Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zelensky yasubiye gutakamba asaba ibirwanisho birasa kure inyuma y'igitero catikije abantu n'ibintu
- Umwanditsi, Aleks Phillips
- Igikorwa, BBC News
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yasubiye gutakamba asaba ibirwanisho birasa kure be n'ivyo gukingira ikirere, inyuma y'igitero ca misire cahitanye abantu indwi harimwo n'abana babiri.
Iki gitero c'Uburusiya ku gisagara ca Vilniansk, hafi y'igisagara ca Zaporizhzhia kiri mu bumanuko bushira ubuseruko, cakomerekeje abandi 31, nk'uko abategetsi ba Ukraine babivuga.
Bose hamwe, abasivire nibura 11 nibo bishwe abandi 37 barakomereka mu bitero vya misire vyakozwe ejo ku wa gatandatu mu turere dutandukanye twa Ukraine, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Zelensky yanditse kuri Telegram ati: "Buri musi, ibisagara vyacu n'abanyagihugu bacu bama mu magorwa y'ibitero nk'ibi vy'Uburusiya".
Ariko, yongerako y'uko hariho uburyo bwo kwirinda ibi, harimwo "gusambura ibikoho vy'Uburusiya birasa ibisasu vya misire, gukoresha ibirwanisho birasa kure hamwe no kwongereza ubuhinga bwa none bwo gukingira ikirere".
Yasohoye amasanamu ava mu gisagara ca Vilniansk yerekana ikinogo kinini hafi y'inyubakwa yariko irasha, hamwe n'ibiziga bitari bike birambaraye hasi.
Umushikirizamanza mukuru wa Ukraine Andriy Kostin avuga ko ibisasu bibiri vya misire vyaguye muri iki gisagara, vyonona amabarabara, inzu y'akaguriro hamwe n'amazu atuwemwo n'abanyagihugu.
Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi ntaco burashikiriza ku mugaragaro kuri iki gitero.
Ku murongo wabwo wa Telegram, bwashizeko amashusho y'igitero ca misire kw'ibarabara ry'indarayi buvuga ko ari hafi y'akarere ka Ukrainka kari ku ntera idashikana ibirometero cumi uvuye Vilniansk, kandi ko kahora gakoreshwa n'ingabo za Ukraine mu gupakurura ibirwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare.
Kostin avuga kandi ko abantu bane bishwe abandi indwi barakomereka mu bitero vya muzinga ku bigwati bitatu hafi y'urwasiro rwo mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko.
Ibihugu vy'incuti vyo mu burengero bimaze guha Ukraine ibirwanisho bitari bike birasa kure - harimwo n'ibisasu vyo mu bwoko bwa Scalp vy'Ubufaransa, ivyo mu bwoko bwa Storm Shadow vy'Ubwongereza hamwe n'ivyo mu bwoko bwa ATACMS vya Amerika - hamwe kandi n'ibisasu vyo mu bwoko bwa Patriot vyo gukingira ikirere bihingurwa na Amerika.
Hagati aho, irungikwa ry'ibirwanisho vya Amerika, ari nayo iha Ukraine ibirwanisho vyinshi gushika ubu, ryaradindiye mu ntango za 2024 inyuma y'aho integuro y'itegeko rijanye n'imfashanyo ya gisirikare izibiriwe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.
Iyi nteguro yagiye kwemezwa mu kwa kane, bikaba vyatumye ibirwanisho bikingira ikirere n'ibisasu vya misire biraswa kure bitangura gushika ku rubuga rw'intambara mu kwezi kwakurikiye.
Ariko Ukraine yidoga ivuga ko abanyagihugu bayo bapfuye, Uburusiya nabwo bukayinyaga ubutaka bwayo muri ico gihe yari yabuze amasasu na misire zikingira ikirere, ubu Zelensky akaba yasubiriye gusaba ko yobandanya afashwa kugira ngo atsinde ino ntambara.
Kuri Telegram, yashimiye incuti ku mfashanyo ziha igihugu ciwe, ariko akavuga ko ivyemezo bijanye no kurungika ibindi birwanisho "bitegerezwa kwihutishwa" kubera "habaye uguteba na gatoya muri ino ntambara bituma abanyagihugu batikira".