Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Sudani: Nta biganiro bishoboka bombe zidahagaze - Hemedti kuri BBC
Umwe mu ba generale bahanganye muri Sudani, arongoye abagwanyi bariko baratana mu mitwe n'abasirikare b'igihugu, yabwiye BBC ko atazoja mu biganiro intambara zidahagaze.
Ariko Gen Mohamed Hamdan Dagalo, azwi cane nka Hemedti, avuga ko abagwanyi biwe bagumye baterwa amabombe "urutavanako" kuva hongerejwe imisi itatu y'agahengwe.
Yagiriza ubwicanyi umukuru w'ingabo za Sudani Gen Abdel Fattah al-Burhan, yagize ati:"Ntidushaka gusambura Sudani".
Gen Burhan yari yemeye ibiganiro vy'imbona nkubone vyobera muri Sudani y'Epfo.
Iyongerezwa ry'agahengwe katoroshe ku musi wa kane mw'ijoro ryabotse bivuye ku twigoro tw'ibiganiro vyagizwe n'ibihugu bibanyi, co kimwe na Amerika, Ubwongereza na Onu.
Avugana na BBC kuri telefone, Hemedti yavuze ko yemera ibiganiro ariko ari uko ihagarikwa ry'intambara ribanje kwubahirizwa:"Guhagarika intambara, Inyuma y'ivyo dushobora kuganira."
Yavuze ko ataco afise apfa yisangije na Gen Burhan, ariko ko amubona nk'umuhemu mu kuzana muri reta abayoboke b'uwahoze ari prezida wa Sudani Omar al-Bashir, yakuwe ku butegetsi n'igisirikare hamwe na RSF mu 2019 inyuma y'imyiyerekano y'abantu benshi bamwiyamiriza mu mabarabara.
Intwaro ya Bashir - yamaze ku butegetsi imyaka irenga mirongo itatu - izwi nk'iyakurikiza umurongo wa Islam no kugendera ku mategeko ya Sharia (amategeko ya ki Islam).
Hemedti agira ati:"Burhan atwarwa n'abarongoye uruhande rwa Islam ikaze."
Mu 2021, we na Gen Burhan barahinduye umwumvikano wo gusangira ubutegetsi n'abasivile, bashira mu minwe yabo ubutegetsi bose.
Bacanyemwo muri uyu mwaka bapfuye ingingo yo gusubiza ubutegetsi abasivile, cane cane ikirangamisi co kwinjiza mu gisirikare abagwanyi 100.000 bagize umugwi RSF (Strong Rapid Support) barongowe na Hemedti.
Hemedti yabwiye BBC ati:"Ndindiranye igishika intwaro ya gisivile uyu musi - imbere y'ejo, reta y'abasivile gusa. N'uko ndavyumva jewe."
Ubu si ubwa mbere uwurongoye RSF avuze uko yemera demokrasi, n'aho abasesenguzi bavuga ko abagwanyi biwe bakoresheje inguvu nyinshi mu guhosha imyiyerekano y'abasivile.
Hemedti yabwiye BBC ko abagwanyi biwe atari abansi b'abasirikare, asigura ko bariko baragwanira gukingira igihugu "gusubira mu ntwaro yo mu myaka 30 iheze."
"Ntituzokugwanya, Subira aho wahora ukorera mu gisirikare ntituzokugwanya."
Ivyo Hemedti yabibwiye BBC mu abantu ama miliyoni babuze ayo bacira n'ayo bamira i Khartoum ku mugwa mukuru, aharangwa ibura ry'ibifungurwa, amazi n'igitoro.
Mu bice bimwe bimwe vy'ico gisagara, harimbwe ibinogo mu gihe izo mpande zibiri zihanganye ibarabara ku rindi nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.