Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
M23 yasubiye kwigarurira igisagara ca Masisi - umuvugizi w'igisirikare ca DR Congo
Umuvugizi w'igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo (FARDC), Jenerali Majoro Sylvain Ekenge amenyesha ko inyeshamba za M23 zisubije igisagara ca Masisi ku muhingamo w'uno wa kane, inyuma y'aho mu gatondo ko kuri uno musi nyene amenyeshereje ko ingabo za reta zari zakigaruye ejo ku wa gatatu.
Jenerali Majoro Ekenge yabwiye abanyamakuru ku mugoroba w'uno wa kane ko igihe igisirikare cisubiza Masisi ku muhingamo w'ejo ku wa gatatu, inyeshamba za M23 zagumije ibirindiro bikomeye, maze bituma zisubira gufata iki gisagara kuri uno wa kane.
Ati: "Nk'uko nabibwiye abanyamakuru mu gatondo, igisirikare cari cisubije igisagara ca Masisi, ariko rero abarwanyi ba M23 bari kumwe n'abafasha babo b'Abanyarwanda bari bagumije ibirindiro bihambaye vya Kahongole, ibi bikaba vyabahaye akaryo ko gusubira kwigarurira igisagara ca Masisi kuri uno muhingamo, ariko intambara zirabandanya".
Jenerali Majoro Ekenge avuga ko ingabo za reta zivyifatamwo neza, kandi ko ari zo zigenzura igisagara cose ca Ngungu no mu micungararo yaco.
Ku wa gatandatu, M23, umuhari ufashwe mu mugongo n'Urwanda, yatangaje ko yari yigaruriye iki gisagara inyuma y'imisi ine y'intambara zabica bigacika mu micungararo yaco, ingendo ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya na Amerika vyiyamirije.
Mu gitondo c'uno wa kane, Jenerali Majoro Ekenge yari yemeje igaruzwa ry'iki gisagara, n'utundi turere tutari duke, kandi ko intambara zari zikibandanya mu misozi ihanamiye Masisi, nk'uko abivuga.
Mu butumwa yarungikiye BBC Gahuzamiryango, Jenerali Majoro Ekenge yari yagize ati: "Ndemeje ko ingabo za FARDC, hampande yo kugaruza igisagara ca Masisi, zagaruje kandi na Ngungu zifata n'ibirindiro vy'ingabo z'Urwanda mu misozi ihanamiye igisagara ca Sake hamwe n'akarere ka Bweremana, mu bigwati vya Karuba, Kimoka, Rutoboko, Bikataka".
Igihe ku wa gatandatu M23 yatangaza ko yigaruriye Masisi, hari ababona ko kari akaryo keza kuri yo ko gushobora kwigarurira ikindi gisagara gikomeye ca Walikare.
BBC Gahuzamiryango yarondeye abarongoye M23 kugira ngo bagire ico bashikiriza kuri ano makuru ariko ntaco barashikiriza.
Hagati aho, inyuma y'umubonano w'inama nkuru ijejwe umutekano ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo ejo ku wa gatatu, Patrick Muyaya, umuvugizi wa reta ya RD Congo, yatangaje ko ingabo z'iki gihugu zivyukiranije kandi ko zizoruhuka zisubije uturere twose twigaruriye n'inyeshamba mu buseruko bwa DR Congo.
Ati: "Muri raporo yashikirijwe n'umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, ingabo zacu zivyukiranije, kandi, mu misi iri imbere muzobibona, ibikorwa vyerekana ubushobozi bw'ingabo za FARDC bizobandanya, mbere uturere turi mu minwe y'ingabo zateye igihugu tuzoruhira kubohozwa, kamwe ku kandi".
Muyaya yagabishije abo avuga ko bafise "ingendo canke bashikiriza amajambo ateye impungenge, mu nzira iteye kubiri no gutsimbataza ubumwe bw'igihugu canke guherekeza ingabo zacu muri iki gihe zihanganye n'umwansi yateye igihugu".
Ati: "Abashikiranganji b'ubutungane hamwe n'umugenduzi mukuru w'igisirikare, bompi bazofata ingingo ku rugero rwabo kugira ngo inyifato iyo ari yo yose ifise intego yo kuburabuza ubutegetsi, itari mu nzira y'intego y'igihugu yo kugarukana ubusugire bw'igihugu cacu, ihanwe".
Avuga kandi ko hari utunenge ku kungene ibinyamakuru bishikiriza amakuru y'ibiriko bibera mu buseruko bw'ico gihugu, aho avuga ko bishobora kuzofatirwa ingingo, na rirya bimaze kugabishwa, nk'uko abivuga.
Ati: "Twashaka kubabwira ko ingingo zizofatwa mu misi iri imbere ku binyamakuru vyose bizokora bifise intego yo guherekeza ibikorwa vy'iterabwoba biriko birakorerwa muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo".
Kuva mu mpera za 2021, M23 iriko iratana mu mitwe n'igisirikare ca RD Congo mu ntara ya Kivu ya Ruguru aho imaze kwigarurira uturere tutari duke mu ma teritware atanu kuri atandatu agize ino ntara.
Urwanda rwagirizwa ko rufashe mu mugongo uno muhari, aho abahinga ba ONU bemeza ko rufise ingabo zababa 4000 zirwana ku ruhande rwa M23, n'aho nyene rutavyemera ariko kandi ntirubihakane. Ahubwo narwo rwagiriza reta ya RD Congo gukoresha abarwanyi b'umuhari w'inyeshamba za FDLR reta y'Urwanda yagiriza kuba zahunze igihugu zihejeje gukora jenoside mu 1994.
Utwigoro twose two kugarukana amahoro muri iki gice ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo ntaco turashikako, mu gihe Perezida Kagame atitavye inama yari kumuhuza na mugenziwe wa Congo, Felix Tshisekedi i Luanda muri Angola aho vyari vyitezwe ko bashira imikono ku masezerano y'amahoro.