Prezida Kagame 'yiteguriye gusubiza amahera ya UK mu gihe abimukira batorungikwa mu Rwanda'

Prezida w'Urwanda Paul Kagame yavuze ko yiteguriye gusubiza Ubwongereza amamiriyoni y'amadorari mu gihe imanza zo kwanka amasezerano yo kurungika abimukira mu Rwanda zobandanya.

Ubwongereza bwahaye Urwanda imiriyoni 240 z'amapawundi, mu gihe ayandi miriyoni 50 ari mu nzira, ariko gushika ubu nta mwimukira n'umwe ararungikwa muri ico gihugu.

Abajijwe ikibazo cerekeye ayo mahera, Kagame yishuye ati: "Azokoreshwa mu gihe gusa abo bantu bazoba baje. Bataje, dushobora gusubiza ayo mahera."

Muri ayo masezerano, reta y'Ubwongereza itegekanya kurungika abarondera ubuhungiro mu Rwanda kugira amadosiye yabo yigigweyo.

Aborungikwayo bashobora kutaronka uburenganzira bwo kuronka ubuhungiro mu Bwongereza.

Avugana na BBC, mu gihe yari mu nama yerekeye ubutunzi kw'isi (World Economic Forum), prezida w'Urwanda yitandukanije n'icahindutse amakimbirane ya poritike mu Bwongereza.

Ibi abivuze mu gihe umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Rishi Sunak ari mu yabira mu matora y'abashingamateka ku nteguro y'umugambi wiwe wo kurungika abimukira mu Rwanda.

Umushikiranganji wa mbere yemeza ko umugambi wiwe wo kwirukana bamwe mu basaba ubuhungiro akabajana mu Rwanda bizofasha guca intege abimukira barondera kujabuka Manche bari ma mato mato mato.

Ariko abo mu mugambwe w'aba travailliste (Labour Party) bavuga ako ari umugambi uzotwara amahera menshi kandi ataco uzoshikako - kandi ko bashobora kutawushira mu bikorwa mu gihe botsinda amatora.

Sunak kandi ahanganye na bamwe mu bashingamateka bo mu mugambwe wiwe w'aba conservateurs (Conservative Party), bavuga ko amategeko adahasha bikwiye kandi ko reta itegerezwa kwitegurira kwirengagiza amategeko mpuzamakungu kugira indege zitwaye abimukira zitangure kuguruka zigana Kigali.