Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Video: Ca gipande c'ibuye kizwi ko canditseko ya Mabwirizwa Cumi y'Imana kiriko kiragurishwa icamunara
Iki gipande c'ibuye ca kera kuruta ibindi vyose kizwi ko ari co canditseko Amabwirizwa Cumi y'Imana mu gihebreyi/giheburayo ca kera - ubushakashatsi bukerekana ko catowe mu myaka ya 300–800 inyuma y'ivuka rya Yezu Kristu/Yesu Kristo - kizogurishwa icamunara i New York kw'igenekerezo rya 18 Kigarama (12).
Inyuma y'uko iki gipande kizuwe mu Buseruko bwo Hagati mu 1913 mu gihe bari mu vyigwa vyo gukora ibarabara ry'indarayi, carigeze gukoreshwa mu gusena imbere y'uko ikibanza caryo muri kahise kimenyekana.
Iki gipande c'ibuye gifise amabwirizwa y'Abanye-Samaria yo gusenga ku musozi Gerizimu, citezwe ko kizogurishwa hagati y'imiriyoni imwe na zibiri z'amadorari y'Abanyamerika.