Commonwealth ituma turaba imbere - Kagame

Inama y'abakuru b'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ry'abakoresha ururimi rw'icongereza, Commonwealth, yatanguye icese i Kigali ku mugwa mukuru w'Urwanda.

Prezida Paul Kagame agiye kurongora uwo mugwi w'ibihugu 54 - birimwo ica gatatu c'abantu bose baba kw'isi, yavuze ko indangagaciro ari zo ziranga abagize iryo shirahamwe.

Ivyo birimwo intwaro ibereye, kwubahiriza amategeko n'agateka ka zina muntu.

Kwakira iyo nama vyatumye haba abanebagura reta yiwe ku vyo imaze gushikako ku gateka ka zina muntu.

Yabwiye ishengero ryitavye iyo nama ati: "Igihe cose tuzonanirwa, tuzotora inyishu biciye mu mwumvikano n'ibiganiro. N'ugushigikirana hagati yacu no gutera intambwe imbere turi kumwe".

Yavuze ko igihugu ciwe kimaze kugira urugendo rurerure kuva habaye jenoside mu 1994, aho abantu barenga 800.000 bishwe.

Yongeyeko ati: "Ariko uyu musi turi abantu bahindutse ku mutima, ku mushaha no ku mubiri."

Igice kinini c'abagize ishirahamwe Commonwealth kigizwe n'ibihugu vyahoze bikoronijwe n'Ubwongereza, ariko hagiye hiyongeramwo ibindi harimwo n'Urwanda.

Prezida Kagame yavuze ko kuja muri iryo shirahamwe vyari bifise intumbero y'uko "abanyagihugu bacu baja hamwe, biyumvanamwo hanyuma bakaraba imbere muri kazoza".

Gabon - igihugu cahoze gikoronijwe n'Ubufaransa - citeze kwemererwa kwinjira muri iryo shirahamwe muri iyi nama.