Imyiyerekano yo kwiyamiriza Donald Trump mu gihugu cose no hanze ya Amerika

Abari muri yo bagaragaje ko batishimiye imigambi ya Trump kuva ku bibazo vy'imibano gushika ku bibazo vy'ubutunzi.
Insiguro y'isanamu, Abari muri yo bagaragaje ko batishimiye imigambi ya Trump kuva ku bibazo vy'imibano gushika ku bibazo vy'ubutunzi.
    • Umwanditsi, Robin Levinson King i Boston, Jenna Moon i Washington DC na Bernd Debusmann Jr i Florida
    • Igikorwa, BBC News

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bakoraniye mu bisagara bitandukanye mu gihugu cose ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu myiyerekano yo kwiyamiriza umukuru w'igihugu Donald Trump, imyiyerekano ya mbere minini yo kwerekana ko batamushigikiye kuva ashitse ku butegetsi muri Nzero (1) uno mwaka.

Abateguye iyo myiyerekano yiswe "Hands Off" bari bafise intumbero yo gukora imyiyerekano mu bibanza 1.200, harimwo no mu ntara zose 50 zigize Amerika. Ibihumbi n'ibihumbi bitavye iyi myiyerekano mu bisagara bitari bike, harimwo Boston, Chicago, Los Angeles, New York, Washington DC n'ibindi vyinshi, ku musi wa gatandatu.

Abari muri yo bagaragaje ko batishimiye imigambi ya Trump kuva ku bibazo vy'imibano gushika ku bibazo vy'ubutunzi.

Imisi mikeyi inyuma y'uko Trump atangaje ko Amerika yari gushiraho amakori ku bihugu hafi vyose kw'isi yose, habaye kandi n'imyiyerekano hanze ya Amerika, harimwo i Londres mu Bwongereza, i Paris mu Bufaransa n'i Berlin mu Budagi.

Umwe mu bari mu myiyerekano i Londres yari afise uburoso bukoreshwa mu gusukura akazu ka surwumwe buriko igishusho ca Tump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwe mu bari mu myiyerekano i Londres yari afise uburoso bukoreshwa mu gusukura akazu ka surwumwe buriko igishusho ca Tump
I Paris mu Bufaransa na ho nyene habaye imyiyerekano, aho abari muri yo bari bafise ivyapa vyanditse mu congereza vyiyamiriza Trump

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, I Paris mu Bufaransa na ho nyene habaye imyiyerekano, aho abari muri yo bari bafise ivyapa vyanditse mu congereza vyiyamiriza Trump

I Boston, bamwe mu bari mu myiyerekano bashavujwe n'ibitero ku banyeshure b'abimukira ku makaminuza yo muri Amerika vyatumye bafatwa bakirukanwa mu gihugu.

Umunyeshure yiga amategeko Katie Smith yabwiye BBC News ko yitavye iyi myiyerekano biturutse ku munyeshure w'umunya-Turukiya Rumeysa Ozturk, yafashwe n'abantu bari biyoberanije hafi ya kaminuza ya Tufts mu karere ka Boston mu kwezi guheze, aho kamera (camera) zabafashe amasanamu.

Ati: "Mu bisanzwe sindi umukobwa akunda imyiyerekano, ariko ni ngombwa ko uhaguruka uno musi canke naho nawe ukazofatwa mu nyuma".

I Londres, abari mu myiyerekano bari bafise ibimenyetso bivuga ngo, "WTAF America?", "Reka kubabaza abantu", hamwe na "Ni ikijuju".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Baririmba ngo Canada ntukorako", "Greenland ntukorako", na "Ukraine ntukorako", aha bakaba bashaka kuvuga impinduka za Trump mu bijanye n'imigenderanire n'ibindi bihugu.

Trump abadanya avuga ko yipfuza kwigarurira Canada na Greenland, akaba aherutse guterana amajambo na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ibinyamakuru n'amakungu barorera, mu gihe atorohewe mu biganiro vy'amahoro hagati ya Ukraine n'Uburusiya.

I Washington DC, abantu ibihumbi n'ibihumbi bari mu myiyerekano bariyegeranije bumviriza amajambo yashikirijwe n'abashingamateka b'Abademokrate. Menshi muri aya majambo yari yerekeye uruhara rwagizwe n'abatunzi batanga uburyo bari mu butegetsi bwa Trump - cane cane Elon Musk, yagenywe nk'umujenama wa Perezida Trump akaba ari na we ahagarariye umugambi wo kugabanya cane amafaranga akoreshwa n'abakozi ba reta.

Umushingamateka wo muri Florida Maxwell Frost yariyamirije "ukungene uno mutunzi ruhebwa yifatiye reta yacu ".

N'ijwi rirenga, yagize ati: "Iyo wivye abanyagihugu, witege ko abanyagihugu bazohaguruka. Mu gasandugu k'amatora no mu mabarabara".

Iyi myiyerekano ije inyuma y'indwi itoroheye umukuru w'igihugu n'abafasha biwe. Abarepubulikani baratsinze amatora yihariye y'umushingamateka wo muri Florida ku wa kabiri, ariko ku majwi make cane ugereranije n'uko bari bavyiteze. Muri Wisconsin, umucamanza w'umudemokrate ni we yatowe muri sentare nkuru y'igihugu muri iyo ntara, aho abatoye banse umurepubulikani yari ashigikiwe na Musk, maze amutsinda ku bice birenga 10%.

Muri izi ntara zompi, abademokarate bashatse gukorera kw'ishavu abanyagihugu bafise kuri poritike y'ubutegetsi bwa Trump be n'ivyo Elon Musk yigira.

Abari mu myiyerekano i New York

Ahavuye isanamu, Reuters

Imyiyerekano yabereye i West Palm Beach muri Florida, hafi y'aho Trump yariko arakinira golf

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yabereye i West Palm Beach muri Florida, hafi y'aho Trump yariko arakinira golf

Bimwe mu biharuro vy'amatohoza vyerekana ko abantu bemera Perezida Trump bariko baragabanuka gatoyi.

Ibiharuro vya Reuters/Ipsos vyasohowe mu ntango z'ino ndwi vyerekana ko igitigiri c'abamwemera cagabanutse kikagera kuri 43%, urugero rwa mbere ruto cane kuva Trump atanguye ikiringo ciwe ca kabiri muri Nzero (1) 2025. Igihe yarahira ku wa 20 Nzero, yemerwa ku rugero rwa 47%.

Ibi biharuro nyene vyerekana ko 37% vy'Abanyamerika bemera ingene ariko yitaho ikibazo c'ubutunzi, mu gihe 30% ari bo bemera umukenyuro wiwe wo gutorera umuti ikibazo c'ubuzima buzimvye muri Amerika.

Ibindi biharuro biherutse gusohoka vya Harvard Caps/Harris, vyerekana ko 49% vy'abatora biyandikishije bemera ko Trump akora neza, bikaba vyagabanutse kuva kuri 52% mu kwezi guheze. Ariko rero, ibi biharuro nyene vyerekana ko 54% vy'abatora bemera ko ariko akora neza kuruta uko Joe Biden yakoze ari umukuru w'igihugu.

Umwe mu bari mu myiyerekano i Washington yitwa Theresa yabwiye BBC ko yari yitavye imyiyerekano kubera ko "turiko turatakaza uburenganzira bwacu duhabwa na demokarasi".

Ati: "Ndafise impungenge nyinshi ku kuntu bariko bagabanya amafaranga reta ikoresha", akongerako y'uko afise n'amakenga ku bijanye n'inyungu z'ikiruhuko c'izabukuru n'iz'uburezi.

Abajijwe nimba yiyumvira ko Trump yariko arakira ubutumwa bw'abari mu myiyerekano, yavuze ati: "Reka turabe. [Trump] yama yikinira golf hafi buri musi".

Trump nta co yavugiye ku mugaragaro ejo ku wa gatandatu, mbere yamaze umusi wose akina golf mu kibanza ciwe aruhukiramwo i Florida. Bitegekanijwe ko abandanya akina kuri uno wa Mungu.

I Washington, abari mu myiyerekano baneguye ingingo ya Trump yo gutoza amakori izinga rya Autralia ribamwo inyoni zo mu bwoko bwa penguin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, I Washington, abari mu myiyerekano baneguye ingingo ya Trump yo gutoza amakori izinga rya Autralia ribamwo inyoni zo mu bwoko bwa penguin
N'i Houston mu ntara ya Texas habaye imyiyerekano

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, N'i Houston mu ntara ya Texas habaye imyiyerekano

Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu) yasohoye itangazo rishigikira imigambi ya Trump, ivuga ko azobandanya akingira imigambi nka Medicare, yongera yerekana ko abademokarate ari bo bageramiye igihugu.

"Potirike ya Perezida Trump iratomoye: azokwama akingira imigambi y'Ubwishingizi, Medicare na Medicaid ku babifitiye uburenganzira. Hagati aho, abademokarate bobo bashaka ko Ubwishingizi, Medicare na Medicaid bihabwa abanyamahanga batemewe n'amategeko, ibi bizotuma iyi migambi ihungabana ibangamire n'Abanyamerika bakuze".

Umwe mu bajenama bakuru ba Trump mu bijanye n'abimukira, Tom Homan, yabwiye ikinyamakuru Fox News ejo ku wa gatandatu ko abari mu myiyerekano bakoraniye hanze y'umuhana wiwe i New York, ariko ko ico gihe yari i Washington.

"Barashobora kugira imyiyerekano uko bashaka imbere y'inzu itagiramwo umuntu n'umwe", niko Horman yavuze, aho yongeyeko ko iyi myiyerekano "yazibiye" abajejwe umutekano, ikanabuza abarongozi kwitaho ibindi bikorwa nyamukuru.

Homan abandanya ati: "Imyiyerekano n'amakoraniro, nta na kimwe bivuze".

"Rero shake mubandanye kuko ni uburenganzira bwanyu bwo gushikiriza akari ku mutima. Nta na kimwe bizohindura".

Muri St. Paul, Minnesota, abari mu myiyerekano batutse Trump banamanika ibendera rya Amerika baricuritse, ubutumwa bw'umubabaro bwabaye ikimenyetso c'imyiyerekano

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri St. Paul, Minnesota, abari mu myiyerekano batutse Trump banamanika ibendera rya Amerika baricuritse, ubutumwa bw'umubabaro bwabaye ikimenyetso c'imyiyerekano
Ibihumbi n'ibihumbi bitabiriye imyiyerekano i Washington DC.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi bitabiriye imyiyerekano i Washington DC.