Macron yizeye Xi mu 'gutuma Uburusiya bwisubirako'

French President Emmanuel Macron (R) inspects an honor guard with Chinese President Xi Jinping (L) outside the Great Hall of the People in Beijing, China, 06 April 2023.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Prezida Macron yakiriwe na defire ihinyanyuye y'abasirikare imbere y'Ingoro Nkuru y'Abanyagihugu, Grand Palais du Peuple/Geat Hall of the People
    • Umwanditsi, Tessa Wong & Hugh Schofield
    • Igikorwa, BBC News, Singapore & Paris

Umukuru w’Ubufaransa Emmanuel Macron yasavye mugenziwe w’Ubushinwa Xi Jinping gufasha guhagarika intambara y’Uburusiya muri Ukraine.

Yamubwiye ati: Ndaguhanze amaso mu gutuma Uburusiya bwisubirako, hanyuma impande zose zikagaruka ku meza y’ibiganiro.

Xi yavuze ko ibihugu vyabo vyompi bifise ‘’ubushobozi n’inshingano’’ zo gukomeza amahoro kw’isi.

Ariko ibiro vy’umukuru w’Uburusiya, Kremlin, vyavuze ko ata ‘’migambi yo kurangiza intambara mu mahoro ihari’’ gushika ubu kandi ko igitero [c’Uburusiya] kizobandanya.

Macron ari mu rugendo rw’igihugu mu Bushinwa, urugendo rukurikiranirwa hafi cane inyuma y’imyaka myinshi y’ukwunyuka kw’imigenderanire hagati y’ibihugu vy’iburengaruza n’Ubushinwa gushika ubu bwanse kwiyamiriza igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.

Macron ashaka kandi kuvyura imigenderanire y’urudadazwa.

Muri urwo rugendo ari kumwe n’umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe rya Buraya Ursula von der Layen Macron yatumiye kugira aje mu biganiro n’umukuru w’Ubushinwa, ari kumwe kandi n’intumwa nyinshi z’abagwizatunga.

Ku wa kane Macron yagiraniye ibiganiro mu mwiherero na Xi Jinping, ibiganiro abategetsi b’Ubufaransa n’Ubushinwa bavuga ko vyarimwo ‘’ukutarya umunwa’’ kandi vya ‘’kivandimwe’’.

Avugana n’abamenyeshamakuru inyuma y’ivyo biganiro, Xi yavuze ko ‘’Ubushinwa buharanira ibiganiro vy’amahoro kandi burondera inyishu ya poritike’’, aca asaba ‘’ukwigumya gufatiye ku kwumva ibintu’’ kw’amakungu.

Yanasubiyemwo ko ibigwanisho vya nucleaire bitokoreshwa muri iyo ntambara.

Uburusiya mu ndwi iheze bwamenyesheje imigambi yo gushira muri Belarus ibigwanisho vya nucleaire birasa ku ntera ngufi, ibigwanisho vyoshirwa ku rubibe ico gihugu bicuditse gihana n’ibihugu biri muri OTAN.

Macron yavuze ko ‘’tudashobora kuronka Uburaya butekanye kandi bufise amaragamo’’ mu gihe cose Ukraine izoba yigaruriwe. Kandi ko ‘’ata wokwemera’’ ko igihugu kiri mu nama ya ONU ijejwe umutekano kirenga ku masezerano y’iryo shirahamwe.

China's President Xi Jinping, his French counterpart Emmanuel Macron and European Commission President Ursula von de Leyen meet for a working session in Beijing, China April 6, 2023

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mr Xi yakiriye prezida Macron na Madame von der Leyen i Beijing
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abo bagabo babiri nta bibazo bemeye kwishura, baciye bihutira kuja mu biganiro vya batatu na Madame von der Layen.

Imbere y’aho, Macron yari yabwiye abamenyeshamakuru ko hari impungenge ku cuka kibi kiguma congerekana hagati y’uburengerazuba n’Ubushinwa biturutse kuri iyo ntambara.

Ariko yavuze ko ‘’inyungu z’Ubushinwa atari uko intambara yoramba’’ kandi ko bushobora kugira ‘’uruhara rukomeye mu kuyirangiza.’’

Ubushinwa bwarasohoye umugambi w’ingingo 12 w’amahoro muri Ukraine, mu gihe buguma buremerwa n’abashaka ko burushirizaho kugira uruhara mu kurangiza iyo ntamnbara, ivyatumye Xi Jinping agira urugendo i Moscou ku munsi w’isabukuru ry’umwaka wari uheze hatanguye igitero kuri Ukraine.

Ariko mu maso y’abantu benshi, igihe urwo rugendo rwabereye nticabaye ciza ku gihagararo Ubushinwa bwiha nk’igihugu ataho gihengamiye.

Mu gihe ibihugu vy’iburengerazuba muri rusangi bitishimiye uwo mugambi w’Ubushinwa, umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky we yasavye ko bovugana imbona nkubone na Xi, akaba ataco arabivugako ku mugaragaro.

Ku wa kane Uburusiya bwemeye ko Ubushinwa bufise ‘’igihagararo co gushobora kuba umuhuza’’.

Ariko umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Dmitry Peskov yavuze ati: ‘’ikibazo ca Ukraine kirazitanye, gushika ubu nta nzira zihari z’inyishu iciye mu mahoro’’, yongerako ko Uburusiya ata ‘‘mahitamwo’’ bufise atari ukubandanya intambara.

Urugendo rwa Macron mu Bushinwa ni rwo rwa mbere rukomeye muri poritike rutumye Xi avugana n’umukuru wo mu bihugu vy’iburengerazuba kuva ahuye n’umukuru wa Amerika Joe Biden muri Munyonyo (11) mu nama ya G20 i Bali.

Ubu, Macron, ashaka gufata igihagararo c’uwufasha gushika ku mahoro, arabonanye n’abo bose bafise ijambo rikomeye muri iyo ntambara yo muri Ukraine.

Abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko azi y’uko ata kintu gihambaye azogenda atahanye ku rwego rw’imigenderanire.

Amahirwe y’uko Xi ahindura aho ahagaze mu buryo bufadika ku vyerekeye Uburusiya na Ukraine, ni make cane.