Umuhungu wa Museveni akaba n'umukuru w'ingabo za Uganda avuga ko ashaka guca umutwe Bobi Wine

Muhoozi Kainerugaba

Ahavuye isanamu, Muhoozi Kainerugaba @Mkainerugaba_

Umukuru w'igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba - akaba n'umuhungu wa Perezida Yoweri Museveni amaze imyaka 39 ku butegetsi - avuga ko ashaka guca umutwe Bobi Wine, umunyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa se wiwe.

Mu butumwa yanditse ku mugoroba w'ejo ku wa Mungu ku rubuga X rwahoze ruzwi nka Twitter, Kainerugaba yavuze ko se wiwe arongoye Uganda kuva mu 1986 ari we muntu wenyene akingiye Bobi Wine kugira ngo ntamuce umutwe.

Kainerugaba arakunze kwandika amajambo ateza impari ku mbuga hwaniro, harimwo ivyo yigeze kwandika mu 2022, aho yavuga ko yotera igihugu kibanyi ca Kenya. Ico gihe se wiwe yasavye imbabazi.

Hari haciye iminsi itari mike adaherutse kwandika bene ayo amajambo ibihugu bimwe bimwe bifata ko ari agasomborotso n'uguca kubiri n'imigenderanire myiza.

Mu kwezi guheze niho yasubira kwongera. Mu minsi ibiri ikurikirana, ibihugu vya Repururika ya Demokrasi ya Congo na Sudan vyasavye Uganda gutanga insiguro ku majambo yavyanditseko.

Muri ubwo butumwa, yanditse ati: "Iyaba mutama atari muzima, uno musi namuca umutwe".

Mu matora y'umukuru w'igihugu ya 2021, Robert Kyagulanyi, ariko azwi cane nka Bobi Wine, yabaye uwa kabiri inyuma ya Museveni, na we yishuye aciye kuri X ko adafata minenerwe aya majambo y'iterabwoba, aho avuga ko bamaze kugerageza incuro zitari nke kumwica mu misi iheze.

Kainerugaba ntiyahagarariye aho, aho yaciye yishura Wobi Wine ati: "Aho rero! Ndakuvyuye? Imbere y'uko ndaguca umutwe, ubanze usubize amahera twakuguranye ". Avuga ko reta yari yaraguze Bobi Wine imbere y'aha kugira ngo acuvye abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

BBC yarondeye Kainerugaba ubwiwe n'abavugizi ba reta kugira ngo bagire ico bashikiriza kuri ano majambo yiwe ariko ntibashotse baboneka, umuvugizi w'igisirikare nawe akaba yanse kugira ico abivuga.

Bobi Wine, umunyamuziki azwi cane akaba yahavuye yinjira muri poritike, ni we munyaporitike abangamiye ubutegetsi bwa Museveni gusumba abandi bose. Yaranse kwemera ivyavuye mu matora ya 2021, avuga ko atabaye mu muco no mu mwidegemvyo.