Vance avuga ko Amerika 'izobivamwo' kiretse Ukraine n'Uburusiya vyemeye integuro yabahaye

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, James Landale
- Igikorwa, Amakuru y'imigenderanire
- Yakoze inkuru ari, London
- Umwanditsi, Paul Kirby
- Igikorwa, Amakuru ya Buraya
Icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika JD vance yavuze ko igihugu ciwe ''kizova'' mu biganiro kiretse Ukraine n'Uburusiya vyemeye umwumvikano, abandi bategetsi ba Amerika bakaba bari bavuze ibisa n'ivyo imbere y'aho.
Ayo majambo yo kugabisha yayavuze inyuma y'aho ibiganiro vya Londres hagati y'abategetsi bo mu Bwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Ukraine na Amerika bigamije kurondera ihagarikwa ry'intambara bigabanuriwe urugero rw'abavyitaba, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio n'intumwa idasanzwe Steve Witkoff bakaba bamaze kubivamwo.
Amerika ishimikiye ku biganiro n'Uburusiya muri iyi ndwi, aho Witkoff azobonana n'umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin ku musi ya kane. Mu gihe umurindi wo kuvugana kugira intambara irangire uriko uranyaruka.
Umukuru wa Ukraine , Volodymyr Zelensky, hagati aho ashimika ku ''guhagarika intambara vyuzuye, ubwo nyene kandi ata kibanje gusabwa''.
''Guhagarika kwica ni co gikorwa ca mbere,'' ni ko Zelensky yavuze ku mbuga hwaniro.
Ivyo yabivuze mu gihe Vance yabwiye abamenyeshamakuru mu rugendo mu Buhindi ko Amerika yatanze ''integuro [y'umwumvikano] itomoye ku banya-Ukraine n'Abarusiya.
''Hageze aho bavuga ego canke Amerika ive muri ivyo biganiro,'' ni ko yongeyeko. ''Tumaze gukora igikorwa c'igitangaza mu kuvugana na bamwe n'abandi.''
Intumwa ya Trump muri Ukraine, Gen Keith Kellog, ari muri ivyo biganiro I Londres aho vyari kwitabwa na Witkoff na Rubio, bavuze ko ivyo biganiro vyo ku wa gatatu ari ''inama z'ubuhinga''.
Umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire David Lammy na we arabonana na mugenziwe wa Amerika ku wa gatatu.
Hakomeje kuvugwa ko Uburusiya bushobora kuba bwiteguriye guhagarika igitero cabwo kuri Ukraine aho intambara ivugwa ubu, na bwo bukagira ivyo buheberwa.
Ariko nta muco mwinshi uhari w'aho ibiganiro vy'ubu biriko biragana canke hari ico bizoshikako.
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yamaze kwiyamiriza ivyo kwemera ko intara ya Crimea yigaruriwe ari intara y'Uburusiya, inyuma y'ivyavuzwe ko ivyo vyariko birihwezwa na Amerika n'Uburusiya.
Hagati aho, Uburusiya bwakomeje ibitero kuri Ukraine ku wa gatatu inyuma y'iciswe agahengwe ka Pasika aho bwari bwahagaritse ibitero vyo mu kirere.
Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe imigenderanire bwemeje ku wa gatatu ko ibiganiro hagati y'abashikiraganji b'imigenderanire vyasibijwe.
Abajejwe imigenderanire mu Bwongereza bavuga ko batazi igituma Rubio na Witkoff bikuye muri ivyo biganiro vya Londres.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze ko vyatewe n'ingorane y'itunganywa ry'aho bibera, ariko vyagaragaye ko yabaye ingingo yo ku munota wa nyuma kandi ko vyasize ubushikiranganji bw'imigenderanire bumeze nk'ubwaguye mu rudubi.
Marco Rubio yaravuganye n'umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire ku wa kabiri ku mugoroba kuvyo yizeye ku bizoba ''inama zifadika kandi nziza z'ubuhinga'' aca yongerako ko azotegekanya ikindi gihe c'urugendo rwiwe I Londres mu mezi ari imbere.
Lammy yavuze ko cari ikiyago ''kizima'', cabaye imbere y'igihe gikomeye kuri Ukraine, Uburusiya n'umutekano w'ibihugu vyo hakurya no hakuno ya Atlantique mu gihe ''ibiganiro biriko birihuta''.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire yanditse kuri X ati: ''Nizeye kubandanya mpereye ku kizova mu biganiro bibandanya.''
Ingingo ya Amerika ishobora kuba yatewe n'uko Abanyamerika bumva ko ata gishasha bafise co kuvuga kuva aho baheruka guhurira i Paris ku ndwi iheze – canke bashobora kuba babonye ko vyashoboka cane ko Ukraine yanka integuro ya vuba ya Amerika yo guhagarika intambara bakaba batashaka kwumva inkuru mbi.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika vyavuze ko Witkoff azoja I Moscou muri iyi ndwi kubonana ubugira kane n'umukuru w'Uburusiya Vladmir Putin.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibi vyose bibaye mu gihe hari inkuru ya Financial Times ko Uburusiya bushobora kuba bwiteguriye guhagarika igitero cabwo aho intambara igeze ubu kandi bugaheba kuvuga ko uturere ari utwayo kandi itatugenzura ubu, Amerika na yo ikabwemerera kwemera ko intara ya Crimea ari iyabwo.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Dmitry Peskov iyo nkuru yayihakanye, abwira ibinyamakuru vya reta ko ''hari amakuru menshi atari yo atangazwa muri iyi minsi''.
Zelensky yavuze ko ivyo atawigeze abimubwira, yongera ariyamiriza ivyo kwemera ko Crimea ari iyo Uburusiya.
''Ukraine mu mategeko ntiyemera ukwigarurirwa kwa Crimea. Aha nta na kimwe co kuvugana kihari,'' ni ko yavuze mu kiganiro ku wa kabiri mw'ijoro.
Kwemera ukwifatira Crimea biteye kubiri n'amategeko uretse ko bitoshobokera Zelensky kuvyemera mu nzira ya poritike, vyoba kandi biteye kubiri n'ingendo mpuzamakungu z'inyuma y'intambara z'uko imbibe zidakwiye guhindurwa ku nguvu.
Mu kiganiro na Today ca Radio 4, Yuriy Sak, umujenama mu bushikiranganji bwa Ukraine bujejwe inganda nkoramutima, yavuze ko ''ata co bivamwo kuvuga '' kuri bene izo nkuru kandi ko ari ''kwigira gugu kwitega Ukraine guhindura aho ihagaze ''ku bibazo ntaharirwako'' nka Crimea.
Sak yavuze ko intumwa za Ukraine zija mu biganiro zitaba inama ya Londres zifise ubutumwa ''butomoye, bugarukira hafi'' bwo gushika kw'ihagarikwa ry'intambara ''rizoca inzira y'ibiganiro bizokurikira''.










