubwicanyi bwa mbere bw’abasivire bukozwe n’igisirikare c’Uburusiya burazwi. Cane cane, umwe mu banyagihugu baba i Volchansk yagerageje kuyanyaga, yanka amategeko ahabwa n’umwansi – Abarusiya baciye bamwica”.

Mu gihe ibitero vyovyo bibandanya kuri Kharkov, ku mugoroba w’ejo ku wa kane ingabo z’Uburusiya zarateye Kharkov zikoresheje indege zitagira abadereva (drone) zo mu bwoko bwa “Shahed”, isaha zitandatu zijoro naho zirekurira kuri iki gisagara ibisasu vya misire, nk’uko bitangazwa n’umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare mu ntara ya Kharkov, Oleg Sinegubov.

Ntidushobora guhirahira ngo dutakaze Kharkov - Zelensky

Perezida Volodymyr Zelensky yagiriza amakungu ko yahaye akaryo Putin ko kwigarurira uturere twa Kharkov

Ahavuye isanamu, Zelensky/X

Insiguro y'isanamu, Perezida Volodymyr Zelensky yagiriza amakungu ko yahaye akaryo Putin ko kwigarurira uturere twa Kharkov

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko akeneye ibirwanisho bibiri vyo gukingira ikirere bikoresha ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot, akavuga ko ibiriko biba muri Kharkov vyavuye ku makungu.

Yabwiye imboneshakure ABC News ati: “Ibintu birakomeye cane. Ntidushobora guhirahira ngo dutakaze Kharkov... Ico dukeneye cane ni Patriot zibiri. Ari nka hamwe twozironka, Uburusiya ntibushobora kwigarurira Kharkov”.

Mu kwishura ikibazo c’umunyamakuru James Longman wa ABC News yari amubajije nimba Amerika ari yo ikwiye kubazwa ibiriko bibera muri Kharkov, Zelensky yavuze ko vyobazwa isi yose.

Ati: “Ni ikosa ry’amakungu. Yarahaye Putin akaryo ko kwigarurira ubutaka. Ariko ano makungu nyene arashobora gufasha”.

Umunyamakuru wa ABC News yabwiye Zelensky ko Abanyamerika benshi bafise impungenge ku mahera Amerika yageneye guha Ukraine.

Hano Zelensky yishuye ati: “Ano mahera ntarungikwa muri Ukraine. Ano mahera akoreshwa n’inganda za Amerika, mu gutanga akazi ku Banyamerika…Kandi ntituriko turarwanira gusa ubwigenge bwacu. Iyaba itari Ukraine, kiba ari ikindi gihugu”.

Zelensky yabajijwe kandi ico avuga ku rugendo umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken. Uno munyamakuru Longman yandika ati: “Zelensky yarahigimanze mu kwishura, nabonye umengo yumva ko yahemukiwe”.

Perezida Zelensky yamwishuye ati: “Ibiganiro ni vyiza, ariko ubu dukeneye uburyo”.

Hagati aho, ibihugu bitandukanye birabandanya gufata mu mugongo Ukraine muri ino ntambara, inyuma y’aho Amerika yemereje imfashanyo y’imiriyaridi 61 z’amadorari y’abanyamerika.

Danemark itangaza ko igiye guha Ukraine imfashanyo nshasha ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyoni 750 z’ama-euro.

Umushikiranganji wa Danemark ajejwe kwivuna abansi, Troels Lund Poulsen, ati: “Iyi mfashanyo igira 18 igizwe ahanini n’uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe n’ibisasu vya muzinga, ivyo Ukraine ikeneye cane”.

Hejuru y’ibi, Perezida Zelensky atangaza ko ejo ku wa kane yagiriraniye ibiganiro kuri terefone n’umushikiranganji wa mbere wa Pologne, Donald Tusk, aho bumvikanye gutegura ubu bwa vuba amasezerano rusangi mu vyo umutekano.