Abashingamateka muri Ghana bagwaniye mu nama, bamenagura ibintu

Abashingamateka badugije imeza hejuru y'imitwe yabo

Ahavuye isanamu, Daily Graphic

Insiguro y'isanamu, Amameza yaratembagajwe, ayandi aterwa mu kirere muri iyo nama yabayemwo akahagari
    • Umwanditsi, Komla Adom
    • Igikorwa, BBC News, Accra

Akajagari karadutse mu nama nshingamateka ya Ghana ku wa kane mw'ijoro, baramenagura intebe n'amameza, barasunikana abandi basunurana.

Vyabaye ngombwa ko igiporisi gihamagarwa muri iyo nama - yari igenewe kwemeza amazina y'abantu umukuru w'igihugu ashaka kugena mu mabanga y'ubushikiranganji - mu gihe abashingamateka bariko baramenagura amameza na mikoro (micro) bavugirako.

Umugwi wo kwemeza ayo mazina ntiwari wumvikanye ku bibazo bitari bike, aho bamwe bagirije abatavuga rumwe n'ubutegetsi kumaza umwanya munini ico gikorwa ku mvo za poritike.

Ku wa gatanu mu gitondo umukuru w'umugwi wo kwemeza abagenwa mu mabanga wasavye imbabazi abanyagihugu ba Ghana, avuga ko ivyabaye ''bidashobora kwihanganirwa na gato''.

Uwo mugwi urimwo abo mu migambwe yose wari uramutse wemeza abashingamateka batatu bo mu mugambwe uri ku butegetsi National Democratci Congress (NDC).

Abo batatu bari bagenywe kuba abashikiranganji inyuma y'aho NDC itsindiye umugambwe New Patriotic Party (MPP) mu matora yo mu kwezi kwa Kigarama (12).

Ariko abashingamateka bo muri NDC bagirije Alexander Afenyo-Markin, umukuru w'umugwi w'abashingamateka ba NPP kubaza abagenywe mu mabanga y'ubushikiranganji umwanya muremure cane bidakenewe.

Umwe muri abo, uwagenywe kuba umushikiranganji wo gutumatumanako, Samuel Nartey George, bamumazeko amasaha atanu wenyene.

Benshi mu bashimateka ba NDC bibajije ko ubwo bwari uburyo bwo kwihora bw'abashingamateka batavuga rumwe n'ubutegetsi muri uwo mugwi, bashaka ko George asokora ibineguro yagize ku wahoze ari umukuru w'igihugu na NPP Nana Akufo-Addo n'icegera ciwe Mahamadu Bawumia.

Abashingamateka ameherezo baruhiye gushira mu migere - baratera induru, barasunikana barahenurana, amameza baratembagaza.

Ku wa gatanu, Afenyo-Markin wo muri NPP yavuze ko imico yo mu nama nshingamateka yemerera abagize umugwi ''akaryo ko gutohoza bihagije uwagenywe n'umukuru w'igihugu, ata mwanya babujijwe kurenza mu kubaza''.

Amaherezo ico gikorwa caciye kirara cimurirwa ku wa gatanu.