Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine ntirota irekura ubutaka bwayo, niko Zelensky avuga ku mubonano wa Trump na Putin mu ndwi iza
Mu butumwa bwa mbere yatanze ku bijanye n'umubonano utegekanijwe mu ndwi iza hagati ya Perezida Trump na mugenziwe w'Uburusiya, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine atangaza ko igihugu ciwe kidashobora "guhebera ubutaka abagiteye".
Mw'itangazo yacishije ku rubuga hwaniro rwa Telegram, Zelensky avuga ko inyishu zose Ukraine itarimwo zizoba ari "inyishu ziteye kubiri n'amahoro".
Igihe yatangaza ivy'umubonano wiwe na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya utegekanijwe ku wa 15 Myandagaro(8) i Alaska, umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yumvikanye avuga ko bishobora kuba ngombwa ko "haba uguheberanira ubutaka".
Ikinyamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika gitangaza ko Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) iriko igerageza kwumvisha abategetsi ba Bulaya kwemera amasezerano yotuma Ukraine iheba ubutaka bwayo, harimwo akarere ka Donbas (kagizwe n'intara za Donetsk na Luhansk), hamwe n'ibice vy'intara za Kherson na Zaporizhzhia.
Zelensky yamye yiyamiriza ivyo Ukraine isabwa vyo guheba ubutaka bwayo.
Mu butumwa yatanze muri aka gatondo, Zelensky yagize ati: "Ikibazo c'ubutaka bwa Ukraine kiri mw'ibwirizwashingiro rya Ukraine, nta n'umwe azoza canke azoshobora guca ku ruhande. Abanyagihugu ba Ukraine ntibazohebera ubutaka abateye igihugu cabo".
"Ukraine iriteguriye inyishu nyazo zishobora kuzana amahoro. Inyishu izo ari zo zose ziducuvya, inyishu Ukraine itarimwo, zompi ni inyushu zirwanya amahoro. Nta kintu na kimwe zizozana. Ni inyishu zipfuye, ntaco zizomara", niko Zelensky yanditse, aho yongerako y'uko yiteguriye gukorana na Trump n'izindi ncuti "ku neza y'amahoro nyanyo".
Abandanya ati: "Iyi ntambara itegerezwa guhagarara – kandi Uburusiya ni bwo butegerezwa kuyihagarika. Uburusiya ni bwo bwayitanguje kandi ni bwo buriko buyidindiza, bwirengagije ibiringo ntarengwa buhabwa, iyo ni yo ngorane, nta kindi".
Ivy'uko Trump na Putin boba bariko bagerageza kugiriranira amasezerano Ukraine itarimwo ni vyo Ukraine n'incuti zayo zitari nke za Bulaya bifiseko impungenge.
Ku bwa Zelensky, uno mubonano utegekanijwe kubera i Alaska uzobera "kure cane y'ahariko habera iyi ntambara iriko iratikiza ubutaka bwacu, iriko irahitana abanyagihugu bacu, kandi idashobora na gato guhera tubanje gutaramurwa, Ukraine ibanje gutaramurwa".
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire avuga ati: "Uburusiya ntibushobora gushimirwa kubona bwaratanguje iyi ntambara.
"Abanyagihugu ba Ukraine bakeneye amahoro nyayo ashingiye ku mategeko mpuzamakungu n'iyubahirizwa ry'ubusugire n'imbibe vy'igihugu cacu nk'uko biri mw'ibwirizwashingiro ryacu".
Avuga ko Uburusiya ata shaka bufise ryo guhagarika iyi ntambara, mu kwirengagiza utwigoro Amerika na Ukraine "bibandanya vyerekana mu kurondera amahoro nyayo".
Hagati aho, intambara zozo ni urutavanako hagati y'izi mpande zompi.
Abategetsi b'igisagara ca Kherson bavuga ko igitero c'Uburusiya co mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu hakoreshejwe za ndege zitajamwo abadereva (drone) ku modoka yunguruza abantu cahitanye abantu babiri gikomeretsa n'abandi 16.
Muri aka gatondo nyene, igisirikare c'Uburusiya carashe ibisasu vya misire ku gisagara ca Dnepr, nk'uko bivugwa n'umukuru w'ubutegetsi bwa gisirikare, Sergei Lysak, aho avuga ko abantu batatu bakomeretse.
Ku rundi ruhande, abategetsi b'intara ya Belgorod yo mu Burusiya bavuga ko umuntu umwe yapfuye abandi babiri barakomereka mu gisasu carashwe na drone ya Ukraine muri iyo ntara mw'ijoro ryakeye.