Kuki abantu babandanya bagwirirana mu Burundi?

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi
- Umwanditsi, Na Bernard Bankukira
- Igikorwa, BBC Gahuza
Kimwe mu bitera umurindi w’irwirirana ry’abantu mu Burundi ni uko abagabo benshi bataratahura uruhara rwabo mu kuvyara ku rugero, nk’uko bivugwa na Jean-Bosco Ndayishimiye, umukuru w’ishirahamwe Population Media Centre rihimiriza abantu guhindura ingendo kugira bagire amagara meza.
Ku wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro (7) wari umusi mpuzamakungu wahariwe abantu, Uburundi bukaba buri mu bihugu vya mbere bifise ibitigiri birenze urugero vy’abantu muri Afrika.
Ndayishimiye yabwiye BBC ko imico y’Abarundi iha abagabo ububasha bwose ku bapfasoni babo, aho bakibafata nka ba bapfasoni ba kera ata kintu na kimwe bashobora kuvuga, “kumwe bavuga ngo nta nkokokazi ibika hari isake”.
Ati: “Uca usanga rero, iyo hageze imibonano mpuzabitsina, umugabo akaza yihimbiye urukanywa agashika asaba uburenganzira bwiwe, umugore ntashobora kumwankira, kuko mu ndero y’Ikirundi abarundikazi ni bake bashobora kwankira imibonano mpuzabitsina abagabo babo bitwa ko babakoye.
“Ibi bigira inkurikizi nyinshi cane kuko usanga muri uku kwiganza, ukutaja inama ku kungene bovyara ku rugero hagati y’umugabo n’umugore, baca bisanga bariko baravyara abana b’umurengera”.
Ndayishimiye abona ko ibi ari agacinyizo ku bagore kandi kibonekeza haba mu bize canke mu batagize amahirwe yo guca mw’ishure, “ugasanga harimwo abagira umurongo w’abana bashika batanu, batandatu, indwi n’abarenga”.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu mwaka uheze, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano bwavuze ko umurindi w’igwirirana ry’abantu wari ku muvuduko uteye ubwoba ku buryo mu myaka 29 igitigiri c’abantu gishobora kwiyongera incuro zibiri.
Ico kiganiro caremeshejwe na Martin Niteretse yari umunyamabanga ntayegayezwa ajejwe iterambere rusangi muri ubwo bushikiranganji, ubu akaba ari we aburamutswa, yibukije ko igitigiri c’abantu mu Burundi cavuye ku miriyoni zababa zine mu 1979 kigashika ku miriyoni 12,83 mu 2022.
Ibiharuro bitangwa n’ikigo kijejwe kwegeranya ibiharuro mu Burundi ISTEEBU vyerekana ko mu 2008, Uburundi bwari bufise abantu barenga imiriyoni umunani.

Ahavuye isanamu, The New Humanitarian
Uno mwaka wa 2023, ibiharuro bitangwa n’ishami rya ONU ryitaho gufasha mu bijanye n’iterambere ry’abantu n’irondoka rijanye n’amagara meza, FNUAP/UNFPA, vyerekana ko uno musi Uburundi bufise imiriyoni 13,2, ni ukuvuga ko biyongereye ku rugero rwa 2.71% ugereranije n’umwaka uheze wa 2022.
Ibi biharuro vyerekana ko ubu mu Burundi urugero rw’abanyagihugu rungana n’abantu 475.6 batuye ku kirometero kwadarato kimwe gusa, mu gihe nko muri Tanzania bihana urubibe urugero rw’abanyagihugu ari 68.6 ku kirometero kwaradato kimwe.
Uno murindi woba uterwa n’iki?
Kubwa Jean-Bosco Ndayishimiye, ingorane ya mbere ni uko “abantu bose batarajijuka ngo bumve inkurikizi mbi z’igwirirana rirenze ry’abantu. Benshi baracigenza kumwe kwa kera, amasi acagutse, ivyo gufungura bikiri vyinshi”.
Avuga kandi ko hari ikindi cagiye kuboneka nk’inkurikizi, “ariko y’umugambi mwiza wa reta, ni uko kuva mu 2006 reta y’Uburundi yafashe ingingo yo gusahiriza amagara y’abantu, na cane cane mu gufata mu mugongo abagore bose baja kwibaruka kuva baja kwipimisha imbanyi gushika bibaruke, bakibaruka ku buntu”.
Ati: “Ibi rero vyatumye abantu bose bamenyera ko bafatwa ku buntu, bica bituma rero umurindi w’abantu aho kugabanuka uguma wongerekana”.

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi
Jean-Bosco Ndayishimiye abona kandi ko iyindi ngorane ari uko Abarundi bagizwe ahanini n’abakiri bato, ku rugero rwababa 50%, muri aba “20% bakaba bagizwe n’abahungu n’abakobwa bageze kuvyara”, kandi bamwe ugasanga bavyara mu rudavagi.
Ati: “Urabona nk’aba bakobwa bavyarira mu mashure bataranashitsa imyaka 20, ibi biratuma irwirirana ry’abantu mu Burundi ribandanya”.
Uyu arongoye PMC mu Burundi aravuga kandi ko, n’aho atari benshi batakigendera ku vyiyumviro bijanye n’ukwemera kuri iki kibazo, haracari bamwe bamwe mu barongoye amashengero bataremera neza ivyo kugabanya imvyaro, “ugaca usanga abayoboke bayo ntibatahura uburyo bwa none bwo kugabanya canke gutandukanya imvyaro, canke gupfunga burundu”.
Abagabo benshi ntibigishwa uburyo bwo kwirinda imbanyi umuntu atipfuza
Mu gihe hari inyigisho zitangwa zijanye no kwirinda imbanyi umuntu atipfuza, Ndayishimiye aremeza ko abatari bake bazumva, ariko ko “izi nyigiho zihabwa abogore gusa, kuko ari bo baza kwibaruka”.
Ati: “Uca usanga izo nyigisho zakoze ku bagore gusa ariko yashika muhira ugasanga ntafise uburenganzira bwinshi bwo kujijura umugabo wiwe canke kumwankira amabanga y’abubatse, n’aho boba babona ko umugore ashobora gusama, iki kiracari intambamyi”.
Ihadabu ku barengeje igitigiri kanaka c'abana?
Jean-Bosco Ndayishimiye avuga ko igwirirana ry’abantu mu Burundi ririko riratera ingorane nyinshi, “mu gahugu gatoya gafise abantu benshi”.
Ati: “Tugereranije n’uko mu ntara zimwe zimwe nka Kayanza, Kirundo, Muyinga [...] usanga hari nk’abantu bashika 700 kuri kirometero kwadarato (imwe), ni benshi cane, mu gihe isi yamaze kwaga, kandi abarundi benshi batunzwe n’uburimyi n’ubworozi.
“Iyumvire aho usanga umuntu adashobora kuronka n’ama-ares cumi ku muryango y’aho arima, none yoronka gute umwimbu yoshobora gutungisha umuryango wiwe usanga urimwo abana batandatu canke indwi, ugaca ushirako umugabo n’umugore?”

Yongerako ati: “Ingorane z’amoko zahora zizingamitse Uburundi ubu ntizikibaho, zasubiriwe n’iz’amatongo kubera irwirirana ry’abantu.
“Ubu mu masentare huzuye imanza z‘amatongo, ugasanga abavukana bariko baratemana, ugasanga umutama arenza imyaka 60 bamugiriye inama baramwishe kugira ngo basigare baragabura itongo yari asigaye arimamwo”.
Aremeza ko ubu mu ntara zimwe zimwe abavukana bagenda bakuranwa mu kurima, abandi nabo bakangara baja guca ingero, canke bakimukira mu ntara zigifise amasi yagutse.
Mu vyokorwa kugira ngo uno murindi ugabanuke, hejuru y’inyigisho zikomeye asaba reta ko yokora, Jean-Bosco Ndayishimiye ntarya umunwa mu gusaba reta ko yofata ingingo zikomeye, igashinga igitigiri c’abana umuryango wotegerezwa kuvyara, “ku buryo nk’abantu baba barengeje umwana ku gitigiri ntarengwa batozwe ihadabu, bakubahuka bakamutoza ihadabu”.










