Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'imvano ku kibazo cy'ubukene mu Burundi kuva bwabona ubwigenge muri 1962
Mu cyegeranyo cyasohowe na Banki y'isi muri uyu mwaka, u Burundi buza ku mwanya wa nyuma mu bihugu bikennye kw'isi. Ni ukuvuga ibihugu bifite abaturage bakoresha hasi y'amadolari 2 ku munsi.
Ishyirahamwe rirwanya ruswa, ikimenyane no guhindura ingendo mu Burundi, Parcem, ryasohoye icyegeranyo cy'ubushakashatsi ryakoze igihe u Burundi bwizihizaga isabukuru y'imyaka 60 bumaze bwigenze kigaragaza ko imibereho y'umurundi muri iki gihe mu 2022, iri hasi y'uko umurundi yarameze mu 1962 igihe u Burundi bwabonaga ubwigenge. Iri shyirahamwe rikavuga ko nubwo abarundi bavuye kuri miliyoni 2 muri icyo gihe bakaba bageze kuri miliyoni 12 ubu, ngo ukwiyongera kwabo ntikwajyanye no gutera imbere k'ubukungu. PARCEM iravuga ko ibibazo bya politiki byagize uruhure mukudindiza ubukungu bw'igihugu: nko mu 1972 ubukungu bw'u Burundi bwasubiye inyuma ho ibice 6 kw'ijana, kuva mu 1993 kugeza mu 2005 busubira inyuma ho ibice 33 kw'ijana.
Abatumire ni Euphrasie Bigirimana : Umwigisha wikorera utwiwe mu mashirahamwe yo kwiteza imbere, yabaye umushikiranganji w'ubucuruzi, amahinguriro n'ingenzi kuva mu 2007 kugeza mu 2010, aba umuyobozi mwishikira ( ni ukuvuga chef de cabinet civile ) mu biro by'umukuru w'igihugu, yabaye n'umukenguzamateka, ubu ari i Bujumbura mu Burundi.
Faustin Ndikumana, umukuru w'ishyirahamwe Parcem, ishyirahamwe rirwanya ruswa, ikimenyane no guhindura ingendo, nawe ari mu Burundi.
Na Joseph Ngarambe, umuhinga mu by'ubukungu, ni umunyarwanda ariko wabaye mu Burundi akaba anakurikirana ibihabera, we ari mu Bufaransa.
Iki kiganiro mwagiteguriye na Felin Gakwaya.