Pelé: Igituma abirabure bo muri Brazil, nkanje, baririra Pelé, Umwami

Na Malu Cursino

BBC News

Pelé, o Rei, yapfuye.

Bresil n’isi yose baragandaye, kandi benshi muri twebwe turirira icamamare tutigeze tubona mu kibuga.

Mu gihe ubu mfise imyaka 23, sinariho igihe mu ntango, hagati canke mu mpera z’akahise kiwe k’akaroruhore mu mupira. Pelé azoguma ari izina rivugwa mu ngo zose.

Urunganwe rw’ibiringo bine bitandukanye, bose bababajwe co kimwe n’urupfu rw’ico kigirwamana. Amajambo, emojis n’utundi tumenyetso nta kitakoreshejwe mu guserura umubabaro -kanatsinda turi abanya-Bresil, ibigumbagumba n’amarangamutima ni ivyacu.

Ariko icankozeko cane n’icavuzwe na senge. Yatangajwe n’ingene ibinyamakuru vyo muri Bresil, iyo biriko biravuga ubuzima bwa Pelé, bikoresha aya majambo: ‘’Umwami wacu arirabura.’’

Kuba yabaye icamamare, ivyo ntawubiharira – kandi amakanda yiwe kw’isi avuga vyinshi kuri we gusumba ubwoko n’amamuko vyiwe.

Ariko ku banya-Bresil b’abirabure, kwumva ayo majambo birahambaye cane. Birakomeye cane.

Kandi asigura impinduka y’ivyo twari tumaze imyaka mirongo ducamwo – impinduka Pelé yagizemwo uruhara runini cane.

Kubera Pelé yashitse ku rugero rw’itunga ry’igihugu mu gihugu ca kahise karekare k’ubuja (ubucakara), hamwe n’amacakubiri kasize mu gihugu.

Ntiyasiba guhangana n’abasemerera bamwita inguge mu kibuga kandi yahawe amatazirano menshi ashingiye kw’ivanguramoko.

Rimwe yavuze ko iyo yari kuja arahagarika gukina igihe cose atewe amajambo y’inguge, ntiyari kwigera akina na rimwe.

Yabaye kirumara mu gucira inzira no kwemerwa ku birabure mu mupira w’amaguru muri Bresil, nk’uko bivugwa n’umwanditsi wiwe ku mateka Angelica Basthi – ariko ntiyigeze aja mu buryo butaziguye mu kurwanya ivanguramoko.

Mvuganye na mama, yambariye ati Pelé ‘’asigura ubuhangange n’igihushane’’.

Igihushane, kuko abanya-Bresil benshi baragowe n’ingene yanse kwiyamiriza ivanguramoko.

Ubuhangange, kuko kubera inzira yaduciriye, twebwe abanya-Bresil birabura. Pelé yaraduze aba icamamare n’ubwo Bresil yarangwa n’ivanguramoko ryashinze imizi.

 ‘’Yaradufashije, twebwe abirabure bo muri Bresil, kubona umwe mu b’iwacu akomerwa amashi n’isinzi ry’abantu, afatwa nk’Umwami, ikimenyetso ku gihugu cose,’’ nk’uko mama yambariye.

‘’ Pelé yatwaye igikombe ca mbere c’isi haheze imyaka 70 yonyene ubuja (ubucakara) buciwe muri Bresil, igihu cabandanije, n’ubu kikibandanya, gufata abirabure nk’abanyagihugu baza mu kibanza ca gatatu [inyuma y’abandi].

‘’Yabaye ikimenyetso, yatumye tubona ko bishoboka kuba umwirabure ugafata ikibanza c’imbere mu makungu.’’

Bresil yaciye ubuja mu 1888. Si kahise ka kure cane kuri twebwe, kandi ivangura ry’abirabure n’ubu rirakomeye cane.

Ijwi n’iteka vya Pelé vyagumye vyumvikana mu nkino zikomeye n’inyuma cane y’aho amariye kurangiza igihe ciwe co gukina – cane cane mu mahiganwa y’ibikombe vy’isi.

‘’N’aho yaba anumye, yarashoboye gufasha cane kugira amenyekanishe izina rya Bresil mu makungu,” ivyo nabibwiwe na Edward Helal, umugenzi akaba n’umufana akomeye wa football.