Uwagomba agandagure Donald Trump yamenyekanye

Igisata ca Amerika kijejwe igendereza ryo hagati mu gihugu camenye izina ry’uwagomba agandagure Donald Trump yahoze ari umukuru w’igihugu, akaba yamenyekanye kw’izina rya Thomas Matthew Crooks.

Yari afise imyaka 20 akaba yava mu karere kitwa Bethel Park mu ntara ya Pennsylvania nk’uko iki gisata kibivuga mw’itangazo casohoye.

Trump yarashwe igihe yari mu myiyamamazo i Pennsylvania, urusasu rukaba rwamufashe ku gutwi. Yaciye akurwa vuba aho yariko ariyamamariza, abakozi bo mu gisata c’igendereza bakaba baciye bamushikana ku modoka yari imurindiriye, ubu akaba yamaze gushika i muhira i New Jersey.

Itangazo ryasohowe na komite yigihugu y’umugambwe w’Abarepubulika rivuga ko ameze neza kandi ko ashimira abajejwe umutekano.

FBI ivuga ko iki gitero cari ico gushaka kugandagura Trump.

Igipolisi ca Pennsylvania kivuga ko ata kindi kintu giteye ubwoba inyuma y’iki gitero.

Kevin Rojek wo mu ngabo zidasanzwe avuga ko Crooks ata bimuranga yari afise, ivyabaye ngombwa ko abajejwe igendereza bakoresha ibipimo vya ADN/DNA kugira ngo bashobore kumumenya.

Ntibarashobora kumenya imvo yatumye uno mugabo akora iki gitero, nk’uko Rokek abivuga.

Ibitabo vy’abiyandikishije kugira ngo bazotore vyerekana ko Crooks yiyandikishije nk’Umurepubulika, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika.

Amashusho ya videwo yerekana uno mugabo yarashe ari ku gisenge c’inzu.