Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: 'Turahagaritse intambara...ariko dutewe tuzokwivuna' – M23
- Umwanditsi, Bernard Bankukira
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
Umuhari w’inyeshamba M23 urwanya reta ya Repubulika ya Demokrasi ya Congo utangaza ko “uhagaritse intambara kuva kuri iyi tariki 07 Ntwarante (3) 2023 isaha zitandatu [12h], amasaha ya Bunagana, mu ntumbero yo guha akaryo ibiganiro na reta ya Kinshasa”.
Ibi biri mw’itangazo risohowe n’uyu muhari, aho ushimira abategetsi b’akarere bose bitanze kugira ngo “bumvirize, batahure ingorane zawo” n’utwigoro twabo two kugarukana amahoro mu buseruko bwa DR Congo.
Iyi ngingo ifashwe inyuma y’aho umunyabanga mukuru w’ishirahamwe ONU Antonio Guterres atereye akamo uyu muhari guhagarika intambara, hamwe kandi n’umubonano intumwa z’uyu muhari uherutse kugiriranira n’umukuru w’igihugu ca Angola, João Lourenço, aho zamwemereye ko umuhari wazo wemeye guhagarika intambara.
Hagati aho, umuhari M23 ugabisha ko kuva kera wamye witeguye guhagarika intambara ariko ukama usotorwa n’igisirikare ca reta, ivyo igisirikare ca reta gihakana ahubwo na co nyene kikawagiriza ko ari wo ugitera.
Haraciye amezi atari make ubuseruko bwa DR Congo burangwamwo intambara zimaze guhitana abatari bake, abandi barenga 520,000 bata izabo, nkuko bitangazwa na ONU.
Mw’iri tangazo, umuhari M23 usaba abandi bategetsi b’akarere n’incuti mpuzamakungu gukora ibishobora vyose kugira ngo baterere mu twigoro two kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bwa Congo.
Avugana na BBC, Majoro Willy Ngoma, umuvugizi wa gisirikare w’uyu muhari, avuga ko hari haciye indwi bemereye umukuru w’igihugu ca Angola ko bemeye guhagarika intambara, ariko ko kuva ico gihe babandanya baterwa n’ingabo za reta ku birindiro vyabo bitandukanye.
Ariyamiriza kandi yivuye inyuma ivyo igisirikare ca Congo cabagirije ko bateye n’ibirindiro vy’ingabo z’Uburundi zarungitswe muri ako karere mu rwego rw’ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.
Imbere y’uko usohora iri tangazo, umuvugizi w'umuhari M23 yabwiye BBC ko mu bisanzwe kuva ku wa 01 Ndamukiza (4) 2022 bari bamaze gutera igikumu ku masezerano abiri yo guhagarika intambara kandi bayubahiriza, ariko ko igihe cose bama baterwa n’igisirikare ca Congo hanyuma bakivuna.
Avuga ko n’uno musi batangarijeko ko bahagaritse intambara bazindutse baterwa amabombe, kandi ko ari ngombwa ko bivuna.
Ati: “Nk’ubu tumaze indwi duterwa amabombe, ejo baraduteye ku birindiro vyacu vyose, n’uno musi bazindutse badutera.
“Ubu turiko turavugana, bariko baratsimbataza ibirindiro vyabo, begeranya ibirwanisho rutura, batera basugereza ibirindiro vyacu.
“None baje kudutera mushaka tugire gute? Bobo bashaka kuturimbura, bashaka kudufuta kuko ni vyo bavuga, n’uno musi bazindutse badutera”.
BBC yagerageje kurondera abavugizi ba gisirikare ba Congo kugira bagire ico bavuga kuri ibi birego vya M23 ariko ntibirashoboka.
N’aho M23 ishimangira ko yiyemeje gutorera umuti iyi ntambara mu mahoro, ivuga ko “ifise uburenganzira bwose bwo kwivuna mu gihe izoba itewe n’urunani rwa reta ya Kinshasa, ari rwo FARDC [igisirikare ca Congo], FDLR, NYATURA, APCLS, PARECO, NDC-R, MAI-MAI n’ABACANGERO”, nk’uko biri muri iri tangazo ryateweko igikumu n’umuvugizi w’uyu muhari ku ruhande rwa poritike, Lawrence Kanyuka.
Abagiraneza mu buseruko bwa DR Congo bavuga ko itana mu mitwe ribandanya hagati y’igisirikare na M23 nibura mu turere tubiri.
Twebwe nta ngabo z’Uburundi twateye - M23
Majoro Ngoma arahakana yivuye inyuma amakuru avuga ko ku musi w’ejo mu birindiro bateye harimwo ivy’ingabo z’Uburundi zarungitswe muri ico gihugu.
Ati: “Ico iki gisirikare na reta bazi, barazi kubesha. Barazi gukora irementanya kugira ngo bereke amakungu ko ari twebwe M23 turi babi mu gihe ari twebwe duterwa.
“Ni bo barasa amabombe mu rudavagi, mwibuke ko igihe kimwe banateye n’indege yabo. Ni abantu bashoboye gukora ico ari co cose”.
Mu butumwa yarungikiye BBC, umuvugizi wa gisirikare mu ntara ya Kivu ya Ruguru, Liyetena Koroneri Ndjike Kaiko Guillaume yavuze ko inyeshamba za M23 zifashanije n’igisirikare c’Urwanda zateye ibirindiro vy’ingabo za Congo, ikambi y’abateshejwe izabo hamwe n’ibirindiro vy’ingabo z’Uburundi zarungitswe muri ako karere gufasha kugarukana amahoro.
Hagati aho, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Koroneri Floribert Biyereke yabwiye BBC ko ayo makuru atayo bazi.