Kuva ryari no kubera iki Papa n'abandi batiwe muri Ekleziya batemerewe kurongora?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Swaminathan Natarajan
- Igikorwa, BBC World Service
Abakaridinari bo kw'isi yose kuva kuri uyu wa gatatu (7 Rusama) barakorana kugira batore umupapa akurikira azobera umwungere Abakatorika bagereranywa mu miriyaridi 1,4 kw'isi.
Vyitwa ko umukristu wese w'umugabo yabatijwe ashobora kwitoza muri ico kibanza, ariko abapapa bose kuva mu 1378 bava mu ba karidinari ari nabo batora umwungere wa Ekleziya.
Naho bigoye kumenya uwuzotorwa ngo abe Papa akurikira, turashobora kudakekeranya ko atazoba umugabo yarongoye.
Igisabwa ko abatiwe mu mabanga yo gukorera Imana baguma ari abaseribateri, caratumye habaho impari zikomeye muri Ekleziya mu binjana n'ibindi, kandi biramaze gusabwa kenshi ko abagabo barongoye - n'abagore - bemererwa kwinjira mu bupatiri.
Uko gushimika ku bijanye no kutarongora ntikwamyeho: mu bihe vya mbere Ekleziya y'Abakristu, abapatiri benshi - n'abapapa barenga umwe - bari bafise abagore.
Abapapa barongoye muri Ekleziya ya mbere

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vatikano itanga urutonde ata n'umwe rusimvye rw'abapapa 266, rutangurira kuri Petero Mweranda, yari umugabo yarongoye (Injili zivuga ko Yezu yakijije inabukwe).
Inkuru imwe iri ku rubuga rwa Vatikano nayo nyene iremera ko mu myaka ya mbere ''abepiskopi, abaperesibiteri n'abadiyakoni ba Ekleziya ya mbere kenshi bari abagabo bafise imiryango''.
''Biragaragara kandi ... ko mu binjana vyakurikiye, abatiwe mu mabanga yo gukorera Imana bari bararongoye, igitigiri gito canke kinini gusumba, cari ikintu gisanzwe mu buzima bwa Ekleziya", nk'uko iyo nkuru ivuga.
Iyo nkuru yongerako ko abapapa bari bubatse tubazi, "nk'akarorero Papa Hormisdas (514-23), se wa Papa Silverius, uwamukurikiye".
Ariko hariho abahinga benshi ba kahise k'Ubukristu bwa mbere bemera y'uko Petero na Hormidasi batari bonyene.
"Abapapa 39 ba mbere bari abagabo barongoye", bivugwa na Linda Pinto, icegera c'uwurongoye ishirahamwe Catholic for Choice [Ubukatorika bwo guhitamwo], riharanira ko ubupatiri bwojamwo bose.
Uwo yahora ari umubikira - yavuye muri Ekleziya kugira arongorane n'uwahoze ari umupatiri - avuga ko ata kintu gitomoye gisaba ukutarongora kiri mu nyigisho za Yezu.
Abandi bahinga BBC yavugishije na bo baremeye y'uko abatiwe mu mabanga yo gukorera Imana ba kera bishoboka cane ko bari bafise abagore.
Umwigisha Kim Haines-Eitzen wo muri kaminuza ya Cornell muri Amerika, umuhinga mu vy'ubukristu bwa mbere, yabwiye BBC ko "mu ntango cane dufise ivyemeza ko indongozi za Ekleziya bari abantu bafise abagore".
Avuga ko Ubukristu bwahindutse igihe bwakwira buva ku mizi y'Abayahudi bukaja mu Bagiriki n'Abaromani hanyuma bukaronka ivyiyumviro vy'ukurondera gukora ibintu bitagira akanenge nko kwigumya, ubunyakamwe hamwe no kubaho utarongoye.
Niho Umwami w'Abami Constantino yaca atangaza ko Ubukristu ari ryo dini ry'igihugu, ari vyo vyahaye abapapa uruhara rwa poritike.
"Mu bisanzwe, abapapa bari abagize umuryango w'ubutegetsi bw'Abaromani canke abagenzi b'abami b'abami b'Abadagi bari ku butegetsi,'' nk'uko bivugwa na Niamh Middleton, yahoze ari umwigisha w'iyobokamana kuri kaminuza ya Dublin City University.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwami bw'Abaromani bumaze gusenyuka mu kinjana ca gatanu, ingoma ntoya yaciye iba Reta za Papa (756 -1870) zategekwa na Papa. Ekleziya yaregeranije amatungo n'ububasha, haca hatangura igihe ca poritike irimwo amahinyu menshi.
"Vyari ibisanzwe ku bapapa, abepiskopi n'abapatiri kurongora no kugira abahabara. Ivyo vyose, hamwe no gushurashura mu gihe c'''imyaka y'umwijima'' y'ubupapa, hamwe n'ibibazo vy'ugutanga ibiturire kugira umuntu ahabwe amabanga ya Ekleziya maze nayo yinjize amafaranga (bizwi nka simony canke simonie mu congereza no mu gifaransa) vyatumye Grégoire atanguza impinduka zikomeye muri Ekleziya,'' nk'uko Middleton yabibwiye BBC.
Diarmaid MacCulloch, umukukuruke w'umwigisha wa kaminuza mu gisata ca kahise ka Ekleziya kw'ishure rya St Cross College kuri kaminuza ya Oxford, aremera ko ''benshi mu ndongozi za Ekleziya yo mu Buseruko no mu Burengero gushika mu kinjana ca 12 baba ari abantu barongoye kandi nta nkeka ko bari bafise abana,'' afatiye ku vyicaro nyamukuru bibiri vy'ubutegetsi bwa Ekleziya ya mbere i Roma na Constantinople.
Ivyiyumviro vya Ekleziya Katolika ya none ku kutarongora ahanini vyubakiye ku ''kwegeranya ivyiyumviro vy'iyobokamana vyo mu binjana vya 11 na 12'', nk'uko umwanditsi w'igitabo Lower than the Angels: A History of Sex and Christianity (umuntu yogereranya ati: Hasi kurusha Abamarayika: Kahise k'igitsina n'Ubukristu), avyemera.
Bibiriya ivuga iki ku kutarongora kw'abapatiri kandi ni ryari kwabaye itegeko ?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abashigikiye iciyumviro c'uko abapatiri baguma ari abaseribateri batanga akarorero ka Yezu ubwiwe: injili zine zo mw'Isezerano Rishasha nta n'imwe ivuga ivy'umugore.
Mu njiri ya Matayo, igice ca 19, Yezu na we nyene arasaba ukutarongora ku babishoboye ''ku neza y'ubwami bw'Ijuru".
Mu makete yitirirwa izina rya Paul, uwo mutumwa avuga ko vyoba vyiza hamwe umuntu wese yoba uwutarongoye kandi akaguma uko nka we, n'ubwo mw'ikete rya mbere yandikiye Timote, avuga ko abepiskopi bakwiye kurongora rimwe gusa.
Nkako, ukwifunga imibonano mpuzabitsina birashimagizwa kenshi n'Abakristu bo mu ntango.
Babiri mu bantu bakomeye mu vyigwa vy'iyobokamana , Augustin Mweranda na Thomas d'Aquin Mweranda, bateje imbere ivyo kutarongora ku batiwe mu mabanga yo gukorera Imana nk'uburyo bwo kwihebera ivya mutima mweranda.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko inzira yatumye ubuseribateri buba ingingo ikora kuri bose kandi yubahirizwa muri Ekleziya yabaye ndende kandi hari abayigwanya.
Mu mwaka wa 325 inyuma ya Kristu, Inama y'i Nicée yahamagawe n'Umwami w'abami w'Abaromani Constantino yarize ikibazo c'ukutarongora kw'abapatiri, hanyuma mu mwaka wa 692 inyuma ya Kristu Inama y'i Trullo ishinga ko kutarongora ari ngombwa ku bepiskopi, ariko uwo mugenzo ntiwakurikizwa kumwe.
Ukutarongora kw'abatiwe mu mabanga ya Ekleziya kwabaye mu vyatumye haba ''ugutandukana gukomeye'' hagati y'amashengero ya Katorika na Orthodoxe mu kinjana ca 11, (nk'uko vyabaye mu gihe c'impinduka y'Ubuporoti inyuma y'imyaka 400).
Impinduka za Grégoire mu kinjana ca 11 n'inama zibiri za Lateran zo mu 1123 na 1139 zarakomeje ivyo kwipfunga imibonanano mpuzabitsina, amaherezo ivyo kutarongora bicika kimwe mu biranga imigirwa y'ubupatiri muri Ekleziya Katolika y'i Buraya inyuma y'igihe c'impinduka zo mu kinjana ca 16 n'inama ya Trent (1545 gushika mu 1563).
Imbono ya kotorika ku bupatiri rero kuva ico gihe ''ntiyasubiye kwemerera umupatiri kuba umugabo nk'abandi no kugira umugore kuko yaserukira Yezu mu Misa, nawe akaba atari yararongoye,'' niko Dr James Kelly wa kaminuza ya Durham yasiguriye BBC.
''Umuryango w'umupatiri ubu waciye uba intama ziwe. Rero yaba Ekleziya, baba n'abalayike, ico bitega ku mupatiri kwari uko aba umuntu atarongoye,'' niko yongerako.
Abarenze ku mategeko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Naho ivyo vyabaye, hari abapapa barongoye mu buryo butegekanijwe n'amategeko imbere y'uko bashikira Amabanga Meranda. Umweranda Hormisdas (514–523) twavuze haruguru, bivugwa ko yari umupfakare igihe yatorwa, hanyuma Adrian II (867–872) amaze gushingwa kuba Papa afise imyaka 75, umugore wiwe n'umukobwa wiwe bompi babana na we mu ngoro ya Lateran (gushika aho banyuruzwa bakagandagurwa, nk'uko biri mu vyegeranyo vy'ikinjana ca 9 vya Bertin Mweranda).
Yohani XVII (1003) na Clément IV (1265–68) na bo nyene bivugwa ko bari bararongoye imbere y'uko baba aba Papa, abandi na bo baragendanye n'abagore mu buryo budaciye mu mategeko mu nyuma baravyara abana.
Abagore babiri b'Abataliyano bagize ijambo rikomeye, bizwi ko bari abakobwa b'ibivyarwa b'aba karidinari mu nyuma babaye aba Papa: se wa Lucrezia Borgia yari Alexandre VI (1492 to 1503) - Papa ashobora kuba ari wa mbere yaneguwe cane mu kuja mu bushurashuzi - be na Felice della Rovere, umwe mu bagore bakomeye kandi bagize uruhara rukomeye cane mu kizwi nka Renaissance Italienne (Ukwiyubura kw'Ubutaliano), yari umukobwa wa Papa Julius II (1503 gushika 1513).
''Ubuzima bwa mbere bwo mu kinjana ca 16 c'uwazanye impinduka Luther bwahereye ku gushegeshwa n'ubupapa bw'akamaramaza bw'igihe c'aba- Borgia. Umupapa wa kabiri wo mu ba Borgia, Alexandre VI, yari afise abana benshi b'ibivyarwa,'' niko Middleton avuga.
''(Martin Luther) yemera kandi ko guhatirwa kutarongora vyashobora gutuma haba ubusambanyi".
Vyongeye, abapapa batandukanye bo mu binjana vya 15 na 16 vyibazwa ko bavyaye abana b'ibivyarwa. BBC yaragerageje kubaza Vatikano n'izindi nzego za Ekleziya ico bavuga kuri kahise k'abapapa n'ukutarongora, ariko nta nyishu yaronse.
Kazoza ko kutarongora

Ahavuye isanamu, Getty Images
N'ubwo Ekleziya hageze igihe yorosha (amategeko yarorohejwe kugira yemere abapatiri barongoye bava mw'ishengero rya Anglikani no mu yandi mashengero ya Kristu, kandi abagabo barongoye kuva kera baratirwa nk'abapatiri mu migirwa yo mu Buseruko) Papa François n'uwo yasubiriye Benedicto wa XVI bompi bari bashigikiye kutarongora kw'abapatiri.
Umwigisha Haines-Eitzen yiteze ko Ekleziya amaherezo izokwemera abapatiri barongoye mu bice bitari ibisagara - yongere yatire abagore - ariko abona ko ''ata mahirwe menshi ahari ko haba Papa yarongoye mu kinjana ca 21''.
Uwahoze ari umubikira w'umwene-Fransisko Linda Pinto ubu ni nyina akaba na inakuru w'abana aherutse guhimbaza isabukuru y'imyaka 50 yubatse. Ntiyizigiye ko hari ikizohinduka ku kutarongora.
''Ntibizokwemerwa ku bantu bavutse, bakabatizwa kandi bagakurira muri Ekleziya Katolika,'' niko yanzura.






