France-DRC: Tshisekedi ashaka ibihano ku Rwanda na M23, Macron agasaba gutenyenya

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron avuye mu rungendo rw'iminsi ine mu bihugu vyo hagati ha Afrika birimwo na Republika ya Demokrasi ya Congo.

Ni urugendo ahanini uwo mukuru w'Ubufaransa yashatse kwerekanamwo ko Ubufaransa bwiteguriye kugirana umubano mushasha n'ibihugu vya Afrika, mu gihe muri iki gihe hari umwuka wo kwinuba ico gihugu.

Aho yagendera Republika ya Demokrasi ya Congo ejo kuwa gatandatu, nk'uko benshi bari bavyiteze, ikibazo c'umutekano mu buseruko bw'igihugu caravuzweko cane.

Prezida Tshisekedi yasubiye kwagiriza u Rwanda na M23 guhungabanya umutekano muri ako karere hamwe no gushaka kwikebera ivyibare, ibintu leta ya Kigali ibandanya guhakana.

Yasavye ko M23 n'u Rwanda vyofatirwa ibihano ubu bwa vuba mu gihe Prezida Macron we abona ko ibiganiro n'inzira y'amahoro vyobanza guhabwa umwanya.

Prezida Macron yavuze ko ibikorwa vya M23, ishigikiwe ata gukekeranya n'ukuboko kwo hanze, bitegerezwa guhagarara.

Mu kiganiro n'abanyamakuru Bwana Macron yagize ati: "Republika ya Demokrasi ya Congo ntikwiye kuba impembo y'urugamba. Gusahura Republika ya Demokrasi ya Congo izuba riva bitegerezwa guhagarara.

"Yaba gusahura, yaba kwikebera ibice vy'iki gihugu, yaba intambara [bitegerezwa guhagarara].

"Ni nayo mpamvu ndi ngaha ubunyene kugira ndababwire yuko ata mwana n'ikinono hagati y'amahano abera muri Ukraine ku mugabane wa Buraya, n'ayabera ku butaka bwa Africa."

Ku bijanye na M23, Prezida Macron yavuze ko umugambi w'amahoro wa Luanda hamwe n'uwa Nairobi itegerezwa kwubahirizwa.

Yavuze ko yizera ko itariki 7 z'ukwa gatatu (kuwa kabiri), uwundi munsi ntarengwa impande zose ziyemeje ko zizohagarikirako imirwano, uzokwubahirizwa.

Yavuze ko abatazovyubahiriza bazoba barenze umurongo utarengwa kandi ko bagomba kwitega ibihano vy'amakungu.

Bwana Macron ariko yavuze ko kugira kuvogera Congo bihagarare itegerezwa kwubaka inzezo zayo z'umutekano zigakomera kandi zikarangwa hose ku butaka bw'igihugu.

Yavuze ko kiretse inyungu Ubufaransa bufise muri Congo aho bugiye gushora imitahe mu bisata bitandukanye, harimwo no gufasha ico gihugu kwubaka igisirikare c'ikinyamwuga.

Gutorwa kwa Tshisekedi "wari umwumvikano w'ikinyafrika"

Mu kiganiro n'abanyamakuru hagarutswe ku vyavuzwe mu 2019 n'uwari umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire Jean-Yves Le Drian, aho yabwira ibitangazamakuru vyo mu Bufaransa ko gutorwa kwa Tshisekedi "wari umwumvikano w'ikinyafrika".

Prezida Macron mu kwisigura kuri iryo kosa rya kidiplomasi, yavuze yuko ryabaye ikosa ry'ibitangazamakuru.

Prezida Tshisekedi vyaranse ko avyihanganira aca amuca mw'ijambo agira ati "Le Drian yari umutegetsi w'Ubufaransa. 'Umwumvikano w'ikinyafrika' niwe yabivuze si umunyamakuru."

Video y'ukwo gusa no guterana amajamabo yarahanahanywe hirya no hino ku mbuga hwaniro, inavugwako vyinshi.