Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Mupfasoni avuga ko yahunze u Burundi kubera akundana n'abo basangiye igitsina
Na Cyriaque MUHAWENAYO
BBC Gahuzamiryango - Kakuma, Kenya
Mupfasoni yaracanyemwo n'umuryango umaze kumenya ko akundana n'abo basangiye igitsina, aca ahitamwo gutandukana na wo.
Imbere y'uko yiyemeza kuvyemanga ku mugaragaro, ngo yaguma yinyegeza.
Mupfasoni - izina twamutaziriye kubera atipfuza gutangazwa - yarahunze ashika mu ikampi ya Kakuma mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya, aho aba gushika ubu.
Agira ati: "Nahora ninyegeza, ariko mu nyuma nza kubishira ahabona ko nkundana n'umukobwa nkanje, kubera kuguma ninyegeza nta co vyari kumarira, nta n'ubufasha nari kuronka.
"Ni ngombwa wiyerekane mu bantu uvuge ko ukundana n'umukobwa nkawe, hari igihe bagutahura. Kandi n'aho batogutahura, igikuru n'uko uba wabishize ahabona."
Mu bihugu vyinshi vya Afrika amategeko ntiyemerera abubakana basangiye ibitsina, muri bimwe bimwe imibonano mpuzabitsina y'abahuje igitsina ni icaha gihanwa n'amategeko mpanavyaha.
Mu Burundi, amategeko ntiyemera abubakana basangiye ibitsina, eka abakora imibonano mpuzabitsina babisangiye bashobora gupfungwa hagati y'amezi atatu n'imyaka ibiri.
Ariko abayeho muri ubu buzima babandanya biyerekana mu bihugu bifata ibi nk'ikizira, bavuga ko ibi ari uburenganzira bwabo, rero ko atawukwiye kubibahora.
Mupfasoni avuga ko abantu babonye abakundana basangiye igitsina babifata nabi kuko ivyo muri Afrika ari ingingo ifatwa nk'ikizira, ati: "Ni na co catumye umuryango wanje unca. Gushika ubu ndi jenyene."
'Naravyaye ariko ndaciyumva nk'umugabo'
Mupfasoni w'imyaka 24 yaribarutse, akaba afise umwana w'imyaka ine. Ariko ngo ntiyavyaye ku gushaka, avuga ko yafashwe ku nguvu agatwara imbanyi.
Agira ati: "Nagiye mu musi mukuru turanywa turaboregwa hanyuma sinamenya umuhungu twatahanye, mu nyuma nza kumenya ko mfise inda. Nafashe ingingo yo kuvyara uwo mwana ariko ndaciyumva nk'umugabo.
"Nafashwe ku nguvu kuko nari nanyoye cane nataye ubwenge, nta kintu na kimwe nari nkimenya, birashika rero nca nsanga mfise inda, nta vyo kuja kuyikuramwo, naciye nja kwa muganga bampanura kuyivyara n'aho jewe niyumva nk'umugabo.
"Bambwira ko hari n'abandi bameze nkanje ariko bafise abana. Bati 'tekana ntukuremwo iyo nda, kizima uzi wewe uko uremwe'."
Mupfasoni avuga ko afise afise umukunzi wiwe w'umukobwa muri iyo kambi ya Kakuma nyene, kandi akaba ategekanya kwubakana na we.
Iyo abonye ari kumwe n'abandi bahungu canke abakobwa ngo arashavura cane nka kurya kw'abahungu.
Avuga ati: "Eeeh.. ni ngombwa nyene ko mpfuha nimba ndamukunda. Ndashavura nyene mboye ariko aravugana n'umugabo canke n'uwundi mugore.
"Biranshikira nkagwana nyene. Kuko sinihanganira kubona umukobwa dukundana akunda uwundi mugabo, nca mpfuha kuko umwanya uwo ari wo wose ashobora guca ampeba."
Mupfasoni avuga ko ivyo kubinuba mw'ikambi ya Kakuma ubu biriko birahera kuko bamaze kuba benshi kandi baramaze no kubamenyera ko ari abantu kimwe n'abandi.
Ikiganiro kirambuye na 'Mupfasoni' kiratambuka mu makuru ya BBC-Gahuzamiyango kuri Radiona Facebok Live Saa 18h30 mu Burundi no mu Rwanda.