Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo za RD Congo zerekanye uwo zivuga ko ari umusirikare w'Urwanda zafashe, M23 iti 'ico ni ikinyoma ceruye'
Inyeshamba zirwanya igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) zivuga ko zigihagaze ku cemezo cazo co gutorera umuti w'indyane zirangwa muri iki gihugu biciye mu nzira y'ibiganiro, "ari na vyo bishobora gutorera umuti ibibazo bitera izi ndyane maze amahoro arama akagaruka mu gihugu cacu".
Biri mw'itangazo rya Lawrence Kanyuka ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari Alliance Fleuve Congo (AFC), ari nawo umuhari w'inyeshamba za M23 zirwanya reta y'iki gihugu wegukira.
Mu gihe havugwa intambara zikomeye hagati y'izi nyeshamba za M23 n'igisirikare ca DRC muri teritwari ya Lubero y'intara ya Kivu ya Ruguru, Kanyuka yagiriza ingabo za RD Congo gukoresha indege zitarimwo abadereva (drone) z'ubutumwa bwa ONU, buzwi nka MONUSCO, hamwe n'igendereza zihabwa n'ubu butumwa mu "gutera amabombe mu turere tubamwo abantu benshi no ku birindiro vyacu".
Atangaje ibi inyuma y'aho igisirikare ca RDC kimenyeshereje ko cabohoje uturere tumwe twari twafashwe n'inyeshamba za M23, kinerekana n'umurwanyi kivuga ko ari umusirikare w'Urwanda, hari mu kiganiro n'abanyamakuru caremesherejwe mu misozi ya Lubero na Liyetena Koroneli (Lt col) Mak Hazukay, umuvugizi w'ibikorwa vy'igisirikare ca RD Congo bizwi nka Sokola 1 Grand Nord-Kivu.
Lt Col Hazukay yabwiye abanyamakuru ko uno murwanyi ari mu gisirikare kidasanzwe c'ingabo z'Urwanda yafashwe ku wa gatandatu w'indwi iheze mu ntambara zariko zibera hagati y'ibigwati vya Mambasa na Ndoluma.
Ati: " Reka mbabwire ko ibikorwa biriko biragenda neza, duhanganye n'ingabo z'Urwanda biciye ku ngabo zaco zidasanzwe. Uno musi turi ngaha kugira ngo tubereke uruhara rw'Urwanda biciye ku ngabo zarwo.
"Uno musi turabashikirije ivyemezo kandi muri vyo, tuberetse umusirikare w'Urwanda yafatiwe ku rugamba, kandi abantu bose bakwiye kumenya ko ari we wenyene yarokotse mu ngabo ziwe zarungitswe muri ako karere".
Muri videwo aboneka ariko arabazwa n'abanyamakuru imbere y'ingabo za RD Congo, uno murwanyi yambaye impuzu za gisirikare avuga ko yitwa Hakizimana Iradukunda Jean de Dieu, ko yavukiye mu Rwanda ku wa 22 Ruhuhuma (2), ahitwa Ngororero, mu karere ka Murenge ko mu ntara y'Uburengero.
Avuga ko yinjiriye igisirikare c'Urwanda i Gabiro, mu nyuma arungikwa muri RD Congo, aho avuga ko hari diviziyo (division) zine z'igisirikare c'Urwanda.
BBC ntiyashoboye guhinyuza ukuri kw'iyi videwo n'uko ivyo avuga ari vyo canke atabivuze ku gahato.
Hampande y'uno murwanyi, igisirikare ca Congo cerekanye kandi n'ibirwanisho bitari bike kivuga ko catse inyeshamba za M23 muri izi ntambara, congera gikorora amadrone ashika 15, nk'uko bivugwa na Lt Col Hazukay.
"Gushika muri iki gitondo, tumaze gukorora amadrone 15 y'ingabo zidasanzwe z'igisirikare c'Urwanda muri aka karere", niko Lt Col Hazukay yabwiye abanyamakuru ejo ku wa kane.
Iri tangazo rya AFC ntaco rivuga kuri ibi bivugwa na Lt Col Hazukay, ariko Willy Ngoma avugira M23 aravyiyamiriza, akavuga ko ari "ikinyoma cama kivugwa n'abategetsi ba Congo".
Yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Igisirikare ca Congo n'abanyaporitike ba Congo batunzwe no kubesha gusa, ikinyoma gusa. Barabesha ku murango, mu gitondo, ku mugoroba...ubuzima bwabo ni ukubesha gusa.
"Kuvuga ngo bafashe umusirikare w'Urwanda, twebwe turi Abakongomani, ntabwo turi Abanyarwanda, nta musirikare n'umwe tugira hano mu gisirikare cacu ca M23. Biriya vyose ni ibinyoma, ni poropagande gusa".
Willy Ngoma avuga ko ivyaraye bivuzwe na Lt Col Hazukay vyerekana ko batinya Urwanda.
Ati: "...ariko baratinya Urwanda [agatwengo]. Bazi ko Urwanda rufise inguvu, baratinya Urwanda cane, ariko twebwe nta musirikare w'Umunyarwanda tugira. Dufise Abakongomani bavuga ururimi rw'ikinyarwanda".
Willy Ngoma avuga ko uwerekanywe nk'umusirikare w'Urwanda ari "inkinamico".
Yagiriza ahubwo reta ya Congo ko ari yo ifise abanyarwanda, aha akaba avuga abarwanyi b'umuhari FDLR urwanya reta y'Urwanda.
Ati: "Aba FDLR uyu musi bari mu gisirikare ca Congo, ni bo bakorana n'Abanyarwanda muri uriya mutwe wa Wazalendo. Twebwe tuvuga ikinyarwanda, uriya musirikare ni ikinamico gusa".
Lt Col Hazukay yagiriza kandi inyeshamba za M23 ko zikoresha abasivire "mu kubambika impuzu z'igisirikare c'Urwanda kikabashora mu ntambara aho bakoreshwa nk'inkinzo".
Koroneli Willy Ngomba arabihakana, ahubwo akavyegeka ku gisirikare ca RD Congo yagiriza ko gihonyanga amategeko mpuzamakungu agenga intambara, akavuga ko M23 ifise abasirikare bakwiye.
Ati: "Twebwe ntabwo tugomba gufata abanyagihugu nk'inkinzo, dufise abasirikare benshi cane. Uyu musi dufise abasirikare baturutse Kinshasa, Katanga, Kindu, ....hose baraza...ariya majambo ateye isoni".
Ku rubuga rwa X, igisirikare c'Urwanda canditse ko amakuru y'umusirikare wabo yafatiwe muri RD Congo ari ayo ububeshi [Fake news].
Hagati aho, reta y'Urwanda yama yagirizwa na reta ya DR Congo ko ari yo yateye iki gihugu yinyegeje inyuma y'umuhari M23, ivyo Urwanda rwamirira kure, nubwo abahinga ba ONU bavyemeza, bakavuga ko abasirikare nibura 4000 ari no bari kurwana muri DRC ku ruhande rwa M23.
Reta y'Urwanda ahubwo yagiriza igisirikare ca RD Congo ko gikorana kikongera kigafasha inyeshamba z'umuhari FDLR zirwanya reta ya Kigali, ivyo RDC ihakana.
Intambara mu buseruko bwa RD Congo hagati y'ingabo za reta n'inyeshamba za M23 zasubiye kwaduka mu mpera za 2021, ubu M23 ikaba yarigaruriye uturere tutari duke mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Utwigoro tw'amahoro gushika ubu ntaco turashikako, reta ya Perezida Felix Tshisekedi ibandanya irahira ikarengwa ko itarota yicarana na M23 mu biganiro, ikavuga ko ari igikoresho c'Urwanda.
Ni vyo vyatumye umubonano wari kumuhuza na mugenziwe w'Urwanda Paul Kagame i Luanda muri Angoka usiba ku munota wa nyuma muri uku kwezi.
Urwanda rwemeza ko ikibazo ari ic'abanye-Congo ubwabo, ko rwo rufata ingamba zo kwirinda ingaruka rugirwako n'iyo ntambara.