Incuti za Ukraine i Bulaya zivuga ko ata mahoro ashoboka Kyiv itarimwo

    • Umwanditsi, Stuart Lau
    • Igikorwa, BBC News

Ibihugu vy'incuti za Ukraine ku mugabane wa Bulaya vyasubiye gushigikira Ukraine, bigashimangira ko ibiganiro ivy'ari vyo vyose vy'amahoro n'Uburusiya bitegerezwa kuba birimwo Kyiv(ubutegetsi bwa Ukraine).

Ni mw'itangazo rusangi ryaraye risohowe n'abarongoye Ubwongereza, Ubufaransa, Ubutaliyano Ubudagi, Pologne, Finland hanwe n'Inama nkuru y'Ubumwe bwa Bulaya imbere y'umubonano utegekanijwe hagati ya Perezida Donald Trump wa Amerika hamwe na mugenziwe w'Uburusiya Perezida Vladimir Putin mu ntara ya Alaska ku wa gatanu w'indwi buca itangura.

Umutegetsi wo muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) yari yavuze ko Trump yipfuza umubonano w'impande zitatu harimwo na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, ariko ubu, uracari hagati ya Trump na Putin, nk'uko vyasabwe n'iyi ndongozi y'Uburusiya.

Zelensky avuga ko amasezerano ayo ari yo yose Kyiv itarimwo azovamwo "ivyemezo bipfuye".

Imbere y'aha, Trump yari yavuze ko yoshobora kubanza kubonana na Putin, aho yabwiye abanyamakuru ko yategura "gutangura n'Uburusiya". Ariko yavuze ko yizeye y'uko "dufise amahirwe" yo gutegura umubonano hagati y'impande zitatu na Putin be na Zelensky.

Ntibizwi nimba Putin yovyemera – amaze kwanka akatari gake amahirwe y'ibiganiro amaso mu yandi, kandi aba bategetsi babiri ntibarigera babonana amaso mu yandi kuva Putin atanguje iyi ntambara, haraciye imyaka irenga itatu.

Ku wa gatanu, Trump yumvikanye kandi avuga ko "hazoba uguheberanira ubutaka" kugira ngo Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) na Kyiv bashike ku masezerano – ikintu Zelensky yiyamirije yivuye inyuma.

"Ntidushobora guha agashirukabute Uburusiya ku bibazo bwateje", niko yanditse ku rubuga rwa Telegram. "Ingingo izo ari zo zose zirondera kuducuvya, ingingo izo ari zo zose zizofatwa Ukraine itarimwo, ni ingingo zirwanya amahoro".

"Abarusiya... baracarondera kutwemeza iciyumviro co 'guhanahana' ubutaka bwa Ukraine ku butaka bwa Ukraine, ikintu ata na kimwe gishobora kuzana uretse gushira mu kibanza ciza Abarusiya kugira ngo basubire batere iyindi ntambara", ni ko yavuze mu kwiyamiriza ico ciyumviro.

CBS, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, catangaje ko Maison Blanche yariko igerageza kwumvisha incuti zayo za Bulaya ko zokwemera amasezerano yohebera Uburusiya akarere kose ka Donbas kandi bukemererwa kugumya akarere ka Crimée/Crimea.

Mw'itangazo rusangi basohoye nijoro mu masaha yitereye, aba bategetsi ba Bulaya bashimangiye ko "imbibe mpuzamakungu zidashobora guhindurwa ku nguvu".

"Ukraine ifise uburenganzira bwo kwihitiramwo ku bijanye na kazoza kayo", niko bavuga, bagashimangira ko ibihugu vyabo bizobandanya gushigikira Ukraine mu vya diporomasiya, mu vya gisirikare no mu mu buryo bw'amafaranga.

Aba bategetsi bavuga kandi ko "inyishu iciye mu biganiro" ari kirumara, atari gusa gukingira Ukraine – ariko kandi no gukingira umutekano wa Bulaya.

Ukraine si yo yonyene iriko iraharanira ko yoba muri iyi nama ya Alaska.

Incuti zayo za Bulaya na zo nyene zifise umwikomo wo kubona ata ruhara zigize mu vyova mu masezerano Trump yoshikako na Putin.

Mu butumwa bw'ejo ku wa gatandatu, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yarerekanye impungenge ari nka hamwe Uburusiya na Amerika boshira ku ruhande uruhara rw'Ubulaya.

Yanditse: "Abanyabulaya ni ngombwa ko bagira uruhara mu gutora inyishu, kuko umutekano wabo ubangamiwe".

Kuri uno wa Mungu, Zelensky yashimiye incuti ziwe ku kungene zamushigikiye.

Ati: "Intambara itegerezwa kurangira neza, kandi ndashimira abo bose bari kumwe na Ukraine n'abanyagihugu bacu uno musi ku bw'amahoro muri Ukraine iriko irwanira inyungu zikomeye z'ibihugu vyacu vya Bulaya".

Ubulaya bwarafashe ivyemezo bikomeye kuri Moscou – harimwo ibihano no guha Ukraine imfashanyo ya gisirikare.

Zelensky avuga ko yavuganye na Macron kuri terefone ejo ku wa gatandatu kandi ko ari ngombwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo "Abarusiya ntihagire n'umwe basubira guhenda".

Ati: "Twese dukeneye ko intambara ihera, be n'umushinge w'umutekano wa Ukraine n'ibindi bihugu vy'incuti vya Bulaya".

Ibikorwa vya diporomasiya hagati ya Amerika n'Uburayi na Ukraine vyashizwe mu maboko y'icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance ku wa gatandatu, igihe yagendera Ubwongereza, akagirana ibiganiro n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire David Lammy hamwe na babiri mu bajenama bakuru ba Zelensky.

Mu gushimira Vance kuri ibi biganiro, Andriy Yermak, umukuru w'ibiro vya Zelensky, yashimangiye ko ari nkenerwa ko Ukraine itumirwa.

Ati: "Amahoro yo Kwizera kandi arama ashoboka gusa Ukraine yitavye ibiganiro. Birakenewe ko intambara ihagarara – ariko urwasiro si urubibe".

Uno mubonano w'i Alaska, intara Uburusiya bwagurishije kuri Amerika mu 1867, woba ari wo wa mbere ubaye hagati y'umukuru w'igihugu akiri mu mabanga n'umukuru w'igihugu c'Uburusiya, kuva igihe Joe Biden yabonanira na Putin i Geneva muri Ruheshi (6) 2021.

Vyagiye kurangira Moscou igomoreye ingabo kuri Ukraine inyuma y'amezi icenda.

Mu 2022, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yatangaje ko yihagiye intara zine za Ukraine - Donetsk, Lugansk, Zaporizhzhia na Kherson – nubwo itazigenzura zose.

Moscou ntiyashoboye gutsinda intambara nk'uko yabitegekanya igihe yatangura intambara yayo, ariko yarigaruriye uturere tutari duto tw'ubutaka bwa Ukraine. Hagati aho, ibitero vya Ukraine ntivyashoboye kwirukana Uburusiya.