‘N’imisi ine irahera dutondeye igitoro’- Umugore atwara taxi i Bujumbura

Insiguro ya video, Ikibazo c'igitoro cabaye akayobera bahinga mu Burundi, imyidogo ni myinshi

Mu modoka za taxi amajana zo ku murwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi, Bujumbura, kubona iyitwarwa n’umugore ntibimenyerewe na gato. Bishoboka ko hari uwutarigera abona n’umwe.

Claudine Nimbona, umugore w’imyaka 34 -yubatse afise abana batatu- ni umwe mu bagore imparurwa bakora ako kazi. Namusanze ku gituro kw’isoko bita kwa Siyoni arindiriye kuronka umukiriya.

Yemeza ko abagore batwara táxi nk’akazi ka minsi yose batarenga batatu na we nyene arimwo.

We avuga ko akamazemwo imyaka itandatu kandi n’abagakora ngo bamwe ni we yabigishije. Imbere y’aho avuga ko yatwaye taxi moto imyaka ine.

Claudine avuga ko ikimugoye atari uko akora akazi kiganziwe n’abagabo.

Ubukene bw’igitoro ni bwo buhungabanya akazi kiwe. Ashobora kumara imisi myinshi atondeye igitoro kandi nyene imodoka na we akamusaba kumuha amafaranga buri munsi.

Yakinjiyemwo gute?

Claudine avuga ko abantu benshi barondera kumenya ingene yinjiye muri ako kazi kiganziwe n’abagabo.

Ati: ‘’Navyisanzemwo. Narabikunze kubera aho naba hari abashoferi bakaja baranyigisha imodoka mu nyuma nsanga ndabaye umushoferi’’.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

N’ubwo akora akazi kiganziwe n’abagabo, Claudine yemeza ko ata ngorane zihariye bahura.

‘’Abakiriya badufata co kimwe…aba bosi [bosss/abakoresha] badufata co kimwe nta kuvuga ngo ni uko uri umudamu [umugore].

"Ahubwo abakunda gutinya ni aba mama".

Claudine yemeza ko abakiriya b’abagabo babatera intege ngo ‘’reka tubashorere namwe mutere imbere’’.

Avuga ko ‘’mbere kenshi n’abakunda gutinya ni aba mama [abagore]. Umu-mama ahagaritse taxi agasanga ari umukenyezi [niwe aca avuga ngo] oyaaaa wohava unaga [unta hasi/ugira impanuka]’’.

Uretse gutinya kuja muri taxi itwarwa n’umugore, Claudine yemeza ko no kuba abagore bakiri bake cane muri ako kazi, imvo imwe ari uko ‘ abagore/abakobwa batinya ako kazi.

Ariko ku myaka 10 akamazemwo, yemeza ko ari ‘’akazi nk’akandi, umwuga nk’uwundi’’.

‘’Kandi na barya bagabo usanga dukorana umaze kuza mugaparika hamwe, mu nyuma barakumenyera ukaba nka mushiki wabo bakanagufasha kurondera abakiriya’’.

Gusa yibaza ko hari n’ababura uburyo bwo kuja muri ako kazi, harimwo kuronka impapuro zikenewe na cane cane guca urupapuro rwo kugendesha imodoka ruri mu zizimvye cane mu Burundi. Rugurwa ibihumbi ijana (100.000) hatarimwo ayo gutanga mu bigo vyigisha kugendesha imodoka imbere y’uko uja gukora ikibazo co kuruca, aho ukagenda wijaniye imodoka.

Imirongo y'imodoka zitondeye igitoro
Insiguro y'isanamu, Kuri station imwe yo mu gisagara ca Bujumbura, ushobora gusanga umurongo w’abatonze urenza uburebure bw’ikirometero.

Gutwara taxi, akazi katoroshe mu bukene bw’ibitoro

Claudine, co kimwe n’abandi bakora mu gisata co gutwara abantu n’ibintu, kimwe mu bibazo bimuhanze muri iki gihe n’ubukene bw’igitoro.

Haheze igihe kirekire igitoro carabaye akananirabahinga mu Burundi. Aho banyweshereza imirongo y’imiduga irashobora gushika ku kirometero, abatwara amapikipiki nabo bakaza bikoreye rezerevwari [reservoir] kuko batemerewe kuzana moto zabo hagati mu gisagara.

Ariko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yemeza ko mu bubiko bw’igitoro c’igihugu i Dar es Salaam muri Tanzania, ‘’igitoro cuzuye’’. Avuga ko ingorane ari izo kugishikana mu Burundi ‘’kuko bene ibiduga bikizana bari muri babandi’’ yagiriza ‘’gutobera igihugu’’.

Muri abo avuga abadandaza igitoro kuva kera. Ntibakunze kwisigura ku vyo bagirizwa n’umukuru w’igihugu.

Station ta Interpetrol
Insiguro y'isanamu, Henshi mu gisagara ca Bujumbura ama stations ntagira igitoro

Claudine avuga ko ashobora kumara imisi itatu canke irenga atonze kugira akironke.

‘’Nkatonda aho noshikiriwe ngaca nsanga kirakamye. Bati tuzozana ikindi ejo. Uca uyiraza aho nyene ukarondera abazamu bakayirarira, bukeye bazanye ugashikirwa’’.

‘’Ibintu vy’igitoro ni censi (chance) nyene. Ahandi ho n’iminsi ine irashobora guhera dutonze tutarakironka’’.

Ariko izo ngorane avuga ko ‘’aba boss’’ [ba nyene imodoka] batazumva.

Ati ‘’hariho umu boss avuga ‘’ngo veresema [versement, amafaranga ateregerezwa guha nyene imodoka ku musi ku musi] utegerezwa kuyiriha n’aho watondeye igitoro’’.

‘’Urumva hako uguma ngaho ata kintu uriko urakora, uremera ugatora imodoka …ukemera ukayakorera gushika uyakwize hako uguma i muhira’’.