'Ntibirahera' - Kamala Harris abwira BBC ko ashobora gusubira kwitoza nk'umukuru w'igihugu muri Amerika

- Umwanditsi, Laura Kuenssberg
- Igikorwa, Aremesha ikiganiro Sunday with Laura Kuenssberg
Kamala Harris yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabwiye BBC ko ashobora gusubira kwitoreza ikibanza c'umukuru w'iki gihugu.
Mu kiganiro ca mbere atangiye mu Bwongereza, Harris avuga ko yizeye ko umusi umwe ashobora kuzoba umukuru w'igihugu kandi ko afise icizere ko muri kazoza Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) izoramutswa umugore.
Mu gushimangira ko ashobora kuzokwitoza nk'umukuru w'igihugu mu 2028 inyuma yo gutsindwa na Donald Trump mu mwaka uheze, Harris arasuzugura ibiva mu masuzuma y'ivyiyumviro vy'abanyagihugu bimwerekana ko ata mahirwe ashobora guhabwa yo kuzoserukira Abademokarate mu matora azokurikira.
Mu kiganiro ca BBC, Sunday with Laura Kuenssberg kiremeshwa Laura Kuenssberg, Harris ararakarira uwari umukeba wiwe Trump, akamwita "umunyagahotoro", akavuga kandi ko imburi yatanze kuri we mu gihe c'imyiyamamazo zashitse nk'uko yari yabivuze.

Mu gihe umugambwe w'Abademokarate ukirondera kumenya ingene umurepubulikani Donald Trump yatsinze amatora mu mwaka uheze, ahanini bata impfane kuri Joe Biden yahoze ari umukuru w'igihugu ku ngingo yiwe yo kudakuramwo akarenge hakiri kare.
Ariko hari kandi n'ibindi bibazo vyibazwa ku bijanye no kumenya nimba koko Harris yari gushobora kuvyifatamwo neza mu myiyamamazo akanatanga n'ubutumwa butomoye ku kibazo ca mbere nyamukuru kiraje ishinga Abanyamerika, ubutunzi.
Muri iki kiganiro na BBC, Harris yerekanye ko ashobora gusubira kwiyamamariza kuba umukuru w'igihugu, aho avuga ko abuzukuru b'abavukanyi biwe "mu buzima bwabo, ata kabuza" bazobona umukuru w'igihugu w'umugore.
Abajijwe nimba ashobora kuba we, yagize ati, "birashoboka", maze yemeza ko ariko yiyumvira ko yosubira kwitoreza iki kibanza.
Harris avuga ko atarafata ingingo, ariko agasigura ko akibona kazoza kiwe keza muri poritike.
Ati: "Ntibirahera, kandi mu mabanga yanje yose namye nitangira abandi, biri mu magufa yanje".
Mu kwishura ku vyavuye mu masuzuma y'ivyiyumviro vy'abanyagihugu bimwerekana nk'uwutari mu bahabwa amahirwe yo kuzoserukira Abademokarate— mbere bikanamushira inyuma y'umukinyi wa firime wa Hollywood Dwayne The Rock Johnson—yavuze ko atigera yumviriza ibiva muri aya masuzuma.
"Iyo mba narumvirije ivyava muri aya masuzuma, simba nariyamamaje mu kiringo ca mbere, cane mu kiringo canje ca kabiri – kandi nta nkeka, simba nicaye hano".

Harris kandi ariyamiriza ibigo vy'ubutunzi vya Amerika n'ababirongoye avuga ko bicishije bugufi cane imbere y'ivyo umukuru w'igihugu asaba.
"Hari benshi …bamanitse amaboko kuva ku musi wa mbere, bapfukamira uno mutegetsi w'igitugu. Ndemeza ko ari ku mpamvu nyinshi, harimwo ko bashaka kwegera ubutegetsi, canke ko bashaka kworoherezwa canke gukwepa amatohoza".
Maison Blanche ntiyashatse kugira ico yishuye igihe yasabwa kugira ico ivuze ku majambo ya Harris ku mukuru w'igihugu.
Umuvugizi wayo Abigail Jackson yagize: "Igihe Kamala Harris yatsindwa bikomeye mu matora, yategerezwa kuhafatira icigwa – ububeshi bwiwe ntaco bubwiye Abanyamerika.
"Canke naho ashobora kuba yarahigiye iki cigwa hanyuma kikaba ari co gituma abandanya abwira akababaro kiwe ibinyamakuru vyo mu mahanga".
Harris aherutse gusohora igitabo kivuga ukuntu yiyamamaje mu buryo butoroshe, yise "107 Days", bisigura ngo Imisi 107, ari na yo misi yari isigaye kugira ngo ashobore kwiyamamariza kuba umukuru w'igihugu Biden amaze kwikura mw'ihiganwa, inyuma y'amaze atari make yari aheze abanyagihugu bibaza ku bijanye n'ubushobozi bwiwe bwo mu mutwe.
Muri iki kiganiro yabajijwe cane kandi kenshi nimba yari kuba yasavye Biden kumubisa imbere y'igihe, ingene yari azi amagara y'umukuru w'igihugu, hamwe kandi n'uko yibaza ko yari kuba ari umukuru w'igihugu, aho kuba Donald Trump, iyo Biden aba yari yarakuye akarenge hakiri kare.
Inyishu ntiyoroshe – aka kajambo gakomeye cane "iyo", kari kuba kahinduye kazoza ka Amerika.

Mu mwihwezo w'Abademokarate, ukwiyamamaza kwa Harris ntikubonwa kumwe, benshi bakaba bakunze kwerekana ko ubushobozi buke bwiwe nk'indongozi ari yo mvo nyamukuru y'itsindwa ryiwe, aho kuvuga gusa ngo vyavuye ku ngingo ya Biden yo ku munota wa nyuma yo kwikura mu matora.
Abajijwe ibitagenze neza, aho kwinjira mw'ido n'ido, avuga ko imvo ari uko yatanguye imyiyamamazo igihe carenganye cane, ko rero vyasa n'ibitashoboka ko atsinda.
Aho ari mw'ihoteri i Londres, kurondera ubutegetsi si ikintu yiyumvira guheba.
Imbere y'aha yaririnda kuvuga yeruye ko ashobora kuzosubira kwitoza, canke naho akamera nk'uwuhisha — "birashoboka canke ntibishoboke", canke naho "ibi si vyo bindaje ishinga muri kano kanya".
Ukuntu yari yugurutse muri iki kiganiro vyari ibintu bitangaje cane. Yarihuse kandi n'ishaka ryinshi kwerekana ko yipfuza gusubira ku butegetsi. Ariko gusa ntiyaduduriyeko.
Ibi bishobora kuba ari ibintu bitangaje ufatiye ku kungene asigura ingene ugutsindwa ari ikintu gihahamura. We n'umurwi wiwe wari ujejwe imyiyamamazo barababaye bikomeye n'uko gutsindwa kwiwe kwabaye mu bintu batari biteze.
Igihe ivyavuye mu matora vyaja ahabona, Harris avuga ko yagumye asubiramwo amajambo ngo ati: "Mana yanje, mana yanje, none igihugu canje kigiye kubaho gute?"

Mu kugerageza kubisigura, yibanda ahanini ku kungene igihengeri mu majwi cari gito cane hagati ya we na Trump.
Amajwi rusangi mu bisanzwe yari yegeranye cane kuko itandukaniro ryari munsi ya 2%. Ariko Harris yarakubiswe bikomeye na Trump mu matora y'intumwa z'itora, ikizwi nka "collège electoral/electoral college", aho intara yose iba ifise igitigiri c'amajwi yihariye, ayo majwi agateranywa kugira hamenyekane uwutsinze.
Harris yari yiteguye kuvuga vyinshi kandi ibikomeye ku bijanye na kazoza kiwe. Ariko we, nk'uko bimeze no ku bandi bategetsi bakuru b'umugambwe w'Abademokarate, yarinengesereye mu gihe ahanganye n'ibibazo vy'igihe kirekire bihanze umugambwe wabo.














