Uwahoze mu mugwi witwaje ibigwanisho muri Uganda yakatiwe gupfungwa imyaka 40

Thomas Kwoyelo muri sentare muri Uganda.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwahoze ari umutegetsi mu ngabo za Lord's Resistance Army Thomas Kwoyelo yavuze ko yanyurujwe ajanwa kugirwa umusirikare n'uwo mugwi afise imyaka 12
    • Umwanditsi, Anne Soy na Natasha Booty
    • Igikorwa, BBC News

Sentare muri Uganda yaciriye uwahoze ari umutegetsi w'ingabo mu mugwi witwaje ibigwanisho Lord's Resistance Army (LRA) gupfungwa imyaka 40 inyuma y'urubanza rw'ivyaha vyo mu ntambara.

Thomas Kwoyelo yagiriwe n'ivyaha 44, birimwo kwica, gusambanya ku nguvu, kunyuruza abantu no gusahura.

Yarahakanye ivyaha vyose yagirijwe.

Kwoyelo abaye umutegetsi wa mbere w'ingabo w'uwo mugwi wari utinyitse cane aciriwe urubanza na sentare yo muri Uganda.

LRA, umugwi washinzwe mu myaka ya 1980, wagirizwa gukora amahano muri Uganda no mu bihugu bibanyi.

Urubanza rwa Kwoyelo rwabereye mu gisagara ca Gulu muri mu maja ruguru ya Uganda - intara yari yariziziwe n'iterabwoba rya LRA mu myaka irenga 20.

Kimwe mu bitero vyihaye ibara ni ico uwo mugwi wagavye kw'ikambi y'abateshejwe izabo i Pagak mu maja ruguru ya Uganda mu 2004. Ico gihe abagore n'abana baharurwa mu mirongo barakubiswe ubuhiri bw'ibiti gushika aho bapfa.

Igisata cihariye gikurikirana ivyaha bijabuka imbibe co muri sentare nkuru ya Uganda cafashe ingingo yo kudaha Kwoyelo igihano co gupfa canke gupfungwa ubuzima bwose kuko yanyurujwe n'abagwanyi ba LRA akiri umwana hanyuma bamugira umusirikare.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo mugwi wari uzwi mu kunyuruza abana ukabagira abasirikare canke abaja bo gusambanya.

Kwoyelo avuga ko yari afise imyaka 12 igihe LRA yamutwara.

Sentare kandi yavuze ko Kwoyelo yicujije kandi bibonwa ko atakiri ingeramizi ku gihugu.

Joseph Kony yashinze LRA muri Uganda haraheze imyaka irenga 20, akavuga ko yagwanira gushiraho reta ishingiye ku mabwirizwa 10 yo muri Bibiriya.

Uwo mugwi warihaye ibara mu guca abantu amaguru n'amaboko. Abantu ibihumbi n'ibihumbi barataye izabo barahunga kubera intambara.

LRA yakorera cane cane mu maja ruguru ya Uganda mu ntango, mu nyuma yimukira muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo aho Kwoyelo yafatiwe mu 2009, mu nyuma ija muri Centrafrique.

Ubu ahanini uwo mugwi waratikijwe. Harabaye igikorwa mpuzamakungu co gufata Kony ariko biranka gica kirahagarikwa kuko vyaboneka ko atakigeramiye Uganda.

Kwoyelo mu ntango yari yagirijwe ivyaha 78 - arezwa ku vyaha bitatu vyo kwica ibindi 31 ntivyahabwa agaciro.

Uwo mugabo azomara imyaka 25 mu munyororo kuko yari asanzwe amazeyo imyaka 15.

Abashingwamanza biwe bavuze ko bafise umugambi wo kwunguruza kuri kimwe kimwe mu vyaha yagirijwe, sentare ikaba yabahaye iminsi 14 yo kubikora.

Sentare izokwumviriza ukwarwo urubanza rw'indishi ku bahuye n'amahano ya Kwoyelo.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye muri Hollande yarakatiye uwundi mutegetsi w'ingabo, Dominic Ongwen, gupfungwa imyaka 25, mu 2021.

Co kimwe na Kwoyelo, Ongwen ntiyahawe igihano co gupfa kuko nawe nyene yatwawe akiri umwana hanyuma agirwa umusirikare n'abagwanyi bari bishe abavyeyi biwe.