Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isanganya ry’ubwato muri Nigeria: Nabonye abagore bapfa mu kugerageza kurokora abana babo – Uwarokotse
- Umwanditsi, Ahmed Ambali
- Igikorwa, BBC News Yoruba, mu ntara ya Kwara
Mu bantu barenga 100 bapfuye basomye nturi mu ntango z’ino ndwi igihe ubwato bwatwarwa mu ruzi Niger hagati muri Nigeria, harimwo abavyeyi benshi bariko baragerageza kurokora abana babo, nk’uko umwe mu barokotse yabibwiye BBC.
Mohammed Alhassan w’imyaka 22 ni umwe mu bantu bababa 300 bari muri ubwo bwato bukozwe mu biti bwari bwarengewe mu karere ka Patigi k’intara ya Kwara.
Abenshi muri bo bari bavuye mu rubanza rw’ubugeni. Ariko Alhassan wewe yari avuke kw’isoko.
Mw'iryo sanganya, wewe yarashoboye kwoga arashika ku nkombe maze ararokoka.
Nta mikuba myinshi yari ihari igihe tubonana. Uruzi ruracatekereje mu gihe yerekeje amaso ibuheramaso.
Nta mubabaro yari afise, ariko yibutse abavyeyi basomye nturi bari kumwe n’abana babo, harimwo mushikiwe n’umwana wiwe w’umuhungu w’imyaka umunani, amosozi yaciye atangura gukoroka.
Ati: "Aba bagore bagumye inyuma bashaka gukiza abana babo – bamwe muri bo bari bafise batatu canke bane.
"Harimwo kandi n’abagabo bapfuye muri ubwo buryo bagerageza kurokora abana babo”.
Avuga ko iyo na we nyene agerageza kurondera kubarokora yari kuba yasomye nturi.
Rero yahisemwo kwoga gushika ku nkombe, ariko ico gihe, yabonye ibintu biteye ubwoba aho abagore n’abagabo bapfuye bari kumwe n’abana babo bariko bagerageza kubarokora.
Arishimira ko yarokotse ariko aracahahamutse kubera yabonye ingene abo bantu bose bapfuye, cane cane abana.
Abantu hafi 300 nibo bari muri ubwo bwato bukozwe mu biti igihe butwarwa ku wa mbere, nk’uko abategetsi babivuga.
Ingendo zo mu ruzi Niger, uruzi rwa mbere rurerure muri Nigeria, rimwe na rimwe ziriha inkumbi.
Aya mato akozwe mu biti arakunze kurengerwa, kandi nta myambaro y’ubutabazi ikwiye aba afise, mu gihe zimwe mu ngendo ziba mw’ijoro, vyumvikana rero ko amasanganya nk’aya atari ikintu gishasha cane cane mu gihe c’imvura hagati y’ukwa kane n’ukw’icumi.
Amasanganya hafi yose abera mu ntara ya Niger iri hagati mu gihugu hamwe no mu turere two mu micungararo yayo.
Mu myaka itatu iheze mu ntara ya Kebbi, abantu nibura 50 barapfuye igihe ubwato bwabo butwarwa.
Hari kandi n’amasanganya y’ubwato aherutse mu ntara ya Kano, hamwe no mu ntara za Lagos na Anambra agatikiza abantu, aho 76 bapfuye mu kw’icumi kw’umwaka uheze.
N’aho hakunze kuba aya masanganya, ku banyagihugu baba ku nkengera z’uruzi Niger, ni bwo buryo bwonyene bazi bwo kwiyunguruza.
Hafi bose, harimwo mbere na Alhassan, bari bamaze kugira ingendo zisa n’uru incuro zidaharurwa kuva muri kahise.
Yibuka ko igihe iri sanganya riba yari yicaye ku mutwe w’ubwato.
Ubu bwato bwafashe urugendo mw’ijoro, imbere gato y’isaha icenda z’ijoro mu masaha mpuzamakungu, ni ukuvuga isaha cumi z’ijoro mu masaha na Nigeria, bamwe muri aba bana bakaba bari basinziriye mu maboko y’abavyeyi babo igihe burira ubu bwato.
Ariko inyuma y’iminota itanu batanguye urugendo, avuga ko yumvise ikintu giturika cane caciyemwo kubiri ubu bwato.
Igipolisi kivuga ko ubu bwato bwatwawe inyuma yo gusambuka, ivyatumye buca bwibira.
Ariko uwurongoye akarere ka Patigi yabwiye abamenyeshamakuru ko imikuba yarengeye ubu bwato ica ituma bwiseka ko giti cari casenyukiye mu mazi.
Mu ba Ebo, ubwoko bwo mu ntara ya Kwara, batakaje abantu 61 muri iri sanganya, abenshi mu rwaruka barokotse bari bakoraniye musi y’igiti kinini cane gusumba ibindi kiri hagati muri iki kigwati.
Ku wundi musi, bari kuba bariko baraharira ku rukino rw’umupira w’amaguru canke batebura, ariko uno musi baragandaye.
Bamwe muri bo bari muri ubu bwato bakaba barashoboye kwoga bararokoka ariko amakuba babonye y’ingene abagenzi, incuti n’izindi ngenzi bari bahuriye muri ubwo bwato bapfuye, ni ikintu batazokwigera bibagira.
Aisha Mohammed aba hafi y’iki giti, ntiyari muri ubu bwato, ariko abakobwa biwe batatu bari muri bwo.
Yari yabasezeye igihe bafata urugendo baja muri ubu bugeni, akaba yari arindiranye igishika umusi yari kubona abashitsi bamugendera mu birori vy’ubugeni.
Aba bakobwa bose bari biteze kurongorwa muri uno mwaka, nk’uko abivuga mu rurimi rwabo rw’iki-nupe.
Liman Umar arongoye abandi avuga ati: "Twese turi mu gahinda kubera iri sanganya ribabaje, tukaba dusaba gusa Imana kuduhangaza muri uno mubabaro.
"Mu kibano cacu dukorera hamwe. Iyo turiko turigina, tubikora turi umwe, rero no kuri aka kaga kadushikiye, twese nta n’umwe asinziriye”.
Yari ahagarariye ibikorwa vy’ubutabazi, akaba ari na we yatanga amakuru ayavana ku bariko bagerageza gutabara mu mazi ayashikana ku murongozi, ariko iki gikorwa cari cahagaze.
Abanyagihugu bo muri ako karere bavuga ko mu misi mike iheze haguye imvura nyinshi cane kandi ko reta itigeze ibafasha mu bikorwa vyo kurondera aboba bagihema.
Ubu barindiriye ko ibiziga bitaratorwa vyoduga hejuru ku mazi kugira ngo bashobore kubikurayo, nk’uko ababarongoye babivuga.
Amwe mu mato akoresha uruzi Niger agenda mw’ijoro mu kurondera gukwepa abategetsi, mu gihe ingenzi zitanitaho ibijanye n’imyambaro y’ubutabazi, nk’uko abenshi babitubwira.
Ariko ibi bitegerezwa guhinduka nk’uko bivugwa na Abdul Gana, umutegetsi wo mu gisagara ca Kpada kiri hafi yaho, kikaba catakaje abantu bane muri iri sanganya.
Ati: "Dusaba reta ko yogira ico ikoze igatanga imyambaro y’ubutabazi igihe cose abanyagihugu bakoresheje aya mato.
"Reta ikwiye kwihweza ikibazo c’amabarabara – igituma abanyagihugu bahitamwo gufata ingendo mu ruzi Niger ni uko ata mabarabara ahari afatanya uturere n’utundi”.
Iki ni iciyumviro asangiye na buramatari w’iyo ntara Abdulrahaman Abdulrazaq, yari yashoboye kugendera aba banyagihugu kugira ngo abahoze.
Yaravuze ibijanye no guha aba banyagihugu imyambaro y’ubutabazi 1000 mu ntumbero yo gukomeza umutekano mu ngendo zabo.
Yaravuze kandi n’ibijanye n’amategeko ruhasha yo guhana abo bose bokwirengagiza amabwirizwa ajanye n’umutekano.
Ariko akigenda honyene, inkengera z’uruzi Niger zari zimaze kwuzura amato akozwe mu biti yuzuye ingenzi, ata n’umwe aboneka ko yari yambaye umwambaro w’ubutabazi.
Abantu babona ko iyi myambaro y’ubutabazi itariko irashika vuba, ariko ubuzima butegerezwa kubandanya kuri uru ruzi Niger.