Ishavu muri Ghana inyuma y'aho umukuru w'igihugu yerekaniye icibutso ciwe bwite

Icibutso ca Perezida Nana Akufo-Addo

Ahavuye isanamu, Citi newsroom

    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
    • Igikorwa, BBC News

Perezida wa Ghana Nana Akufo-Addo ariko ararangiza ikiringo ciwe ku butegetsi, ahanganye n’ibibazo ku mbuga hwaniro inyuma y’aho yerekaniye ikibumbano c'ibibutso ciwe bwite mu gihe yari mu rugendo mu ntara y’uburengero bw’ico gihugu.

Ico cibutso ni ico kunutera iteka ku migambi y’iterambere yaranguwe ku butegetsi bw'uwo mukuru w’igihugu, nk’uko umushikiranganji wo muri ako karere Kwabena Okyere Darko-Mensah abivuga.

Ariko benshi mu banya Ghana baranegura ico ciburto - cashinzwe imbere y'ibitaro vyo mu gisagara ca Sekondi - babona ko ari "ukwininahaza".

Umushingamateka wo mu batavuga rumwe n'ubutegetsi Emmanuel Armah Kofi-Buah yanditse ku rubuga X ati: “Abantu bo mu ntara y’uburengero barakwiriye ivyiza kuruta ivyo bimenyetso vyo kwishira hejuru.”

Akufo-Addo, azova ku butegetsi mu kwezi kwa kwezi kwa mbere inyuma y’ibiringo bibiri ku butegetsi, yarirase ko yashitse ku bice 80% vy’ivyo yasezeraniye abanya Ghana.

Ico cibutso, cubatswe ahantu habona neza imbere y'ibitaro vy'intara vya Effia-Nkwanta muri Sekondi, yacerekanye ku musi wa gatatu mu rugendo rwiwe rwiswe "urugendo rwo kubashimira".

Muri ivyo birori, Darko-Mensah arongoye intara y’uburengero, yarahayagije imigambi myinshi y’ubukerarugendo yatangujwe ku butegetsi bw'uwo mukuru w'igihugu.

Ariko ico kibumbano caraneguwe cane, aho abanya Ghana bamwe bamwe bibaza akamaro kaco mu gihe imigambi myinshi ikomeye itarangutse.

Umuntu umwe yanditse ku rubuga X ati: ''Vyari kuba vyiza iyo umukuru w’igihugu areka urunganwe ruzokurikira kubona no gushima igikorwa ciwe''.

Bamwe mu banyagihugu bariko barasaba ico cibutso - amafoto yaco yahererekanywe cane ku mbuga hwaniro - kuzosenyurwa niyo uwo mukuru yamara kuva ku butegetsi.

Icibutso ca perezida Nana Akufo-Addo

Ahavuye isanamu, CITI NEWSROOM

Insiguro y'isanamu, Bamwe basavye ko ico cibutso gikurwaho, abandi bavuga ko Nana Akufo-Addo akwiye guterwa iteka
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko si bose babinegura. Hari bamwe babonamwo ugushima ivyo Akufo-Addo yakoze mu guteza imbere igihugu.

Hari umuntu umwe yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Arabereye rwose iki cibutso ciza cane. Ni umukuru w'igihugu akomeye kuruta abandi bose nari narabonye. Abanya Ghana bazomukumbura," yongerako ko Akufo-Addo ari we "yashinze kwiga ku buntu muri Ghana".

Muri urwo rugendo, uwo mukuru w'igihugu w'imyaka 80 yavuze ko politike yiwe yo gukuraho amafaranga y'amashure yisumbuye ari "iragi ryiwe rikomeye".

Urugendo rwiwe kandi akaryo ko gufasha umugambwe wiwe New Patriotic Party (NPP) kwiyamamaza.

Umukuru w’igihugu yasavye abantu gutora icegera ciwe Mahamudu Bawumia, mu matora rusangi azoba mu kwezi kuza.

Niwe azoba umukandida w’umugambwe NPP kandi Akufo-Addo yavuze ko kumutora bizotuma politike n’imigambi vy’umugambwe bibandanya.

Uwuzohangana na Bawumia ni uwahoze ari umukuru w’igihugu John Dramani Mahama, ava mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi National Democratic Congress (NDC) ariko ararondera kugaruka mu butegetsi.

Ubuzima buzimvye ni ikibazo gikomeye mu myiyamamazo muri Ghana, igihugu kiza imbere muri Afrika mu gucukura inzahabu.