Ubushinwa bugiye kwongereza amafaranga mu gisirikare mu gihe bugabisha ko bugeramiwe cane

Igisirikare c'Ubushinwa mw'idefire

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    • Umwanditsi, George Wright
    • Igikorwa, BBC News

Ubushinwa bugiye kwongereza amafaranga bukoresha mu gisirikare ku rugero rurenga 7% muri uno mwaka, mu gihe bugabisha ko bugenda bugeramirwa cane.

Ibi vyavugiwe mw’ikoraniro ry’Inama Nshingamateka y’ico gihugu (National People's Congress, NPC), aho vyitezwe ko yemeza ikiringo ca gatatu ca Perezida Xi Jinping.

Amafaranga Ubushinwa bukoresha mu gisirikare – yababa imiriyaridi 225 z’amadorari y’abanyamerika - aracari hasi cane ugereranije n’ayo Amerika ikoresha, akaba ayasumba incuro zine.

Ariko abihweza ibintu n’ibindi bemeza ko Ubushinwa butarajwe ishinga n’amafaranga bukoresha mu vyo kwivuna abansi.

Li Keqiang, umushikiranganji wa mbere arangije ikiringo ciwe, yabwiye NPC ko "imigambi iva hanze yo gufuta no kwiganzira Ubushinwa iriko iriyongera”.

Ati: "Igisirikare categerezwa kwongereza imyimenyerezo ya gisirikare kandi kikama citeguye mu bice vyose”.

Muri iyo nama kandi hatangajwe ko Ubushinwa buzobandanya umugambi wabo wo kwongereza ubutunzi ku rugero ruto rwa 5% muri uno mwaka.

Iri koraniro ryama riba buri mwaka.

Ariko iry’uno mwaka rirakomeye cane kuko abari muri ryo biteze gutunganya gushasha inzego nkuru nkuru zitari nke z’umugambwe w’Abakomunista n’iz’igihugu.

Ikoraniro ry’inama nshingamateka ryo muri ino ndwi rizokwemeza kandi ubutegetsi bwa Xi, kuko azotorwa nk’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa hamwe kandi nka kizigenza w’intwaramiheto.

Yageze kuri ino ntambwe mu nzego z’ubutegetsi bw’Ubushinwa mu kw’icumi kw’umwaka uheze, igihe Umugambwe w’Abakomunista wamutora ukemeza ikiringo ciwe ca gatatu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uku kwiyongera kw’amafaranga akoreshwa mu gisirikare kubaye mu gihe Xi ariko aca mu bihe bigoye vy’imigenderanire mibi na Amerika ku kibazo ca Ukraine hamwe n’ica vya bipurizo vya maneko biheruka, mu gihe kandi agenda ashigikira Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya.

Abategetsi ba Amerika barasubiramwo kandi ko Ubushinwa bushobora gutera Taiwan mu myaka iri imbere. Ubushinwa bwarerekanye inguvu zabwo za gisirikare mu kirere no mu mazi mu micungararo ya Taiwan, harimwo mbere no kurekura ibisasu vya misire biraswa kure.

Ubushinwa bubona ko Taiwan, n’aho ifise ubutegetsi bwayo, ari intara yabwo yiyonkoye ariko impera n’imperuka izoruhira gusubira mu butegetsi bwa Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa).

Ikoraniro rya NPC rizotangaza kandi umushikiranganji wa mbere mushasha ari nawe kuva muri kahise ahagararira ibijanye n’ubutunzi hamwe n’intwaro.

Vyitezwe ko Li Qiang, umwe mu bizigirwa bakomeye cane ba Xi, ari we ahabwa aya mabanga.