Trump avuga ko atazorondera ikiringo ca gatatu

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Max Matza
    • Igikorwa, BBC News

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika arahakana ko ata mugambi afise wo kwitoreza ikiringo kigira gatatu nk'umukuru w'igihugu, ingingo abahinga bemeranya ko ibujijwe n'ibwirizwashingiro ry'ico gihugu.

"Nzoba maze imyaka umunani nk'umukuru w'igihugu, nzoba maze ibiringo bibiri nk'umukuru w'igihugu. Namye mbona ko iki ari ikintu gikomeye cane", niko Trump yabwiye umunyamakuru Kristen Welker mu kiganiro Meet the Press c'ikinyamakuru NBC ku wa Mungu.

Trump w'imyaka 78 yari aherutse kuvuga ko atariko arafyinata ku bijanye no kurondera ikiringo kigira gatatu, canke mbere n'ica kane, nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu nyuma yavuze ko amajambo yiwe yari ayo gucokora "ibinyamakuru vy'ibinyoma".

Ikompanyi yiwe, Trump Organization, imaze igihe igurisha inkofero zanditseko "Trump 2028", ivyatumye haba abibaza ko ashobora kurondera kuguma ku butegetsi ikiringo ciwe kigira kabiri kimaze kurangira, muri Nzero (1) 2029.

Muri ico kiganiro cafatiwe ku rugo iwe muri Florida ku wa gatanu, Trump yavuze ko yari amaze kuronka abantu benshi bamusaba ko yokwiyumvira ingene yoguma ku butegetsi.

"Ni vyo abantu benshi cane baravyipfuza", niko Trump yavuze, imisi mike inyuma y'isabukuru y'imisi 100 yari amaze mu butegetsi mu kiringo ciwe kigira kabiri.

Ati: "Ku vyo nzi neza, ni ikintu utemerewe gukora. Sinzi nimba ari ibwirizwashingiro rikubuza canke nimba ari ibindi bindi".

Yongerako ko "hari abantu benshi bariko baragurisha inkofero ya 2028".

"Ariko iki si ikintu ndiko ndarondera", niko avuga, aho abandanya yerekana Abarepubulikani bashobora kuzomusubirira, harimwo icegera ciwe JD Vance n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Marco Rubio.

Impinyanyuro igira 22 y'ibwirizwashingiro ivuga ko ata "muntu ashobora gutorwa incuro zibiri nk'umukuru w'igihugu".

Guhindura ibwirizwashingiro bisaba ko vyemezwa na bibiri vya bitatu vy'inama nshingamateka na nkenguzamateka, hamwe kandi na bitatu vya bine vy'amareta y'intara.

Hagati aho, bamwe mu banywanyi ba Trump bavuga ko hari igihengeri mw'ibwirizwashingiro. Ibitarashobora kwerekanwa muri sentare.

NBC imubajije nimba hari umuntu uwo ari we wese yoba amaze kumwegera afise ibi vyiyumviro, Trump yarakwefye ikibazo, mu kwishura ko "bitwaje ko ari abanywanyi bakomeye, abantu benshi bavuga ibintu bitandukanye".

Avuga iki ku bindi bibazo?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Trump yabajijwe no ku bindi bibazo bijanye na poritike yiwe, aho nk'akarorero yabajijwe ku bijanye n'impinyanyuro ya gatanu ry'ibwirizwashingiro iha uburenganzira kanaka abantu bagirizwa ivyaha.

Abamunegura bavuga ko umugambi wiwe wo kwirukana abimukira wahonyanze ubu burenganzira, kandi ko ubutegetsi bwiwe bwirukanye abantu batari bwagirwe n'icaha na kimwe, kandi ko batari bwiregure imbere ya sentare.

"Ntutegerezwa kwubahiriza Ibwirizwashingiro rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk'umukuru wigihugu?", niko Welker yamubajije, amwereka ko ashobora kuba ariko ararenga ku ndahiro y'umukuru w'igihugu, imusaba "kuzigama, gukingira no kurwanira Ibwirizwashingiro".

Trump yishuye ati: "Sinzi. Aha ntegerezwa kwishura mvuga kandi nti mfise abanyamategeko b'incabwenge bankorera, kandi nta nkeka bazokurikiza ivyo Sentare nkuru y'igihugu ivuga".

Mu kwezi guheze, Sentare nkuru y'igihugu yafashe icemezo ko Maison ibiro vy'umukuru w'ico gihugu bitegerezwa gukora mu "kworohereza" igarukanwa ry'umwimukira yatwawe mw'ibohero muri El Salvador habaye ukwihenda. Ubutegetsi bwa Trump buvuga ko ata bubasha bufise bwo gutegeka iki gihugu co muri Amerika yo hagati kumugarukana muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Trump nta mugambi afise wo gutera Canada

Trump avuga ko ata kwikuramwo ko bishoboka ko '' hazokoreshwa'' inguvu za gisirikare kugira ngo yigarurire Greenland, ariko akavuga ko ata mugambi afise wo gutera Canada akoresheje inguvu za gisirikare kugira ngo ahatire iki gihugu kibanyi mu buraruko kuba intara igira 51 ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

"Ivyo ntavyo mbona kuri Canada", niko Trump avuga, imisi mike inyuma y'aho abanyagihugu ba Canada batoreye Mark Carney wo mu Mugambwe w'Abigenga nk'umushikiranganji wa mbere wabo, mu kwiyamiriza bimwe bitangaje umugambwe ugendera ku mico ya kera.

Abandanya agira ati: "Bibaza ko tuzobakingira, kandi vy'ukuri ni ko biri".

"Ariko ukuri ni uko badatanga ivyo basabwa uko bikwiriye, ibi navyo ni akarenganyo kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika no ku batangakori bacu".

Vyitezwe ko Carney azogendera Trump muri Maison Blanche ejo ku wa kabiri.

Ikibazo c'abimukira ni ikibazo kidasanzwe

Trump yabajijwe kandi ku ngingo yafashe yo gutangaza, ku musi wa mbere ashitse ku butegetsi, ko ikibazo c'abimukira ari ikibazo kidasanzwe, no kumenya nimba ubu umupaka "utekanye".

"Dufise umupaka utekanye tutari bwigere tugira", ni ko yavuze, ivyatumye Welker amubaza igituma kikiri ikibazo kidasanzwe, mu gihe ibiharuro vyo mu gisata c'abinjira n'abasohoka vyerekana ko ibitigiri vy'abinjira mu gihugu badafise ivya ngombwa vyarakorotse cane mu myaka mirongo.

Yavuze ko itegeko ridasanzwe riri mu butungane, ko ritari ku mupaka.

Ati: "Ikibazo gikomeye ubu ni uko dufise abantu ibihumbi n'ibihumbi twipfuza kwirukana, kandi dufise abacamanza bamwe bamwe bashaka ko bose baja muri sentare".

" Ni ikibazo kidasanzwe muri rusangi ku bijanye n'abimukira", niko Trump yabwiye NBC, akongerako kandi ko ata migambi afise yo gukuraho iri tegeko ubu bwa vuba.