UK: Boris Johnson ntiyorohewe muri poritike mu gihe hari abashikiranganji batanze imihoho

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza ari mu rugamba rutoroshe rwa poritike inyuma y’aho babiri mu bashikiranganji biyamirije ubutegetsi bwiwe bagaca batanga imihoho.

Umushikiranganji w’ikigega ca reta (imari mu Kinyarwanda) Rishi Sunak hamwe n’uw’amagara y’abantu Sajid Javid batanze imihoho mu kiringo c’iminota cumi hagati yabo, bakurikirwa n’abashikiranganji bato bato be n’ivyegera.

Abamunegura bavuga ko ivy’iwe “birangiye”, mu gihe umugambwe w’abakozi uvuga ko umugambwe wiwe wiziziwe n’igiturire.

Ariko umushikiranganji Johnson yamenyesheje neza ko ategura kubandanya n’amabanga yiwe mu gihe yitegura guhindura reta.

Yaciye agena Nadhim Zahawi nk’umushikiranganji w’ikigega ca reta mushasha, mu gihe umukuru w’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Steve Barclay, yabaye umushikiranganji w’amagara y’abantu.

Mu gihe yiteze kwishura ibibazo vy’abashingamateka kuri uno wa gatatu, umushikiranganji wa mbere Johnson ntaza kworoherwa - mu gihe ubutegetsi bwiwe buri mu ngorane zikomeye atari bwigere agira gushika ubu.

Yaba Javid canke Sunak, nta n’umwe aragira ico ashikirije ku mugaragaro kuva batanze imihoho, ariko amakete yabo y’ejo ku wa kabiri aranegura cane umushikiranganji wa mbere.

Javid yagabishije ko ubutegetsi butariko “burakora ku nyungu z’igihugu”, mu gihe Sunak avuga ko abanyagihugu bari biteze ko reta irongorwa “neza, mu buhinga kandi n’umwitwarariko wose”.

Abategetsi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi basaba abashikiranganji kwifatanya na bagenzi babo bagatanga imihoho, nayo umukuru w’umugambwe w’abakozi Sir Keir Starmer avuga ko yiteguriye amatora yihuse.

Umushingamateka wo mu mugabwe w’abagendera ku vya kera Conservateur/Conservative) akaba yahoze ajejwe inyifato, Andrew Mitchell, yabwiye ikiganiro ca BBC Newsnight ko ivya Johnson “birangiye”, akavuga ko “ ingendo n’inyifato vyiwe ntibishobora kumwemerera ko abandanya ari umushikiranganji wa mbere wacu” – ikibazo gisigaye kukaba ari ukumenya igihe ibi bizofata.

Ariko nta mushingamateka n’umwe wo mu ba Conservateurs arahangara ubutegetsi bw’uyu mushikiranganji wa mbere, mbere abashikiranganji batari bake baramushigikiye, harimwo n’uw’imigenderanire Liz Truss – umwe mu bashobora kuzomusubirira ku burongozi bw’uyu mugambwe.

Avuga ko ashigikiye “umushikiranganji wa mbere 100% ", mu gihe abandi bashikiranganji ba reta yiwe harimwo Dominic Raab, Michael Gove, Thérèse Coffey na Ben Wallace na bo nyene batangaza ko bazoguma muri reta.

Umushingamateka w’umu Conservateur Daniel Kawczynski abona ko gutanga imihoho kw’aba bashikiranganji babiri gushobora gutuma Johnson agira inguvu, akavuga kandi ko “bari gushobora gutuma umushikiranganji wa mbere atembagara, ariko vyanse”.

Vyose vyatanguye ejo ku wa kabiri ku mugoroba, haciye iminota mike Johnson ahaye ikiganiro BBC akemera ko yakoze “ikosa ribi” mu kugena Chris Pincher nk’icegera c’umukuru w’igisata kijejwe inyifato mu kwa kabiri kw’uno mwaka n’aho yari azi ivyo yagirizwa bijanye n’inyifato mbi.

Muri ano mezi ya nyuma, reta ya Johnson yagiye ihura n’urukurikirane rw’ingorane, cane cane itohoza ry’igipolisi ku misi mikuru yabereye muri biro vyiwe vya Downing Street muri ca gihe ca guma mu rugo.

Hari bamwe mu bashingamateka b’umugambwe w’aba conservateurs berekanye ko batishimiye iduzwa ry’amakori, inyishu ya reta ku buzima buzimvye n’ingene arongoye igihugu.

Ibintu vyatanguye kwunyuka ku ruhande rw’uyu mushikiranganji wa mbere igihe atsindiwe mu matora y’akarere muri Tiverton na Honiton hamwe na Wakefield, be n’itanga ry’imihoho ry’umukuru w’umugambwe w’aba Conservateurs Oliver Dowden.

Hanyuma kandi, imihoho y’aba bashikiranganji ije haciye indwi nkeya gusa arokotse amatora y’abashingamateka yashaka kumwegura.

Umushikiranganji wa mbere ni ntayegayezwa ku burongozi bw’umugambwe w’aba Conservateurs gushika mu kwa gatandatu kw’umwaka uza nk’uko amategeko y’umugambwe abitegekanya, inyuma yo gutsinda ku majwi 59%.

Ariko abarwanya uburongozi bwiwe bariko barondera ko amategeko y’umugambwe ahinduka kugira bakureho igihengeri kimaze umwaka wose mu burongozi.

Umushingamateka w’umu Conservateur Andrew Bridgen yabwiye BBC ko umushikiranganji wa mbere akwiye gutanga imihoho, atari uko naho “umugambwe umukureho ku nguvu”.

Hagati aho, umukuru w’umugambwe w’abakozi, Sir Keir, avuga ko yokwakiriza yompi amatora yihuse kandi ko igihugu gikeneye ko reta ihinduka.

Avuga ati: "Inyuma y’amabwa yose, intege nke zose, biragaragara ko reta y’aba Conservateurs iriko iratembagara ubu”.

Amatora rusangi yitezwe mu 2024, ariko ashobora kuba imbere y’aha mu gihe Johnson yokoresha ubutegetsi bwiwe akayatumako.

Umukuru w’umugambwe w’abigenga, Liberal Democrats, Sir Ed Davey, avuga ko reta y’uyu “mushikiranganji wa mbere yuzuye akajagari yahemukiye igihugu”, aca amutera akamo ko yova ku butegetsi.

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse/Scotland akaba arongoye umugambwe SNP, Nicola Sturgeon, avuga ko "umurwi wose uboze " muri reta ya Johnson ukwiye kugenda, akagiriza abashikiranganji ko “babeshe abanyagihugu”.