Bujumbura - ubukene bw'amazi: 'Tuyamesuriramwo, niyo dutekesha...hari abayanywa'

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA
Mu gacimbiri Kibuye ko muri zone Muyira mu nkengera z’igisagara ca Bujumbura, amazi y’uruzi Muha asigaye akora vyose. Kuri Nadine Mpawenimana n’abo babana, ayo mazi ya Muha niyo biyogamwo, bakayamesamwo, bakaja kuyatekesha, bakongera bakayanywa.
Ivyo bitumwa n’uko amazi meza y’ishirahamwe riyatanga mu Burundi, REGIDESO, asigaye ari imbonekarimwe mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco.
Ariko arameserurira mu ruzi Muha, Nadine avuga ko naho ayo mazi bayamesuriramwo "turagaruka tukayakoresha ibikorwa vyose vyo mu rugo", aho akavuga guteka no kuyanywa. Ati "hariho abayanywa"
Avuga ko abatayanywa baba ari abafise amafaranga yo kugura meza ku bayafise mu mpangu, "bido [bidon] bakayigura amajana abiri…".
Umubanyi wiwe nawe ariko aramesa aho mu Ruzi Muha nyene avuga ati : "Ndashobora kumara nk’indwi ntayaronse [amazi meza]".
Bompi bemeza ko iyo amazi abonetse kw’ibombo aza hagati ya sasita n’isaha umunani z’ijoro. Naho nyene Nadine akavuga ko "aza iminota mirongo itatu canke isaha imwe bagaca basubira bakayakata".


Kw’ivuriro riri muri ako karere, mu bantu baza kwivuza harimwo abafise ibimenyetso vy’indwara zituruka ku mazi mabi.
"Tumaze kwakira abana 19 bafise ikibazo co gucibwamwo", bivugwa na Faustine Nahimana, umuforomakzi wo kuri iryo vuriro. Avuga ko mu bakuze bafise abarwayi "26 muri uku kwezi kwa ndwi. Ibimenyetso baza bafise baravuga ko bacibwamwo kandi badahwa".
Ikibazo c’amazi catanguye mu 2005 - Regideso
Muri karitiye ya Gatunguru mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Bujumbura, hari ivomo rimwe gusa ridakunda gukama amazi.
Buri munsi harangwa umunigano w’abaje kuvoma amazi.
Ku zuba rimena imbwa agahanga, Billy Iradukunda yarushe yigirwayo aja kure y’umusunikano uri ku murongo w’abatondekesheje ibivomesho.
"Umuntu arashobora gutaha yakomeretse kubera imigwano ariko arondera amazi".
Benshi mu baza kuvoma n’abakozi bo mu ngo, ababoyi n’abayaya. Bavguga ko ubwo bukene bw’amazi bubateranya n’abakoresha babo.

Mukangarambe Arielle, umukobwa akiri muto, ni umwe mu bayaya baje kuvoma kuri iryo vomo.
Ati: "Iyo nje kuvoma ngaha [mu gitondo] nsubira muhira isaha umunani. N’abana nsiga ndabugaranye", niko avuga.
Avuga ko biza kugorana cane cane ku bana bakinywa amata kuri bibero[biberon]. Ati: "umwana anywereye kuri bibero itogeje aca arwara diyare (gucibwamo) nabo [abavyeyi] bagaca bagushwanira".
Mw’ishirahamwe rya reta rijejwe amazi n’amatara, REGIDESO, iyo ngorane y’ubukene bw’amazi mu gisagara ca Bujumbura barayizi, kandi si iy’ubu vuba.
"Ni ikibazo catanguye mu 2005", bivugwa n’umuyobozi mukuru wa REGIDESO. Dr Ir Major Jean Albert Manigomba, avuga ko "kuva ico gihe [2005] arya mazi dukoresha menshi ava muri Tanganyika yari yagenewe guhereza abantu gushika mu 2005".
Avuga ko kuva ico gihe Regideso itongereje umwimbu, "mugabo igisagara co kikaguma caguka. Amazi dufise ubu ntakwiye uravye ingene abayasaba bangana".
Umuyagankuba naco ni ikibazo
Major Manigomba yizeza ko uyu mwaka hategekanijwe ibikorwa vyo kugwiza amazi mu gisagara ca Bujumbura.
"Muri budget [mu mafaranga ategekanywa gukoreshwa] y’uno mwaka, amafaranga menshi twayashize mw’igwiza ry’amazi … hariho inzuzi nyinshi tuzohingura, cane cane izi zisuka muri Tanganyika, tuzikoreshe mu kugwiza umwimbu w’amazi abenegihugu bo ngaha i Bujumbura bakenera".
Uretseko ayo mazi ari make, ikibazo c'umuyagankuba uguma ucika muri iki gihe naco kiza gusongera isibe. Kuko n’ayo mazi make ahari aduzwa n’umuyagankuba ava mu bibanza ahingurirwamwo kugira akwiragire mu gisagara ca Bujumbura .
Major Manigomba ati: "Muri ino minsi rero hariko haraba idurumbana ry’itangwa ry’amatara, ivyo navyo biratuma n’idurumbana ry’amazi rikurikira …kuko ama pompe [asunika amazi] akoresha umuyagankuba.
"Iyo hari umuhora umwe [w’amatara] twakuyemwo wari usanzwe uriko pompe, iyo ntiheza ngo isubire gukora. Ni ukuvuga ko abantu bahora baronka amazi avuye kuri iyo pompe harabaho kutaronka amazi uko vyari bisanzwe bimeze".
N’aho nyene umuyobozi mukuru wa Regideso asaba abanyagihugu kwihangana mu gihe iryo shirahamwe rikiriko rirarangiza ibikorwa ririmwo muri iyi minsi bijanye n’umuyagankuba.
Mu kurindira ariko abanyagihugu bafise impungenge ko indwara ya cholera yari yadutse mu gisagara ca Bujumbura mu ntango z’uyu mwaka n’ubu ishobora kugaruka kubera isuku rike riturutse kuri ubwo bukene bw’amazi.










