Aborozi b'inka muri Komine Gihanga barigina intambwe bagezeko

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru
    • Yakoze inkuru ari, Bujumbura

Abanyagihugu bo muri komine Gihanga, intara ya Bubanza, baherutse guhabwa inka biciye mu migambi itandukanye ya reta, bavuga ko zabagiriye akamaro kadasanzwe zihindura n'ubuzima bwabo.

Bavuga ko umwimbu mu miryango yabo wiyongereye kubera intabire (amase) iva muri izo nka kandi ko baronka n'amata banywa hamwe n'ayo bagurisha.

Maria Nibigira wo muri village ya gatatu, ku mutumba Nyeshanga, zone Buringa, komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza, nasanze avuye kuzanira icarire inka.

Uyu mupfakazi w'imyaka 64 yeretse BBC inka yahawe, mbere iza imaze no kurwira.

Maria Nibigira yabwiye BBC Gahuzamiryango ko izi nka zahinduye ubuzima bw'umuryango wiwe.

Agira ati:"Umwimbu mu mirima wariyongereye, intabire ndaronka iyo nkoresha, iyo mpa ababanyi n'iyo ngurisha. N'amata bikaba uko nyene.

"Muri izo nka ndakuramwo ico mfungura buri munsi, ndaronka n'ico ndiha abakozi bazimfasha.

"Inka ni yo yahindutse isuka yanje, na burya ntagishoboye ibindi bikorwa kuko ngendana ubumuga kandi nkaba n'umupfakazi."

Nko ku metero 400 uva kwa Maria, hari uwundi muhana wahawe inka. BBC yahasanze Clescence Nshimirimana w'imyaka 60.

Uyu mukenyezi na we nyene arashima, aho yemeza ko muri izo nka ashobora kuronka amafranga ibihumbi ijana (100.000 BIF) yo guhemba buri kwezi umukozi azahirira, akongera akamusumira, akagura n'imiti yo kuzivura.

Ariko yemeza ko muri iki gihe bitoroshe namba kuronka icarire.

Muri komine Gihanga abataronse amahirwe yo guhabwa inka basaba reta ko na bo nyene yobibuka.

Musitanteri wa komine Gihanga Leopold Ndayisaba avuga ko igikorwa co gutanga izi nka catunganijwe ku buryo umutumba wose muri itatu imaze guhabwa inka, waronse inka zigera ku 70, kandi abazironka baca baja barokorera abatararonka.

Musitanteri Ndayisaba avuga ati:"Komine Gihanga muri kino gihe ishigikiwe n'amashirahamwe abiri mu mugambi wo gufasha abarimyi kugwiza inka, ariko n'ayandi biteze ko azohagera vuba.

Mu yamaze gutanga inka harimwo PRDAIGL (Projet Régional de Développement Agricole Intégré dans les Grands Lacs) ufasha mu kugwiza umwimbu mu burimyi n'ubworozi mu karere k'ibiyaga binini.

Mu Burundi, uwo mugambi PRDAIGL ufasha cane cane mu ntara za Bujumbura, Bubanza, Cibitoke, Rumonge na Makamba zegereye ikiyaya.

Kuva umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu mwaka wa 2020, yarashize inguvu zidasanzwe mu bijanye no guteza imbere uburimyi n'ubworozi.