Prezida Museveni yasavye imbabazi aba Kenya kubera Tweets z'umuhungu wiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa gatatu, prezida Museveni yavuze ko asavye imbabazi, asaba abanye Kenya ikigongwe, kandi ko abakozi ba reta, baba abasivile canke abasirikare, babujijwe kwivanga mu vy'igihugu kivukanyi.
Ku musi wa mbere Gen Kainerugaba yanditse ama tweets menshi, yateye ishavu ryinshi abanye Kenya ku mbuga hwaniro.
Muri imwe muri izo tweets, yavuze ko we n'abasirikare biwe vyobatwara indwi zibiri gusa mu gufata umugwa mukuru wa Kenya, Nairobi.
Mu yindi, yavuze ko yababajwe n'uwahoze ari prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta kuba yaratanze ubutegetsi, mu gihe vyari vyoroshe gutsinda ayandi matora.
Ku rubuga rwa twitter, Prezida Museveni yanditse at "ndasavye benewacu na bashiki bacu b'abanye Kenya kutubabarira kubera tweets zanditswe na Gen Muhoozi".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Ku musi wa kabiri, prezida Museveni yarirukanye Gen Kainerugaba mu mabanga yo kurongora ingabo zigwanira ku butaka ariko aca amuha ipeta rya mbere rya gisirikare muri ico gihugu.
Mw'itangazo ryiwe ryo ku musi wa gatatu, Museveni yasiguye ko yamwongeye ipeta kubera ibintu vyinshi vyiza Gen Kainerugaba yakoze n'ivyo abandanya gukora.






