Barcelona yagirizwa guha ruswa abahagarikizi, Real Madrid ishigikiye ibi birego ku mukeba wayo

Real Madrid ivuga ko izoshigikira ibirego vya ruswa vyagirizwa Barcelona, bivuga ko yahaye icegera c’umukuru wa komite y’abahagarikizi ba Espagne.

Real iriteguye “kurwanira inyungu zayo” igihe urubanza ruzoba rutanguye.

Ku wa gatanu, sentare yabwiwe ko Barcelona yagirijwe “igiturire”, “kurenga ku masezerano”, hamwe “n’inyandiko z’ubucuruzi zitari zo”.

Abashikirizamanza bagiriza Barça ko yahaye Jose Maria Enriquez Negreira na kompanyi yiwe imiriyoni 8.4 z’amadorari y’Abanyamerika kugira ngo ize iroroherezwa n’abahagarikizi.

N’aho ihakana ko ata caha yakoze, Barcelona iremera ko yahaye amafaranga ikompanyi ya Negreira, DASNIL 95, hagati ya 2001 na 2018.

Uyu murwi w’i Catalogne uvuga ko iyi kompanyi ari “umujenama yigenga mu vy'ubuhinga” yahembwa kugira ngo yegeranye ama video ajanye n’abahagarikizi “mu ntumbero yo kwuzuriza amakuru yashobora gufasha abamenyereza”.

Abahoze barongoye komite y’abahagarikizi muri Espagne, Josep Maria Bartomeu na Sandro Rosell, co kimwe rero na Negreira, nabo nyene baritwariwe iruhande y’uyo murwi.

Izi manza zugurujwe n’ibiro vy’umushikirizamanza i Barcelona.

Abashikirizamanza bavuga bati: "FC Barcelona yaragiriraniye kandi irabandanya amasezerano yo ku munwa mw’ibanga rikomeye na Jose Maria Enriquez Negreira kugira ngo, akoresheje ububasha bwiwe nk’icegera c’umukuru wa komite y’abahagarikizi hanyuma nawe agahabwa amafaranga, akore ibishoboka vyose kugira ngo abahagarikizi baze barorohereza Barcelona”.

Umutegetsi wo hejuru mu mugwi wa Barcelone yavuze ko uwo mugwi wari witeze iki kirego c’umushikirizamanza, ariko akavuga ko ari inzira gusa yo gukorerako amatohoza.

Abarongoye Real Madrid barakoranye ejo ku wa Mungu kugira ngo baganire kuri iki kibazo, aho baciye bashikiriza aho bahagaze inyuma yo kwihweza “ibi birego bikomeye cane”.

Uyu murwi ufise igikombe c’ihiganwa rya Espagne uvuga uti: "Real Madrid yipfuje kwerekana ko ifise impungenge nyinshi ku buremere bw’ivyabaye kandi yongeye gushimangira ko ifitiye icizere igisata c’amategeko”.

"Umurwi wiyemeje ko, mu guhagararira uburenganzira bwawo imbere y’amategeko, uzokwitaba mu rubanza igihe umucamanza azoba ahamagaje abagizweko ingaruka”.

Umukuru wa Barcelona Joan Laporta yishura avuga ko umurwi wiwe "uguye mu mporero y’abashaka kuwucafuza”, agasaba abafana kuguma “batekanye”.

Yanditse kuri Twitter ati: "Ntibitangaje kandi tuzohagararira Barça twerekane ko umurwi ata caha wakoze”.