Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump arasabira Netanyahu gukurwako urubanza rwa ruswa
Perezida wa Amerika Donald Trump yahamagariye Israel "kubabarira" Benjamin Netanyahu ku rubanza aregwamwo kunyuruza umutungo wa leta canke igafuta urubanza burundu.
Yavuze ku mbuga ngurukana bumenyi ko Amerika yatabaye Israel - yisunze igitero ca Amerika mu ngwano ya Israeli na Irani- k'ubu naho ari ugutabara Netanyahu.
Umushikiranganji wa mbere wa Israeli arahakana ivyaha vyo kurya igiturire, uburiganya no gutakaza ubwizigirwa, ivyaha yagirizwa mu rubanza ariko arakwirikiranwamwo kuva mu 2020.
Netanyahu yanditse ku rubuga ngurukana bumenyi ashimira Trump ku bufashe yamuhaye no ku bufashe bukomeye aha Israeli.
Indongozi kizigenza atavuga rumwe na leta Yair Lapid yaneguye urwandiko rwa Trump avuga ko adakwiye mu bijanye n'amategeko y'igihugu cigenga.
Trump yanditse ku mbuga ngurukana bumenyi ayo majambo imisi mike inyuma y'uko ashinyagurije Israeli ku gutera Irani ahejeje kumenyesha ko yashitse ku masezerano y'uguterana ibisasu vya misile vyamaze imisi12 hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Netanyahu yagumye ashimagiza ingingo ya Trump yo gutera amabombe ku nyubako za nucleyere za Irani ku musi w'imana akavyita intambwe nziza idasanzwe.
Trump yavuze ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe yise Truth social ko iyo ncuti y'igihe kinini ari ''intwari ikomeye yakoreye vyinshi Israel akaba n'umugwanyi.
Yavuzeko urubanza rwa Netanyahu rukwiye guhebwa ako kanya canke agahabwa ikigongwe, yongeye avuga ko yamenye ko Netanyahu azokwitaba ubutungane ku musi wa mbere. Netanyahu amaze kwitaba ubutungane kenshi kuva uru rubanza rutangura.
Trump yise urubanzarwa Netanyahu nk'uruhigi kuri we- ijambo yagumye akoresha mu manza ziwe yari afise muri Amerika. Yongeyeko ko uku gukoresha ubutungane mu kurenganya bidakwiye kwemerwa.
Inyuma yo kuvuga ko atanumwe azi bari gukorana neza nka we Netanyahu yamwishuye avuga ati: ''Tuzobandanya gukorana dutsinde abansi dusangiye, turekuze abafashwe bunyago kandi dusasasagaze amahoro.
Ariko Yair Lapid yamenyesheje ko ayo majambo yo kugerageza gushimagiza Netanyahu ashobora kuba ari amwe mu ntumbero yindi ya Trump.
Yabariye ikinyamakuru Ynet ati : "Ndizeye kandi ndikeka ko uku ari ugushimagiza kwa Trump kuri Netanyahu kubera ariko ategura gusugereza Netanyahu ku kibazo ca Gaza ashobore gushika ku masezerano yo kurekura abafashwe bunyagano ari nayo azoheza ingwano.
Imanza za Netanyahu ziriko ziraba mugihe Israeli iri mu ngwano zitandukanye kuva igitero ca Hamas cahitanye abantu kw'italiki 7 z'ukwa cumi mu 2023, bigatuma ibijanye n'urwo rubanza biteba.
Na cane cane ingwano muri Gaza kuri Hamas imaze igihe kirekire yatumye bamwe bavuga ko Netanyahu agomba ko ibandanya bigatuma amatora n'urubanza rwiwe biteba.