'Gucora', canke gusongora, ingeso icanishijemwo Abarundi baba mu mahanga n'abasigaye mu gihugu

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umumenyeshakuru i Bruxelles

Ni ingeso yo kuva kera iteje ibibazo n'izankano hagati y'Abarundi n'Abanyarwanda baba mu mahanga n'ababo basigaye mu gihugu.

Iyi ngeso yahavuye itazirwa "gucora", canke naho abandi benshi bakayita gusongora, ingeso yo gusaba amahera ababa mu mahanga agasakisaki kuko bibaza ko bafise uburyo bwinshi.

Abarundi n'Abanyarwanda benshi bari mu mahanga, iyo bakoraniye hamwe, barakunze kwidoga ko ari ingeso ibateranya n'incuti, ababanyi n'abagenzi basigaye mu gihugu mu gihe babasavye amahera ntibayaronke.

Marlène umwe mu Barundikazi baba mu gisagara ca Hambourg mu Budagi avuga ko ari ingeso iteye agahinda, ikunze guteranya imiryango.

"Erega birateye isoni! Umenga turi inka zikamwa, ntibazi ko naho duhembwa amahera hari ibiduhanze, uri amakori, uri kuriha ama factures, inzu n'ibindi vya nkenerwa, uko turonka amahera niko tuyakoresha ariko ubivuze uba umwansi canke umwimanyi, kuko hari vyinshi dutegerezwa kuriha.

"Iyo badusavye amahera ntibiyumvira ko tuyabura bigaca biba urwanko. Hari n'abo duha ntibashime ngo ni make, canke bakayasesagura bakibaza ko arayo tunoba hasi.

"Imiryango, incuti, abagenzi, ababanyi n'abo mwiganye, bose bagusabira rimwe; biragoye ko woronka amahera uha abantu barenga ijana uri umwe kandi utabahaye kiba ikibazo, mu miryango yacu hoho ni ingorane kuko baradukarira, benshi twaratuntuye".

Ngarambe w'imyaka 41 Umunyarwanda aba mu gisacagara ca Lille mu Bufaransa avuga ko hari nk'umuntu agusaba "umutahe w'ibihumbi 3000 vy'ama euros, ukamengo ni ibintu bisanzwe, kandi bisaba ko wisonzesha kugira uyabike".

Ati: "Ni ukuri jewe ndatangara, uvuze ko utayafise, iba ingorane kuko naho umuha make aca agukwiza igisagara ko ataco wikura, uri maboko...aha agahinda karatwishe".

Boris aba mu gisagara ca Charleroi mu Bubirigi, iyi ngeso ni ukutamenya kandi ni ukurenza urugero, kubona umuntu, ntazi ingene ubayeho, ariko ugasanga no mu butumwa bwiwe kuri terefone, ijambo rya mbere usanga ari yambu, irya kabiri ni ncorera, utamuhaye ugaca uba umwansi.

Ati: "Hari naho abakwandikira ari abantu utanacibuka, haciye imyaka25 mutanavugana, ariko kubera gusa bamenye ko uba hanze, agaca agusaba amahera, ntanazi ko ufise n'akazi... biratubabaza cane, kuko nta mugabo atunga uwundi.

"Igitangaje, hari n'abadusaba bafise amazu n'imiduga nawe ucironderera, birateye agahinda".

Mu ntumbero yo kwinyegeza ababasaba, hari abahitamwo kwama bahindagura amanomero ya terefone buri mwanya kugira ngo binyegeze ababasongora, nk'uko Gilbert w'imyaka irenga 45 aba mu gisagara ca Nivelles mu Bubiligi abigira, aho yama ahindura inomero buri ndwi.

"Nanka kuvuga nabi kuko hari imvugo ndenzarugero y'umuntu avuga ngo 'mpa aga 50 euros canke 100 euros' ukamenga nayo utora hasi, ubahaye mu marundi naho ukamengo uramenje, ntibamenye ko no kugira ubike dukeduke bigoye. Ni co gituma jewe nahisemwo gukoresha inomero ya terefone batazi, ngahindura ku ndwi ku ndwi".

'Baratukwa kandi bitanga'- Rufyiri wa OLUCOME

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rijejwe kurwanya ibiturire n'isesagurwa ry'itunga ry'igihugu aremeza ko aba Barundi baba mu mahanga batarira busema, agahanura abantu guheba iyi ngeso.

Ati: "Ni ukuri Abarundi baba mu mahanga turazi baragowe; uretse ko bafatiye runini imiryango yabo, baratukwa kandi bitanga. Abarundi bari bakwiye kumenya ko bigoye, tugire n'umutima wo gushima ibibonetse".

Ahanura Abarundi baba mu gihugu guhindura ingendo, ntibafate ko umuntu aba hanze ari umucunguzi, bakamenya ko n'aho aba mu mahanga aba afise vyinshi bimugoye.

Abarundi baba mu mahanga barerekana ko bafise uruhara ntangere mw'terambere ry'igihugu, haba mu bijanye n'ubutunzi, imibano n'ibindi.

Icegeranyo c'igisata ca ONU kijejwe abimukira, OIM, co mu 2024 kivuga ko Abarundi baba mu mahanga baterereye imiliyoni 46 z'amadolari y'Abanyamerika hafi 1,6 % vy'umwimbu w'igihugu (PIB), aho ibice 20% vyayo vyagiye gufasha imiryango yabo yasigaye mu gihugu.