Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nickel: Kuki ubwo butare butimbwa mu Burundi inyuma y'imyaka 50 buhatowe?
- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Indege ya mbere Uburunndi bwaronse - yo mu bwoko bwa Caravelle -bwayitaziriye Musongati kubera ku muzozi wa Rubara muri iyo komine ya Musongati - mu ntara ya Rutana y'ubu - mu ntango z'imyaka ya 1970 hari hajeje gutorwa ko hiraye ubutare bwa nickel.
Inyuma y'imyaka irenga 50, n'ubu Abarundi baracarindiriye ko ubwo butare bwimbwa.
Nickel ni ubutare nkenerwa mu mahinguriro no mu bwubatsi. Ikoreshwa cane mu gukora ivyuma bitarwa ingese. Irakoreshwa cane kandi mu vyuma bitandukanye bigize indege.
Muri ino myaka ya vuba naho ikoreshwa mu guhingura ama bateri y’imodoka zikoresha umuyagankuba (voitures electriques), bumwe mu buryo bwo kurwanya kwononekara kw'ibidukikije guterwa n’uguturira ibitoro.
Ariko gushika uyu munsi iyo nickel yo mu Burundi iracari nk’indoto gusa.
‘’Navuye ngaha mu Burundi mu 1975 ngiye mu Bubirigi kwiga ivyo kwimba nickel ya Musongati […] abantu bari banezerewe. Nari nzi ko ngarutse ari cash nca nja mu vyo kwimba nickel, igihugu kigatera imbere’’, ivyo bivugwa na Leonce Sinzinkayo.
Ni umwe mu barundi barungitswe kwiga ivyo kwimba ubutare na cane cane nickel yari ihejeje gutorwa i Musongati n’umugambi w’ishami rya ONU rijejwe iterambere (PNUD).
Kuki intambwe yo kwimba idashikwako?
Muri iyo myaka yose iheze bizwi ko mu Burundi hari nickel, hamaze gukurakuranwa ama kompanyi menshi yo hanze.
Andover Resources, BHP Minerals, BMM, Samancor, n’ayandi, yose aza kwiga ingene iyo nickel ingana, ubwoko bwayo n’ingene yokwimbwa, ariko ntiyigere ashika ku ntambwe yo kubwimba.
‘’Uno munsi i Musongati vy’ukuri ibikorwa vy’amasosiyete vyarahagaze, ubu i Musongati hacungerewe na reta […] gushika ubu nta sosiyete n’imwe iriko irahakorera […] gushika ni hasabwa n’ababishoboye, aho rero dosiye izoheza yigwe’’.
Ivyo bivugwa na Evelio Mushimantwari ajejwe igisata co kurondera ubutare n’amakarata y’aho butumbereye mu bushikiranganji bujejwe ubutare n’amasoko ntanganguvu mu Burundi.
Gusa Evelio Mushimantwari arasubira akavuga ati: "Icibonekeje ni uko amasosiyete (kompanyi) yose amaze gukorera mu Burundi yose yerekana ko nickel ihari vy’ukuri’’.
Ubutare bwa Nickel buri mu muhora muremure uva mu ntara ya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi ukabandanya gushika mu ntara ya Makamba mu bumanuko, uciye mu ntara za Karuzi, Cankuzo, Giteta, Ruyigi, Mwaro, Rutana na Bururi.
Aho hose aho ivyigwa bimaze gukorwa bikerekana neza ingene ubutare bwa nickel buriyo bungana n’imyaka vyofata kugira bwimbwe, ni i Musongati mu ntara ya Rutana.
Ku bw’ubushikiranganji bujejwe ubutare, bigereranywa ko Musongati hariyo amatoni miriyoni 150 (150.000.000) zokwimbwa imyaka 25.
Ahandi hamaze kuba ivyigwa ku ntambwe zitandukanye ni :
- Nyabikere-Karuzi: Amatoni 46.000.000
- Waga-Gitega: Amatoni 35.000.00
- Mukanda-Gitega: Amatoni 11.800.000
Ariko nta kompanyi n’imwe irashika ku ntambwe yo kubwimba. Yose aragera ahantu agasezera reta y’Uburundi iba yayahaye impusha ayimenyesha ko ahagaritse ibikorwa.
Mushimantwari avuga ati: "Hariho abahagarika ibikorwa bavuga ko ari ukubera uburyo buke, ko bashikiwe n’ikibazo c’uburyo buke".
Avuga ko bafatira ku mvo ayo makompanyi aba yavuze.
‘’Iyo ni imvo imwe mu mvo nyinshi kuko ntawovuga ko zose baba bazimenyesheje’’
Ikibazo c'umuyagankuba
Leonce Sinzinkayo avuga ko hakwiye icigwa c’ubugenduzi (audit) co kuraba icatumye bene ayo makompayi yama arakurakuranwa ariko ntashike ku gikorwa nyamukuru co kwimba nickel. ‘’Ivyo bintu birimwo igipfungu’’.
Kimwe mu bikenewe Uburundi budafise gushika ubu ni umuyagankuba ukoreshwa mu bikorwa vyo kwimba nickel.
Leonce Sinzinkayo ati: "Bisaba umuyagankuba mwinshi cane. Nk’ubu dukoresha [dufise] umuyagankuba uri munsi ya megawatts 200, yoyo igusaba nka 800, none tuyakura he kugira twimbe iyo nickel?’’
Evelio Mushimantwari we avuga ko ico kibazo coja kiratora inyishu buke buke, kuko ibikorwa vyo kwimba mu ntango ntibica bikenera umuyagankuba mwinshi cane.
‘’Ico ni ikibazo kimwe mu bindi. Sosiyete yitunganije neza irashobora kuronka ubundi buryo bwo kurondera umucanwa nko mu gukoresha ama ‘plaques solaires’ afise inguvu nyinshi, n’imiburiburi akerekana ko ashoboye’’.
‘’Mu ntango ntibaca bakenera umuyagankuba mwinshi cane’’.
Amabarabara
Mu bindi bibazo bikomeye harimwo amabarabara yo kuvana ubwo butare bwa nickel aho bwimbwa gushika ku bivuko vya Tanganyika na Dar es Salaam kugira bujanwe iyo buja guhingurirwa mu makungu.
Ubu amaso rero ahanze ibarabara ry’indarayi (railway/chemin de fer ) ririko rirubakwa riva muri muri Tanzania rikazoshika mu Burundi na cane cane i Musongati ahari iyo nickel.
Hagati aho itegeko rigenga ubutare mu Burundi ririko rirasubirwamwo kugira intambwe zimwe zimwe zo guhingura ubwo butare zizobere mu Burundi, umutwaro wo kubwiremeka ugabanuke, kandi igihugu kimenye neza ubutare bugiye hanze ubwari bwo.
Akenshi iyo nickel iba ifatanye n’ubundi butare, bugiye hanze budatandukanijwe ababutwaye bashobora kuvuga ko batwaye nickel gusa.
Ku bwa Leonce Sinzinkayo kuvuga "ngo oooh buca dutunga ko dufise nickel kandi utararonka ivya nkenerwa, haba hagiyemwo ivyo gushikuza canke mbere rimwe rimwe ivyo kubesha abantu […] tukaguma turindira, turindira, bamwe tukaja muri pension [tukaja mu kiruhuko c'izabukuru] n’abandi bakankurikira iyo nickel itaraboneka’’.