Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: abatemera Imana basaba ko amasengesho mu mashure avanwaho
Ishirahamwe ry'abahakanyi muri Kenya ryandikiye umushikiranganji w'indero w'iki gihugu rimusaba kubuza ivyo gusenga mu mashure ya reta imbere y'uko ibibazo vya reta bitangura.
Iri shirahamwe rivuga ko guhatira abanyeshure gusenga ari uguhonyanga agateka kabo.
Amashure ya reta muri Kenya afise umugenzo wo gutegura amasengesho imbere y'uko abanyeshure batangura ibibazo vya reta.
Muri ino ndwi, amashure yateye akamo abavyeyi ko bokwifatanya nayo muri ano masengesho yamaze kuba nk'umugenzo kugira ngo abana babo bitegurire neza ibibazo.
Muri uru rwandiko, havuga ngo: "Abanyagihugu ba Kenya benshi bari muri ano mashure ya reta aho ivy'amasengesho ari itegeko".
Iri shirahamwe rivuga ko abana bakwiye guhabwa uburenganzira bo nyene bwo kwifatira ingingo ku bijanye n'idini.