Guterera amahera hejuru - amadidane mu manza z'ubugeni muri Nigeria

Ku banye Nigeria benshi, ikintu gihambaye mu kwigina ubugeni kirageramiwe.

Uwo mwanya uba urindiranywe igishika.

Abageni baratamba hanyuma abatumire bagaca begenda bashize hejuru imituri y'inoti.

Mu gihe bariko baravuza umuziki, baca batangura guterera - canke, nk'uko bavyita ngaha, "kunyabagiza" - amahera mu kirere no ku bubakanye.

Amahara aba anyabagiye hasi hanyuma bamaze kuyatora, ashobora gukoreshwa n'abo bubakanye mu kugura utuganuke canke mu kuriha ivyakoreshejwe mu rubanza.

Umwe mu baheruka kwitaba urubanza rw'ubugeni mu gisagara ca Kano, mu buraruko bwa Nigeria yabwiye BBC ati:"Siniyumvisha ingene nokwitaba urubanza ata mahera ntanze. Bisa n'uko tutoba twashimye canke twakunze abagize ibirori."

Umusore yari yubatse urwiwe atashaka kuvugana na BBC itemeye guhisha izina ryiwe kuko atinya kugirirwa nabi, avuga ko abandanya kuraba video n'amafoto y'ingene baterera amahera mu kirere "kuko narabikunze cane."

Ikibazo n'uko abategetsi batanguye kubuza ivyo guterera amahera mu kirere. Bamwe mbere baramaze gupfungwa.

Itegeko ryo 2007 rigenga ibanke nkuru ya Nigeria ntirica ku ruhande. Rigira riti:"Kugira ntihabe ugukekeranya, guterera, gutambira canke guhonyora kuri naira [amahera akoreshwa muri Nigeria] canke iyindi noti yatanzwe na banke mu gihe c'amakoraniro mu mibano canke ahandi, n'icaha".

Igihano ntikiri musi yo gupfungwa amezi atandatu canke ihadabu rya 50.000 nairas (36$) , canke vyose ko ari bibiri. Ayo mande yashinzwe mu 2007, n'ubu ntarasubirwamwo hafatiwe ku kungene amahera yagiye arata agaciro.

Mu nyandiko y'amategeko zihari haraciye imyaka 17, ako gace karirengagijwe cane gushika muri iyi misi ya vuba, aho igisata kigwanya ivyaha, akanama gakurikirana ivyaha bifatiye ku butunzi (EFCC), kamenyeshereje ko kariko karagira isekeza ryo guhana "icaha ico ari co cose co kwonona ifaranga rya naira".

Abategetsi bavuga ko guterera naira mu kirere vyerekana urupfasoni ruke kuri kimwe mu biranga igihugu bikomeye.

Bamwe mu baraba ibintu n'ibindi bavuga ko umukuru mushasha w'urwego EFCC, Ola Olukoyede, ariko arashaka kwimenyekanisha mu gukora urwo ruhigi.

Mu kwezi kwa kabiri, umukinyi wa filime Oluwadarasimi Omoseyin yaraciriwe gupfungwa amezi atandatu kubera yatereye mu kirere yongera arahonyora inoti nshasha za naira.

Mu kwezi guheze, umwe bantu rurangiranwa muri Nigeria, Bobrisky, yaremeye ivyaha bine yakoze kw'ifaranga rya Nigeria, ubu akaba ariko arakora igihano ciwe.

Bobrisky yabonetse muri video aterera amahera mu kirere nk'ikimenyetso co gushima mu birori bitandukanye.

Ico gisata kivuga ko abantu bashika 200 hirya no hino mu gihugu bashobora gucirwa urubanza, mu gihe 24 bamaze guhamwa n'icaha.

Kubera iryo sekeza, abantu bararungitse ari benshi ku rubuga rwa EFCC video z'abantu batanga amahera, ariko ico gisata kivuga ko kidashobora gufata bose.

Biragoye gutahura ingene umugenzo umaze imyaka mirongo utuzwa muri ubwo buryo.

Umuhinga muvyo akahise, Prof Tijjani Naniya yarakurikiranye kahise k'urukundo rw'abanye Nigeria no kunyabagiza amahera mu kirere gushika mu 1940, aho yemeza ko imiryango ibibona nk'uburyo bwo gufasha abagize ubugeni bashasha.

Yabwiye BBC ati:"Mu ntango, abantu ntibaterera amahera hejuru, ahubwo uwagize ubugeni yaguma yicaye mu gihe abantu bamwegera bakaza baramushira amahera mu mufuko.

"Bwari bwo buryo bwo kumufasha... mu gihe yaba atanguye ubuzima bushasha butwara uburyo.

"Mu nyuma ni ho vyahinduka muvyo guterera amahera mu kirere mu gihe abagize ubugeni baba bariko baratanba. Gutyo, uwuyatereye hejuru yerekana igihagararo c'umuntu atunze, abantu bagaca bahiganwa kugira bemerwe gusumba abandi mu guterera mu kirere amahera menshi gusumba abandi."

Tijjani yemeza ko bizogorana ko abanye Nigeria bahagarika uwo mugenzo, ariko avuga ko uko ubutunzi bwifashe ubu vyagabanuye cane uwo mugenzo.

Agira ati:"Guterera inoti hejuru nta kindi vyari bitumbereye atari 'kwiyemera', rero mu gihe ubutunzi bumeze nabi, abantu benshi barabihagaritse."

Ariko rero, uwo mugenzo waratandukiriye no mu zindi manza atari izo ubugeni.

Hadiza Usman, aherutse kuronka amahera mu rubanza rwo kwizihiza isabukuru yiwe y'amavuka, avuga ko adashobora kwumva ibirori vyo muri Nigeria ayo mahera atarimwo.

Agira ati:"Twakuze tubona abavyeyi bacu baterera amahera hejuru habaye ibirori, ubu rero ivyo biri mu migenzo yacu hose muri Nigeria."

Muri ico gihe nyene hari bamwe nka Usman Idris batarigera baterera amahera hejuru na rimwe kubera badakunda uwo muco.

Agira ati:"Ndanka ivyo bintu kubera bisa n'ibishaka kwerekana ko igihugu cacu gitunze ariko muvyo ukuri hariho abakene benshi.

"Uko imyaka igenda, abo mw'idini rya Islam bagiye baragabisha abakora ivyo, ubu rero aba Islam batanga amahera muri ubwo buryo ku manza, bagenda baragabanuka.

Bamwe mubanyedini babona uwo mugenzo nk'ubwishime kandi babona ko gutanga ayo mahera mu bikorwa vyo gufasha vyoba vyiza gusumba. Mu kigoro ko guca intege abaterera amahera hejuru, bamwe bavuze ko amahera yaterewe hejuru azohindukamwo inzoka izorya uwayatereye hejuru mu mva yiwe amaze gupfa.

Uwuraba ibintu n'ibindi mu mibanire y'abantu, Sani Bala avuga ko iryo sekeza ryo kurwanya uwo muco ata co rizoshikako.

Agira ati:"Nibaza ko, mu guhagarika guterera amahera mu kirere, reta ikwiye guhera hejuru, kuko turamaze kubona abakuru b'intara n'abashikiranganji baterera amahera hejuru ata co binona.

"Ubwa kabiri, mbona ko iki gihe atari co, co kubikora, kuko benshi mu banye Nigeria bafise ibindi vyinshi bibagoye."

Ariko haramaze kuba impinduka nto mu nyifato igaragara mu bibanza bimwe bimwe.

Guterera amahera hejuru ubu bisaba ko hatagira uwugufata video canke ifoto, canke rimwe na rimwe ukemera gushira amahera mu mufuko y'uwagize ubugeni.

Na yo ku batunze cane muri Nigeria, hari ubundi buryo bwo kubikora: barashobora kunyabagiza amadorari, amapawundi canke ama Euro kuko iryo tegeko riraba gusa naira.