Ubwongereza bugiye guha amafaranga abimwe ubuhungiro kugira baje mu Rwanda

    • Umwanditsi, Kate Whannel
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa poritike, BBC News

Abimwe ubuhungiro mu Bwongereza bagiye kuzohabwa gushika ku bihumbi bitatu vy'amafaranga y'Ubwongereza, pound (£3.000, amafaranga y'Urwanda hafi miriyoni zitanu) baje mu Rwanda hisunzwe umugambi mushasha ushingiye ku gushaka kw'umuntu.

Uwo mugambi, wavuzwe ubwa mbere n'ikinyamakuru The Times, biboneka ko ushaka gusa n'uwari uhasanzwe wo gusbira inyuma ku gushaka, aho abimwe ubuhungiro bahabwa amafaranga kugira basubire mu gihugu baje bavamwo.

Uzoba wugururiwe uwo ari we wese dosiye yiwe yo gusaba ubuhungiro izoba yanswe n'Ubwongereza.

Na cane cane werekeye abadashobora gusubira mu bihugu baje bavamwo.

Umushikiranganji ajejwe imirimo Kevin Hollinrake yavuze ko guha amafaranga abemeye kuja mu Rwanda ari ''ugukoresha neza amafaranga y'igihugu''.

''Bisaba amafaranga menshi kuruta ayo kugumiza abantu muri iki gihugu kandi bari ngaha batavyemerewe,'' niko yabwiye Times Radio.

''Ni ukubwira abantu ko 'Muje ngaha, ntimushobora kuguma ngaha muhaje mu nzira zinyuranye n'amategeko,' nk'uko yongeyeko.

''Ni ico bivuze. Sinibaza rero ko hari uwogerageza ngo aze ngaha aje kurondera gusa ibihumbi bitatu vy'ama pound (£3.000) yo kuja mu Rwanda.''

Reta ija iriko iragerageza gushira mu bikorwa uwundi mugambi aho abantu bafatwa nk'abinjiye mu Bwongereza mu nzira zinyuranye n'amategeko bazoheza bakarungikwa mu Rwanda.

Uwo mugambi wari wafatiriwe n'amasentare, ku makenga y'umutekano mu Rwanda.

Mu kurondera kuvanaho izo nzitizi, reta ubu iriko iragerageza kwemeza mu nama nshingamateka itegeko rizwi nka Safety of Rwanda Bill, ryokwemeza ko ico gihugu co muri Afrika y'ubuseruko ari igihugu gitekanye.

BBC yabwiwe ko, bitandukanye n'uwo mugambi, uwu wundi mushasha wo uzoba ku gushaka kw'umuntu gutyo ukaba utagendera kuri iryo tegeko rikiriko ririgwa n'inama nshingamateka.

Nta gitigiri cashinzwe

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe intwaro yo mu gihugu hagati yavuze ko ugusubira inyuma ku gushaka vyari ''igice gihambaye c'umugambi wacu wo guhangana n'kibazo c'abaza kurondera ubuhungiro''.

''Turiko turiga ivyo kurungika abantu ku gushaka kwabo kuri abo badafise uburenganzira bwo kuguma ngaha kugira baje mu Rwanda, rwiteguriye kwakira abantu bashaka gutangura ubuzima bushasha kandi batemerewe kuguma mu Bwongereza,'' nk'uko yabandanije avuga.

Abimwe ubuhungiro bahisemwo kuja mu Rwanda bazoba bemerewe n'amategeko gukora akazi muri ico gihugu, ivyo batemerewe mu Bwongereza. Kandi bokwongerwa iyindi mfashanyo bageze mu Rwanda.

Uwo mugambi uzoba wugururiwe kandi n'abandi bantu badafise uburenganzira bwo kuguma mu Bwongereza, hamwe n'abanyavyaha b'abanyamahanga.

Nta tariki irashingwa y'umunsi abantu ba mbere bazorungikirwako hisunzwe uwo mugambi mushasha, kandi nta gitigiri kihari c'abantu bashobora guhitamwo kuwitaba.

'Nta mahirwe'

Ku biharuro bitangwa na reta, abantu 19.253 baravanywe mu Bwongereza ku gushaka kwabo mu mwaka uheze. Muri abo 3.319 barahawe ''inzamuzi yo gutangura ubuzima bushasha'' canke barihirwa indege n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu - igitigiri ca mbere kinini kuva mu 2010.

Ubwo bushikiranganji bvuga ko muri uwo mugambi mushasha ''bushobora kuriha'' aho gushikira vy'imfatakibanza mu gihugu umuntu arungitswemwo, canke amashure, canke amafaranga yo gutanguza umurimo.

Mu kugira ico avuze kuri uwo mugambi, umushingamateka wo mu mugambwe wa Labour akurikirana ibibazo vy'abarondera ubuhungiro Stphen Kinnock yavuze ati:

''N'abashikiranganji ba reta barushe baremera ko umugambi wabo wo mu Rwanda ata mahirwe ufise yo gukora, none bahisemwo guha amafaranga abantu kugira bajeyo.''

Yavuze ko Urwanda rufise ''ikibanza gito cane'' co kwakira abantu, ko reta rero ikwiye gutomora igitigiri c'abantu ishaka kurungikayo muri uwo mugambi hamwe n'amafaranga bizotwara.

''Hamaze kuvugwa vyinshi kuri uwo mugambi wo mu Rwanda ku buryo atawoshavurira abantu bokwakirana amakenga uwo mugambi mushasha.''