Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero kw’itongo ry’abapfuye ry’Abakristu i Jerusalem: imisore ibiri muri yompi
Na Raffi Berg
BBC News
Imisore ibiri iri mu minwe y’igipolisi ca Israel mu matohoza ku gitero cabaye kw’itongo ry’abapfuye ry’Abakrsitu i Jerusalem.
Igipolisi kivuga ko iyi misore ibiri ifise imyaka 14 na 18 ikaba iva hagati muri Israel.
Kivuga ko imva kuri iryo tongo rya kera cane rizwi nka Protestant Mount Zion Cemetery, zononekaye kubera ibitero nkana bifise intumbero yo kwonona.
Ishengero rya Anglican muri Israel, abategetsi b’Abayahudi hamwe n’abakuru b’ishengero mu Bwongereza bariyamiriza iki gitero cakozwe ku wa Mungu.
Amashusho ya za kamera (camera) zicunga umutekano yerekana imisore ibiri ihenura imva yari imeze nk’umusaraba yongera imenagura n’izindi.
Iyo misore iboneka yambaye inkofero zikunda kwambarwa n’abayahudi zizwi nka Kippah, hamwe n’ibitsibo bizwi nka tzitzit ku mpuzu zabo, ibi bigasigura ko ari abo mw’idini ry’Abayahudi. Imva zirenga 30 zarononywe muri ico kibanza kiri hafi ya Yeruzalemu ya kera.
Uretse kumenyesha imyaka yabo n’iyo baturuka, igipolisi ca Israel nta zindi nsiguro gitanga kuri iyo misore yagirizwa.
Musenyeri mukuru wa Anglican Hosam Naoum avuga ko atangajwe kandi ababajwe n’ico gitero avuga ko gisa n’ikiri mu rukurikirane rw’ibindi.
Igihe yagendera iryo tongo ku wa gatatu, yavuze ati: “Turabona ko amajambo y’urwanko n’ibikorwa bibi vy’urwanko biriko biriyongera”.
Ibiro vy’ubuserukizi bw’Ubwongereza i Yeruzalemu bivuga ko iki ari “igitero ca nyuma giheruka mu rukurikirane rw’ibitero ku Bakristu n’amatungo yabo hagati no hanze y’igisagara ca kera”.
Musenyeri mukuru wa Canterbury, Justin Welby, akaba ari we mutegetsi mukuru w’idini rya Anglican mu Bwongereza, avuga ko guhumanya imva ari “icaha co gutyoza”, mu gihe umukuru w’idini rya Orthodox mu Bwongereza Rabbi Sir Ephraim Mirvis avuga ati: "Ubo bwononyi buteye isoni ni uguhumanya bimwe vy’agasuzuguro, nkizera ko ababikoze bazofatwa kandi bagashengezwa imbere y’amategeko”.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire na we nyene ariyamiriza ico yita “igikorwa c’ubupfamutima” kikaba “n’agasuzuguro kw’idini”.
Iri tongo ry’abapfuye ryatangujwe mu 1848 kandi rikaba rikurikiranwa n’amashengero y’Abaluteri (Lutheran) hamwe n’aba-Anglican.
Mu bahambwe muri ryo harimwo abahinga, abanyaporitike, abasirikare hamwe n’abarongoye amadini, abenshi muri bo bakaba ari abantu bari bazwi cane muri ico gisagara ceranda.