Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea y’Epfo yemeje itegeko ribuza urudandazwa rw’inyama y’imbwa
- Umwanditsi, Na Jean Mackenzie
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Seoul
Korea y’Epfo yemeje itegeko rishasha rifise intumbero yo guhagarika ibagwa n’igurishwa ry’inyama y’imbwa kuva mu 2027.
Iri tegeko rifise intego yo gukuraho umugirwa wo kurya inyama y’imbwa umaze imyaka ibinjana.
Kuva imyaka mirongo iheze, inyama y’imbwa yagiye itakaza abakiriya, aho cane cane urwaruka rutayerekwa.
Muri iri tegeko, kworora canke kubaga imbwa mu ntumbero yo kuyirya bizoba bibujijwe, co kimwe no kugurisha inyama y’imbwa. Abazobirengako bashobora gupfungwa.
Abazofatwa bariko barabaga imbwa bashobora guhanishwa umunyororo wo gushika ku myaka itatu, mu gihe abazokworora imbwa kugira bazozirye inyama canke abazofatwa bariko bagurisha inyama zayo bashobora kuzohanishwa umunyororo wo gushika ku myaka ibiri.
Iri tegeko rishasha rizotangura gushirwa mu ngiro mu kiringo c’imyaka itatu, kugira ngo bahe umwanya aborozi bazo n’amazu agurisha imfungurwa, wo kurondera ubundi buzi n’ubundi buryo bwo kuronka ikibatunga.
Bazotegerezwa kwerekana integuro z’ukungene bazogenda bahagarika ubucuruzi bwabo ku bategetsi b’uturere batuyemwo.
Reta yemeye kuzofasha aborozi b’imbwa, ababaga n’abafise amazu y’uburiro agurisha inyama y’imbwa bizoba ngombwa ko bugara, nubwo indishi bazohabwa itaramenyeshwa.
Nk’uko ibiharuro bitangwa na reta bivyerekana, Korea y’Epfo yari ifise amazu y’uburiro agurisha inyama y’imbwa yababa 1600, hamwe n’amararo y’imbwa 1150 mu 2023.
Isupu y’inyama y’imbwa, izwi nka "boshintang", ifatwa nk’imfungurwa nziza cane mu banya-Korea y’Epfo bamwe bamwe bafise imyaka yitereye, ariko inyama yayo nta kibanza kinini igifise mu bakiri bato.
Kim Seon-ho w’imyaka 86 arababajwe cane n’iri tegeko. Avuga ati: "Twariye iyi mfungurwa kuva kera na rindi. Kubera iki tubuzwa kwihereza iyi mfungurwa kama? Nimba ubujije inyama y’imbwa, n’uce rero ubuza inyama y’inka”.
Ariko Lee Chae-yeon, umunyeshure w’imyaka 22, avuga ko iri tegeko rije hageze kugira ngo hubahirizwe agateka k’ibikoko.
Uno mwigeme ati: "Abantu benshi uno musi barorora mu kwinezereza. Imbwa ubu ni nk’umuryango, rero si vyiza kurya umuryango".
Intwaro z’imbere y’aha, zo kuva mu myaka ya 1980, zagiye ziyemeza kubuza inyama y’imbwa, ariko nta ntambwe zateye. Umukuru w’igihugu w’iki gihe Yoon Suk Yeol hamwe n’umutambukanyi wiwe Kim Keon Hee bazwi ko bakunda ibikoko. Batunze imbwa zitandatu, umupfasoni Kim akaba yasavye ko umugirwa wo kurya imbwa uhagarara.
Amashirahamwe aharanira uburenganzira bw’inyamaswa yari amaze igihe asaba ko iri tegeko rishirwaho arashima iri tegeko ryemejwe kuri uno wa kabiri.
Jung Ah Chae arongoye ishirahamwe Humane Society muri Korea avuga ko atangajwe no kubona iri tegeko ribuza inyama y’imbwa rije akiri muzima. Uno mukenyezi avuga ati: "Mu gihe umutima wanje ubabazwa n’ukubona amamiriyoni y’imbwa yatikiye kubera iri tegeko ryatevye, ndanezerewe cane kubona Korea y’Epfo ishoboye guhagarika iki kigabane c’agahinda muri kahise kacu igahitamwo kazoza k’imbwa keza”.
Aborozi b’imbwa zo kurya baragerageje kurwanya iri tegeko. Bavuga ko, kubera inyama y’imbwa igenda itakaza abakiriya mu rwaruka, bari kureka uno mugirwa ukazokwizimanganya wo nyene buke buke.
Aborozi benshi hamwe n’abagurisha inyama y’imbwa ni abantu bakuze, bakavuga ko bizobagora guhindura imibereho mu gihe imyaka yamaze kubarengana.
Umwe mu borozi b’imbwa, Joo Yeong-bong, yabwiye BBC ko iki gisata cari kigeze habi.
Ati: "Mu myaka 10, kino gisata cobaye cazimanganye. Turi mu myaka 60 na 70, nta kundi twobigenza uretse gutakaza ivyari bitubeshejeho”.
Avuga kandi ko iri tegeko ari “uguhonyanga uburenganzira bw’abantu bwo kurya ivyo bipfuza".
Umukenyezi Kim wo mu myaka 60, akaba umwe mu bafise inzu y’uburiro igurisha inyama y’imbwa yabwiye BBC ko ababajwe n’iri tegeko, akavuga ko ritewe n’ukwiyongera kw’abatunga ibikoko mu kwinezereza muri Korea y’Epfo.
Ati: "Urwaruka muri ino misi ntibashaka kurongora canke kurongorwa, rero baca barondera ibikoko nk’umuryango wabo, ariko indya ni indya. Twari dukwiye kwemera inyama y’imbwa ariko tukazororera kandi tukazibagira ahantu hameze neza”.
Yongerako ati: "Ibindi bihugu nk’Ubushinwa na Vietnam birarya imbwa, none ni kubera iki twebwe twoyibuza?”.