Urubanza rwa Basabose na Twahirwa: Mu bumvirijwe harimwo abahoze mu zari inyeshamba za FPR

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseri

Ejo ku wa gatatu, urubanza rw’Abanyarwanda Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994, sentare yumvirije ivyabona vy’umushikirizamanza.

Kuri uwo musi ugira 21 w’imburano, sentare yumvirije ivyabona bitatu, harimwo babiri bahoze mu nyeshamba za FPR, umugambwe uri ku butegetsi mu Rwanda muri kino gihe.

Uwa mbere yumvirijwe ari mu Rwanda hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo, ni umugabo w’imyaka 53 avuga ko yagiye ku rugamba rwa FPR mu 1992.

Yavuze ko yabana na Séraphin Twahirwa mu myaka ya 1990, kandi amuzi ko yakoresha imyimenyerezo ya gisirikare ayiha Interahamwe.

Yagize ati: “FPR itanguye gutera Urwanda niho Séraphin batazira Cihebe yatanguye kwegeranya urwaruka rw’Abahutu kugira abahe imyimenyerezo ya gisirikare, kuko twebwe abana b’Abatutsi ntibatwerekwa.

“Abavyeyi bacu barahagarikwa, bagapfungwa, bakicwa bazira ubwoko bwabo. Warabona ko hari icariko kirategurwa kuko no mu mashure baratunena. Vyarabandanije, abantu bakicwa turaba.

“Niho nafata ingingo yo kuja ku rugamba, nkaba nagarutse mu 1994 dufashe igihugu, inganda zaratikiye kandi bake nahasanze bacitse kw’icumu bambwiye ko uwabahekuye ari Twahirwa”.

Hakurikiye ikindi cabona, umugabo yavutse mu 1950, yumvirijwe biciye mu nyandiko kuko sentare itashoboye kumuronka kugira yitabe intahe, bakaba bakeka ko yoba atakiriho.

Sentare yasomye ivyo yabwiye umurwi w’amatohoza wa parike (ubushinjacaha) ya Kigali, nawe nyene yemeje ivyo uwo wa mbere yavuze, aho yemeje ko Twahirwa yamubona atemberana ibirwanisho kandi yafata ku nguvu umugore ashaka.

Yongeyeko ko atawobishidikanya kuko atinyegeza, ko yabikora ku mugaragaro.

Uwugira gatatu ni umugabo w’imyaka 57 avuga ko yari yagiye ku rugamba mu gisirikare ca FPR, akaba ari incuti ya Twahirwa kuko avukana n’umugore wiwe. Yasuye (yatanze ubuhamya) ari i Kigali, hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo.

Avuga ko Séraphin Twahirwa yarongoye mushiki we ku nguvu, bagize baravuga agaca ababwira ko azobica babona guhesha, kuko “yari umuntu yavuga rikijana kuva kera kuko yigamba ko ari incuti ya Perezida Habyarimana”.

Ati: “Twahirwa, uretse ko yarongoye mushikanje ku nguvu akamuvyarako abana batatu, yarafata abandi bagore ku nguvu kandi twarabibona, ikibabaje ni uko maze kuja ku rugamba yatoteje umuryango wanje kandi azi neza ko ari uw’umugore wiwe.

Avuga ko yabaye mu basirikare 600 ba mbere ba FPR binjiye i Kigali bari begeranijwe muri CND (Conseil National de Développement, ingoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka) mu rwego rw’amasezerano ya Arusha.

Avuga ati: “Indege ya Habyarimana ikorowe, [Twahirwa] yakoresheje inama i Gikondo irimwo Interahamwe n'abasirikare bacungera Habyarimana baca batangura kwica badatora muri ako karere. Ayo makuru narayaronka kuko vyaradushikira biciye ku baduha inkuru y’ivyariko biraba.

“Ndi mu bambere bashitse i Gikondo mu ntambara zikomeye; ivyo niboneye ni agahomerabunwa, imivyimba yari isanzagaye hose. Abo twahuye bambwiye ko ari Interahamwe za Twahirwa zabishe, mbere nabo twafatiye ku rugamba baravyemeje”.

Ariko mu bumvirijwe, nta kinini bavuze kuri Basabose yari muri sentare iruhande ya Twahirwa.

Umukuru wa sentare, Elisabeth De Saedeleer, yavuze ko uru rubanza bitegekanijwe ko ruzorangira mu ntango z’ukwa cumi na kabiri, akemeza ko sentare izoba imaze kwumviriza ivyabona vyababa 100.