Mu Buseruko bwo Hagati na Bulaya barashima integuro y'amahoro ya Trump muri Gaza

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Umunyamakuru kuri Gaza
- Umwanditsi, George Wright
Abategetsi bo mu Buserukobwo Hagati n'aba Bulaya bakirije yompi integuro nshasha y'amahoro muri Gaza, Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika akagabisha Hamas ko itohirahira ngo iyanke.
Iyi nteguro yumvikanyweko na Trump n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, isaba ko ibikorwa vya gisirikare muri Gaza bihagarara ubwo nyene, Hamas nayo ikarekura Abanya-Israel 20 bafashwe bugwatibakiri mu minwe yayo hamwe n'ibisigarira vy'abandi baharurwa muri mirongo bazwi kobapfuye, bitarenze amasaha 72, hanyuma amajana n'amajana y'abanya-Gaza bapfunzwe bagapfungurwa.
Isoko ryo muri Palestina rizi ibijanye n'ibiganiro vyo guhagarika intambara yabwiye BBC ko Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) yahaye abategetsi ba Hamas iyi nteguro y'amahoro igizwe n'ibice 20.
Iyi nteguro isaba ko Hamas itogira uruhara na rumwe mu butegetsi bwa Gaza, ikugururira imiryango ishingwa rya Palestina nk'igihugu.
Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru inyuma y'ibiganiro muri Maison Blanche, Trump yavuze ko iyi nteguro ari "umusi udasanzwe ku mugambi w'amahoro".
Ariko yavuze ko Amerika izoshigikira Netanyahu "kugira ngo arangize igikorwa co gutuza iterabwoba rya Hamas" ari nka hamwe Hamas itokwemera iyi nteguro.
Niho mu nyuma Netanyahu yavuga ko Israel "izorangiza iki gikorwa" ari nka hamwe Hamas yokwanka iyi nteguro canke ntiyikurikize.
Ubutegetsi bwa Palestina, ari nabwo burongoye akarere ka Cisjordanie/West Bank kigaruriwe na Israel, buvuga ko utwigoro twa Perezida Trump ari "utw'ukuri kandi turimwo ishaka".
Mw'itangazo ryashizwe ahabona n'itororokanirizo ryabwo ry'amakuru, WAFA, ubu Butegetsi bwa Palestina buvuga ko "busubiye kwiyemeza gukorana na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ibihugu vy'akarere n'incuti" kugira ngo intambara ya Gaza irangire, imfashanyo z'ubutabazi zikwiye zinjire muri Gaza, abafashwe bugwati n'impfungwa nabo bakarekurwa.
Mw'itangazo rusangi, abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, Arabia Sawudite, Qatar, Misiri, Yorodaniya, Turukiya, Indonesia, na Pakistani bavuga ko bakirije yompi "uburongozi n'utwigoro tw'ukuri" vya Trump "mu ntumbero yo kurangiza intambara muri Gaza".
Bavuga ko biteguye gukorana na Amerika kugira ngo barangize bongere bashire mu ngiro ano masezerano bavuga ko akwiye gushikana ku "muti ushingiye kw'ishingwa ry'ibihugu bibiri, aho Gaza yoshirwa hamwe na Cisjordanie mu gihugu kimwe ca Palestina".
Umukuru w'Inama y'Ubumwe bwa Bulaya, António Costa, yavuze ko "aremeshwa n'inyishu nziza umushikiranganji wa mbere Netanyahu yatanze" kuri iyi nteguro. Yongeyeko ko "impande zompi zitegerezwa gukoresha aka karyo kugira ngo zihe amahirwe amahoro nyayo".

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Iyi nteguro, ari nka hamwe yokurikizwa, yoca itangurana n'ihagarikwa ry'ibikorwa vya gisirikare. Ivuga kandi ko impande zihanganye zoca zihagarara aho zigeze gushika hashitsweko ivya nkenerwa kugira ngo ingabo za Israel zitahukanwe bukebuke.
Hamas yotegerezwa gushira ibirwanisho hasi, imigende yo mu kuzimu yayo hamwe n'inganda zayo z'ibirwanisho navyo bigasamburwa.
Kuri buri kiziga c'umunya-Israel yafashwe bugwati cotangwa, Israel nayo yotegerezwa gutanga ibiziga 15 vy'Abanyagaza bapfuye, nk'uko biri muri iyi nteguro.
Iyi nteguro ivuga kandi ko mu gihe impande zompi zizoba ziyemeye, "imfashanyo yuzuye izoca irungikwa muri Gaza ubwo nyene".
Amerika irerekana kandi integuro yayo y'ukungene Gaza yorongorwa.
Ivuga ko "komite ya Palestina igizwe n'abahinga kandi ataho begamiye muri poritike" izorongora Gaza mu gihe gito "igenzurwa kandi ihagarariwe n'urwego mpuzamakungu mfatakibanza rushasha rwitwa Board of Peace [Urwego rw'Amahoro], ruzoba rurongowe" na Trump.
Sir Tony Blair yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza azoba ari muri uru rwego ari kumwe n'abandi bategetsi "bazomenyekana hanyuma". Sir Tony avuga ko uno mugambi "ukomeye kandi urimwo ubwenge".
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene arashima iyi nteguro, aho agira ati: "Dutera akamo impande zompi kuja hamwe no gukorana n'ubutegetsi bwa Amerika kugira ngo aya masezerano aherahezwe hanyuma ashirwe mu ngiro.
"Ubu Hamas ikwiye kwemera ino nteguro igahagarika umubabaro, mu gushira ibirwanisho hasi no kurekura abantu bose yafashe bugwati bagisigaye."
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa nawe agira ati: "Ubufaransa buriteguye gutanga intererano" mu twigoro two kurangiza intambara no kurekura imbohe.
Ati: "Ibi bitegerezwa gucira inzira ibiganiro vyimbitse hagati y'abo bose babifisemwo uruhara kugira ngo haboneke amahoro arama mu karere, ashingiye kw'ishingwa ry'ibihugu bibiri."
Mw'itangazo ryiwe, Umushikirangaji wa mbere w'Ubutaliyano, Giorgia Meloni, yavuze ko iyi nteguro "ishobora kuba igihe gikomeye c'impinduka muri uno mugambi w'amahoro". Ubutaliyano "busaba impande zompi gufata aka karyo zikemera iyi nteguro", nk'uko abivuga.
Iyi nteguro yongerako y'uko Hamas ata ruhara na rumwe itegerezwa kugira mu burongozi "haba mu buryo buziguye, butaziguye canke mu buryo ubwo ari bwo bwose".
Vyinshi muri iyi nteguro vyibanda cane cane ku co Amerika yita "integuro y'iterambere mu vy'ubutunzi" yo gusanura Gaza. Ivuga kandi ko Israel itazokwigarurira canke ngo yihagire Gaza kandi ko ingabo zayo zizova ku butaka bwa Gaza bukebuke uko igihe kizogenda.
Mu bitandukanye n'ivyo Trump yigeze kuba avuga, Abanyapalestina ntibazova muri Gaza ku nguvu. Ahubwo, uru rwandiko ruvuga ruti: "Tuzohimiriza abanyagihugu kugumayo hanyuma tubahe akaryo ko kwubaka Gaza neza."
Iyi nteguro kandi yuguririra imiryango ishingwa rya Palestina nk'igihugu.
Isoko rya Palestina rimenyereye ivy'ibi biganiro vy'amahoro ryabwiye BBC ko "abategetsi ba Qatar na Misiri bashikirije abategetsi ba Hamas bari i Doha iyi nteguro ya Maison Blanche yo guhagarika intambara muri Gaza".
Imbere y'aha, umutegetsi wo hejuru wa Hamas yari yabwiye BBC ko uno muhari wari witeguriye kwiga integuro iyo ari yo yose yoshobora guhagarika intambara muri Gaza, ariko ugashimangira ko amasezerano ayo ari yo yose ategerezwa gukingira inyungu z'Abanyapalestina, agatuma Israel ikura ingabo zayo zose muri Gaza kandi agatuma intambara irangira.
Abajijwe ibijanye n'ibirwanisho vy'uno muhari, uno mutegetsi yagize ati: "Ibirwanisho bikoreshwa mu kwirwanira ni umurongo utukura mu gihe cose ivyo kwigarurira ubutaka bibandanya.
"Ikibazo c'ibirwanisho gishobora kuganirwako gusa mu rwego rw'umuti wa poritike wotuma hashingwa igihugu cigenga ca Palestina hisunzwe imbibe zo mu 1967".
Iyi nteguro yashizwe ahabona inyuma y'imisi mike gusa Netanyahu yiyamirije bikomeye ingingo y'ibihugu bitari bike vy'Uburengero yo kwemera Palestina nk'igihigu, hari mw'ijambo yashikirije mu nama rusangi y'ishirahamwe ONU.
Netanyahu yavuze ko kwemera Palestina nk'igihugu ari "ikimenyesto giteye isoni" gitanga ubutumwa buvuga ko "kugandagura Abayahudi bitangirwa impembo".
Abategetsi n'intumwa z'ibihugu bitari bike barataramutse igihe yari aserutse kugira ngo ashikirize ijambo muri ONU, basiga ibibanza bitari bike bigaragara.
Mu gihe Trump yashigikiye cane Netanyahu kuva asubiye muri Maison Blanche mu kiringo ciwe kigira kabiri, yagiye aruhishwa cane n'ingendo ya Israel muri izi ndwi za nyuma.
Trump yarashavujwe n'igitero ca Israel giheruka ku banywanyi ba Hamas muri Qatar, igihugu c'incuti ikomeye ya Amerika.
Imbere y'iki kiganiro n'abanyamakuru c'ejo ku wa mbere, Netanyahu, ari muri Maison Blanche, yarahamagaye umushikiranganji wa mbere wa Qatar Mohammed bin Abdulrahman bin Jassim al-Thani, amubwira ko yicuza cane kubona igitero ca misire ca Israel cahitanye umusirikare wa Qatar atariyo ntumbero.
Igisirikare ca Israel catanguje intambara muri Gaza mu kwihora igitero ca Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, aho abantu bababa 1200 bishwe abandi 251 nabo bafatwa bugwati batwarwa muri Gaza.
Kuva ico gihe, abantu barenga ibihumbi 66 baramaze kwicwa mu bitero vya Israel muri Gaza, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas muri ako karere.
Ishirahamwe rifashwe mu mugongo na ONU riherutse kwemeza ko igisagara ca Gaza kirangwamwo inzara. Mu ntango z'uku kwezi, umurwi wa ONU ujejwe amatohoza wanzuye ko Israel yakoze ihonyabwoko muri Gaza – ivyo Israel yiyamiriza yivuye inyuma.














