Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jenoside yo mu Rwanda: 'Sinumva ukuntu abapfiriye muri quartier bose babangerekako' – Twahirwa
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Buruseli
Ku musi ugira 17 w’urubanza rwa Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose, sentare yabandanije yumviriza ivyabona vyavuye mu Rwanda, bibandanya vyemeza ko bagize uruhara mu vyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu 1994.
Mu bumvirijwe ejo ku wa gatatu igenekerezo rya 08 Munyonyo (11) 2023, uwa mbere avuga ko yitwa Musabyimana Adrienne, umugore w'imyaka 56 akaba ari umucuruzi.
Yavuze ko ata sano ry'amaraso afitaniye na Twahirwa ariko ko umugore wa Twahirwa, Uwimana Primitive, yari muramukaziwe, ni ukuvuga mushiki w'umugabo wiwe, yishwe muri jenoside.
Yavuze ko mu 1994 yaba hafi yiwe muri segiteri ya Gikondo mu gisagara ca Kigali.
Sentare yabajije iki cabona (umutangabuhamya mu Kinyarwanda) uburyo Twahirwa yarongoyemwo umugore wiwe, yavuze ko yamurongoye ku nguvu.
Yemeje ko yagendera kwa Twahirwa kenshi, ko hari inzu yo mu kigo (annexe) Twahirwa yari yashizemwo Interahamwe. Yagize ati: "Ni we yazigaburira, akaziha imyambaro, akaziha n'uburaro".
Avuga ko ibikoresho vyose vyegeranirizwa kwa Twahirwa hakaba ari ho vyatangirwa, kandi hakaba ari na ho hatangirwa amabwiriza.
Bamubajije niba hari bariyeri yabonye, yishuye ko amabariyeri i Gikondo mu gihe ca jenoside ataco yoyavugako kuko atari ahari, akavuga ko yari yarahunze, ariko ko umusi yahunga bari bazibiye ibarabara bakoresheje amapine.
Babajije Twahirwa ico avuga kuri ibi, yishuye ati: "Narababwiye ko ivyabaye mu Rwanda na jewe ntabona uko novyita. Kandi nababwiye ko navuye i Gikondo kw’itariki 8 Ndamukiza (4), sinahagarutse. Sinumva ukuntu abapfiriye muri karitiye [quartier] bose babangerekako".
Hakurikiye Nsengimana Ali yari i Kigali akaba yumvirijwe hakoreshejwe uburyo bwa videwo. Avuga ko mu 1993 yaba i Gikondo aho Twahirwa yaba igihe yakora mu bushikiranganji bw'ibikorwa vya leta "MINITRAP".
Nawe nyene yashimangiye ko Twahirwa yamwiboneye yica agafata abagore ku nguvu, mbere n’Interahamwe yari arongoye ko zagenda zigamba ku bagabo zafatiye abagore ku nguvu.
Uyu mugabo vyaboneka ko afise amagara make ijwi ryiwe ntiryasohoka neza, ivyatumye umukuru wa sentare amusaba ko yomusomera icegeranyo c’ivyo yabwiye umurwi w’amatohoza mu 2019 kugira avyemeze canke abihakane.
Elisabeth de Saedeleer yari arongoye iyi ntahe yamusomeye ivyo yavuze mu 2019, aho yavuze ko abantu bari barongowe na Twahirwa binjira mu ngo z’abantu bakabahohotera, bakabatwara n’ivyabo.
Abajijwe niba ibi yavuze ico gihe yobisobanura neza, n’ijwi riri hasi, Nsengimana yagize ati: “Abantu baricwa bazira ko ari Abatutsi, mbere na jewe baranteye, kandi na Twahirwa yarimwo mbere ni we yari abarongoye”.
Asabwe gusigura ingene yari azi Twahirwa, yishuye ko amuzi neza, ko bakoranye mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya leta, kandi ko yari umuntu atagira ico atinya.
Ati: “Nta n’ikintu yubaha, yinjiye mu kabare yavuga ko afitaniye isano n’umuryango wa Habyarimana kugira ngo tumugurire ico kunywa”.
Yabajijwe icatumye mu 2019 avuga ko Twahirwa yari umuntu adasanzwe, akaba yishuye avuga ko impamvu yatumye avuga gutyo ari uko mu bisanzwe abasivire batitwaza ibirwanisho, ariko ko “Twahirwa we yagendana inkoho z’ubwoko butandukanye, kandi akigamba ko avuye kwica umuryango runaka ntibimutere isoni”.
Humvirijwe uwundi biciye mu nyandiko yiwe, n’ubwo abamwegereye batashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona. Na we nyene yemeje ivyo abandi bavuga, vyagirizwa Twahirwa.
Babajijwe ku ruhara rwa Basabose, aba bumvirijwe ejo ku wa gatatu nka bose nta kinini bavuze kuri Pierre Basabose, bakavuga ko bumva bamuvuga ko yafasha Interahamwe nubwo batamubona.
Bitegekanijwe ko ivyabona vyavuye mu Rwanda bibandanya kwumvirizwa gushika kuri uno wa kane.