Trump avuga ko Putin ari 'umusazi' inyuma y'igitero kinini cane c'Uburusiya kuri Ukraine

Ni ibintu bishika gake kwumva Donald Trump ashikiriza amajambo yo gukarira mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin
Insiguro y'isanamu, Ni ibintu bishika gake kwumva Donald Trump ashikiriza amajambo yo gukarira mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ashavujwe na mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin, inyuma y'igitero ca mbere kinini co mu kirere Moscou yakoze kuri Ukraine.

Mu majambo adakunze kwumvikana kuri we, Trump yiyamirije Putin agira ati: "Mbega ni ibiki vyamufashe? Ariko agandagura abantu benshi". Mu nyuma, yamwise "umusazi koko".

Imbere y'aha, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yari yavuze ko "agacerere" ka Washington (ubutegetsi bwa Amerika) kuri ibi bitero vy'ubu vy'Uburusiya kariko gatera intege Putin, asaba "igitsure kinini" - harimwo ibihano ruhasha - kuri Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya).

Abantu nibura 12 barishwe abandi baharurwa muri mirongo barakomereka muri Ukraine mu gitero co mw'ijoro ryo ku wa Mungu, aho Uburusiya bwarashe ibisasu vya misire, burekura na za ndege zitajamwo abadereva, vyose hamwe 367 – igitigiri ca mbere mw'ijoro rimwe kuva Putin agomoreye ingabo kuri Ukraine mu 2022.

Igihe Perezida Donald Trump yavugana n'abanyamakuru ari i New Jersey, ejo ku wa 25 Rusama, yavuze ko ashavuriye Putin ku bitero vyiwe kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igihe Perezida Donald Trump yavugana n'abanyamakuru ari i New Jersey, ejo ku wa 25 Rusama, yavuze ko ashavuriye Putin ku bitero vyiwe kuri Ukraine

Mu gaturuturu ko kuri uno wa mbere, hasubiye kwumvikana inzamba zo kugabisha ibitero vya misire n'ama-drone mu ntara zitari nke za Ukraine.

Abantu nibura batatu, harimwo umwana, barakomeretse mu gisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw'igihugu, nk'uko umukuru w'iki gisagara, Ihor Terekhov, abivuga.

Mu ntara ya Zaporizhzhia iri mu bumanuko, abantu babiri barakomeretse, nk'uko bivugwa na buramatarri wayo, Ivan Fedorov.

Mu Burusiya, umukuru w'igisagara ca Moscou, Sergei Sobyanin, avuga ko amadrone abiri ya Ukraine yariko atera aja kuri uno mugwa mukuru yasambuwe n'igisirikare kirwanira mu kirere. Ntavuga nimba hari aboba bakomeretse.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avugana n'abanyamakuru i New Jersey mu masaha yitereye y'ejo ku wa Mungu, Trump yavuze kuri Putin ati: "Turamuzi kuva kera, kandi twamye dukorana na we, mugabo ariko arungika ibisasu vya muzinga mu bisagara agandagura abantu, kandi sindavyishimiye na gato".

Abajijwe nimba yoba ariko araraba ingene yongereza ibihano vya Amerika ku Burusiya, Trump yishuye ati: "Ego nyene".

Uno mukuru w'igihugu aramaze kugabisha ko ashobora gufata ibi bihano – ariko nta ngingo n'imwe gushika ubu arigera afatira Moscou.

Inyuma y'aho gato, Trump yanditse ku rubuga hwaniro Truth Social ko Putin "yasaze koko".

Ati: "Nama mvuga ko ashaka Ukraine yose, ntarondera agace kayo gusa, kandi kumbure ni ukuri kuriko kurigaragaza, ariko ari nka hamwe yoramuka abikoze, bizotuma Uburusiya busenyuka!"

Ariko Trump yaravuze kandi n'amajambo akomeye kuri Zelensky, avuga ko ataco "ariko arafasha igihugu ciwe mu mvugo yiwe".

"Ikintu cose kiva mu kanwa kiwe giteza ingorane, sindabishima, kandi vyiza yobihagarika", niko Trump yanditse kuri Zelensky.

Abajejwe ubutabazi bashitse kuraba ivyononekaye ku mazu y'abantu yasambuwe n'ibitero vy'Uburusiya mu ntara ya Kyiv ejo ku wa Mungu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abajejwe ubutabazi bashitse kuraba ivyononekaye ku mazu y'abantu yasambuwe n'ibitero vy'Uburusiya mu ntara ya Kyiv ejo ku wa Mungu

Nubwo incuti za Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) i Bulaya ziriko zitegura ibindi bihano ku Burusiya, Amerika ivuga ko izobandanya igerageza kurondera ko hoba ibiganiro vy'amahoro, canke naho ikuremwo akarenge ari nka hamwe ata covamwo.

Mu ndwi iheze, Trump na Putin baravuganye kuri terefone amasaha abiri ku nteguro y'amasezerano y'amahoro yateguwe na Amerika kugira intambara ihagarare.

Trump yemeje ko iki kiyago cagenze "neza cane", yongerako y'uko Uburusiya na Ukraine vyari "gutangura ubwo nyene" ibiganiro vyoganisha ku gahengwe no "guhagarika intambara".

Ukraine iremera amasezerano y'agahengwe k'imisi 30.

Putin avuga gusa ko Uburusiya buzokorana na Ukraine kugira ngo bitegure "amasezerano" yerekeye "amahoro ashobora kubaho muri kazoza" – ivyo Kyiv n'incuti zayo za Bulaya bavuga ko ari amayeri yiwe yo gutevya.

Ibiganiro vya mbere bitaziguye hagati ya Ukraine n'Uburusiya kuva mu 2022 vyabaye ku wa 16 Rusama (5) i Istanbul muri Turukiya.

Uretse ihanahana ry'imbohe z'intambara ryabaye mu ndwi iheze, nta ntambwe nyayo canke n'imwe yerekana ko intambara yoba iri hafi guhagarara.

Ubu, Uburusiya bugenzura hafi 20% y'ubutaka bwa Ukraine. Aha harimwo na Crimée/Crimea – akarere ka Ukraine kari mu bumanuko, kihagiwe na Moscou mu 2014.