Tanzania na Kenya vyumvikanye gutorera inyishu ikibazo c'indege zavyo biciye mu biganiro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Reta za Tanzania na Kenya zashitse ku mwumvikano wo gutorera inyishu amatati yo gutwara ibintu n'abantu biciye mu kirere hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Umushikiranganji wa mbere wa Kenya, Musalia Mudavadi, ari na we ajejwe imigenderanire n'ibindi bihugu yanditse ku rubuga rwa X ko yagiranye ibiganiro n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Tanzania January Makamba, kandi ko ivyo bihugu bibiri vyiteguye kurangiza ico kibazo mu misi itatu gusa.
Ku ruhande rwiwe na we, umushikiranganji Makamba yanditse ku rubuga rwiwe rwa X ko ubutegetsi bw'ivyo bihugu bibiri bwiyemeje gutorera inyishu ico kibazo.
Igisata kijejwe ibintu n'abantu mu kirere mu gihugu ca Tanzania cari cashize ahabona itangazo rihagarika ingendo zose z'indege za Kenya (KQ) zija muri ico gihugu kuva itariki 22 uyu mwaka.
Iyo ngingo yafashwe inyuma y'aho igisata kijejwe uruja n'uruza mu kirere muri Kenya cankiye ko indege za Air Tanzania zitwara imizigo kuyikura muri Kenya ziyijana mu bindi bihugu.
Uwurongoye ico gisata ku ruhande rwa Tanzania Hamza Johari yabwiye BBC ko iyo ngingo ya Tanzania yavuye ku nzitizi zashizweho na Kenya ku ndege ya Air Tanzania.
Johari yavuze ati: "Impamvu twafatiye ibihano indege zabo zirumvikana, KQ iraza iwacu muri Tanzania ata ngorane, ariko twebwe indege yacu ya Air Tanzania yafatiwe ibihano bidakurikije amategeko atugenga y'urudandaza yerekeye indege twashizeko umukono mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka 2016."
Uwo mutegetsi yongeyeko ko bari bamaze imisi barondera bagenzi babo bo muri Kenya kugira baganire kuri ico kibazo ariko ntihagire ico bashikako.
Johari yagize ati:"Twarabandikiye amakete ntibishure, kandi twaranabonanye ntihagira ikivamwo. Ariko nibaba bashaka ko twisubirako ku ngingo twafashe, nibaze ku meza y'ibiganiro tuganire ku nzitizi zihari kubera gushika ubu tuguma duhomba.
"Akarorero, ku rugendo rumwe rw'indege itwaye imizigo duhomba amadorari ya Amerika ashika 330.000."
Mu mwaka wa 2020, ubutegetsi bwa Tanzania bwarahagaritse ingendo z'indege za KQ hagati ya Nairobi n'ibibuga vy'indege vya Tanzania nka Dar es Salaam, Kilimanjaro na Zanzibar bivuye ko Kenya yari yafatiye ico gihugu ingingo zimwe zimwe zerekeye ubutunzi.










