Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Neymar, Kylian Mbappe na Cristiano Ronaldo mu bibuka iragi rya Pele
"Umwami" Pele "yarahinduye vyose ", niko umusatirizi wa Brezili Neymar avuga, nk’umwe mu bariko baribuka uyu yahoze ari igihangange mu mupira w’amaguru.
Inyuma y’aho uyu mukinyi wa mbere akomeye muri kahise k’umupira w’amaguru kw’isi asandabiye, abakinyi batari bake n’abawigeze berekanye icubahiro cabo baciye ku mbuga hwaniro.
Aciye ku rubuga rwa Instagram, Neymar yanditse ati: "Pele ataraza, umupira w’amaguru rwari urukino rusanzwe”.
"Pele yahinduye vyose. Yarahinduye football iba akagenegene, urukino ruryohera abarorerezi. Yahaye ijambo abakene, abirabure”.
Neymar yongerako ati: "Cane cane: yatumye Brezili imenyekana. Umupira w’amaguru na Brezili vyaragize ikibanza ciza kubera uyu Mwami! Aragiye, ariko ivyo yakoze bizokwamaho”.
Umusatirizi w’Ubufaransa akongera akaba akinana na Neymar muri Paris St-Germain Kylian Mbappe na we nyene asigura Pele nk’”umwami w’umupira w’amaguru”, akongerako y’uko “iragi ryiwe ritazokwigera ryibagiranwa”.
Pele azwi ko yinjije ibitsindo 1.281, igitigiri kitarigera gisubira kubaho, mu nkino 1.363 mu myaka 21 yamaze akina umupira w’amaguru, harimwo ibitsindo 77 yatsindiye igihugu ciwe mu nkino 92.
Ku ruhande rwiwe, Cristiano Ronaldo wa Portugal agira ati: "Gusezera vyonyene uno Mwami w’igihe kidahera Pele ntibimaze na gato kugira twerekane umubabaro ukwiye isi yose muri kano kanya.
"Umwitwarariko yanyereka wagumye wiyerekana mu gihe cose twaba turi kumwe, eka n’aho twaba tutari kumwe.
"Iragi ryiwe rizokwamaho imyaka yose kuri buri muntu muri twebwe akunda umupira".
Uwahoze ari umusatirizi wa Brezili yatsindiye igikombe c’isi yose, Ronaldo, avuga ati: "Umuntu ntagereranywa. Igihangange. Incabwenge. Intungane. Umuntu azi ubuhinga bwinshi. Aho ari hose, turi kumwe. Yamye ari hejuru, uno musi aradusize. Umwami w’umupira – ni umwe kandi nta wundi. Igihangange c’ibihe vyose”.
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika nawe avuga ati: "Ku rukino ruhuza isi yose gusumba izindi nkino zose, ukungene Pele yateye imbere kuva yinjiye mu mupira w’amaguru nk’umuntu muto gushika abe igihangange, vyerekana ko vyose bishoboka”.
Perezida Jair Bolsonaro wa Brezili avuga ati: "Ni agahinda kubona tubuze umugabo, aciye kuri football, yashikanye izina rya Brezili ku rwego mpuzamakungu. Yahinduye football iba akagenegene n’umunezero”.
Nayo uwuherutse gutorwa nk’umukuru wigihugu mushasha wa Brezili Luiz Inacio Lula da Silva avuga ati: "Naragize amahirwe urwaruka rwa Brezili rutagize: Narabonye Pele akina, imbonankubone, i Pacaembu na Morumbi. Ntikwari ugukina gusa, oya. Nabonye Pele akora utugenegene. Kubera igihe cose yaramuka afashe umupira, yama akora akantu kadasanzwe, kandi akenshi kakarangira kavuyemwo igitsindo”.
Umukuru wa FIFA, ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi, Gianni Infantino, avuga ko yababaye cane kuri “uno musi mubi mu mupira w’amaguru”, aho avuga ko Pele ari we “mukinyi w’ikinjana”.
Richarlison, umwe mu bakinyi ba kino gihe ba Brezili batari bake bamuhaye icubahiro cabo avuga ko Pele yabaye “igihe ciza cane c’umupira w’amaguru” anavuga ko “yahinduye amateka y’urukino imyaka yose”.
Richarlison abandanya avuga ati: "Uzokwama uri kibirengeye kuko mu myaka 60 iheze, n’ingorane zose waciyemwo, wakoze ibintu abantu bake cane bashoboye gukora uno musi”.
Uwari mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza watsindiye igikombe c’isi yose Sir Geoff Hurst avuga ko Pele ata nkeka "yari umukinyi mwiza cane w’umupira w’amaguru nahuye nawe”, akongerako ati: “Nama nishimira kuba kumwe na we mu kibuga”.
Uwahoze ari umukinyi w’inyuma wa Brezili akongera akaba mu murwi nserukiragihugu watahukanye igikombe c’isi yose mu 2002, Cafu avuga ati: "Pele arapfuye, ntabwo ari vyo …Pele ntazokwigera apfa. Pele ntazokwigera avana natwe. Pele ntazokwigera apfa. Pele azokwamaho, Pele ni Umwami, Pele ntasanzwe…aragiye kuruhuka gato”.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Bwongereza (FA) rizomurika urugori wa Wembley ikoresheje amabara ya Brezili handitseko ngo: "Umuntu wese akunda umupira w’amaguru arakunda Pele”.
New York Cosmos – umurwi Pele yarangirijemwo umwuga wiwe mu 1977 – uvuga ko “yatanguje impinduka muri urwo rukino muri Amerika”.
Uyu murwi wongerako y’uko "yafashije gukundisha umupira w’amaguru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yose”, mu kuvuga uti: "Ahahoze harangwa ibibuga vya baseball, ubu hararangwa n’ibibuga vy’umupira w’amaguru”.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Brezili ryasohoye itangazo kuri Twitter rivuga riti: "Uyu Mwami yaduhaye Brezili nshasha kandi turakengurutse iragi adusigaranye”.
Konte ya Pele kuri Instagram ivuga ko "yahagarariye ikintu yita ko ari umuti w’ingorane zacu zose: urukundo”.